Mali: Igisirikare kivuga ko catesheje coup d’Etat ishigikiwe n’Uburengero

Ahavuye isanamu, AFP
Abategetsi ba gisirikare muri Mali bamenyesha ko batesheje abagerageje gutembagaza ubutegetsi mu ndwi iheze barongowe n'intwazangabo za gisirikare bafashwe mu mugongo n'igihugu co mu Burengero kitavuzwe izina.
Itangazo ryasomwe nijoro ku mboneshakure ya reta rivuga ko « akarwi nk'inkehwa kanka iterambere kagizwe n'intwazangabo za Mali kagerageje gutembagaza ubutegetsi mw'ijoro ryo ku wa 11 buca ari uwa 12 Rusama (5), 2022 ».
«Aba basirikare bari bashigikiwe n'igihugu kimwe co mu Burengero. Iyi coup d'Etat yarateshejwe ku butwari n'ubuhinga bw'ingabo zijejwe umutekano no kwivuna abansi ».
Iri tangazo ntiritanga insiguro kuri aba bantu bashatse gutembagaza ubutegetsi canke aho baherereye, ariko ko bazoshikirizwa ubutungane.
Rivuga ko amarondo yakomejwe mu micungararo y'umugwa mukuru Bamako no ku mbibe za Mali.
Umusirikare atashatse ko izina ryiwe rimenyekana avuga ko abantu bababa 10 bamaze guhagarikwa abandi nabo bakaba bariko bararonderwa.
Reta ivuga ko «uburyo bwose bukenewe» buriko buregeranywa kugira amatohoza yorohe maze ababigizemwo uruhara bamenyekane.
Gushika ku mugoroba w'ejo ku wa mbere, nta kimenyetso na kimwe cerekana iri tembagazwa ry'ubutegetsi rivugwa ryateshejwe.
Igisirikare kimaze gutembagaza ubutegetsi incuro zibiri kuva muri Myandagaro (8) 2020, igihe gisenyura ubutegetsi bwa Perezida Ibrahim Boubacar Keita (IBK) yari yitorewe n'abanyagihugu.
Iki gihugu co muri Afrika y'Uburengero kimaze igihe mu ntambara n'inyeshamba ziyitirira idini rya Islam ifitaniye ubucuti na Al-Qaeda n'umuhari wiyitirira Reta ya ki-Islam (Etat Islamique/ Islamic State) kuva mu 2012 mu buraruko no hagati mu gihugu.
Intambara yahavuye itandukira n'ibihugu bibanyi vya Niger na Burkina Faso.
Imigenderanire hagati ya Mali n'ibihugu vyo mu Burengero, harimwo n'Ubufaransa - igihugu co mu Burengero cahoze cahoze gitwara Mali mu gihe c'ubukoloni - yaratitutse inyuma y'aho yungiye ubucuti bwa hafi n'Uburusiya, mu ntambara yaco n'izo nyenshamba.
Igisirikare cari cemeye gusubiza ubutegetsi mu minwe y'abasivire muri Ruhuhuma (2), 2022, ariko ntivyakunze, ivyatumye akarere gafatira ibihano iki gihugu.
Ku wa Mungu, Reta y'ico gihugu igizwe ahanini n'abasirikare yatangaje ko igiye kwiyonkora ku murwi w'ibihugu vya Afrika y'Uburengero vyishize hamwe (G5) mu rugamba rwo kurwanya inyeshamba ziyitirira Islam inyuma y'aho cankiwe kurongora uwo murwi w'akarere.
Ubutegetsi bwa gisirikare buvuga ko abakuru b'ibihugu bigize uyu murwi bategerezwa guhurira i Bamako mu kwa kabiri gushikiriza Mali uburongozi bwawo, ariko ko haheze amezi hafi ane iyo nama itaraba.
Uyu murwi G5 uhurikiyemwo kandi ibihugu vya Mauritania, Tchad, Burkina na Niger watangujwe mu 2014, hanyuma mu 2017 hashingwa igisirikare co kurwanya izo nyeshamba.
Mu cegeranyo yashikirije Inama nkuru ijejwe umutekano kw'isi ku wa 11 Rusama (5), umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yamenyesheje ko ikirangamisi c'ubutegetsi bw'imfatakibanza kidatomoye gituma iki gisirikare mpuzabihugu co kurwanya izi nyeshamba kidashobora gukora ico cagenewe.











