Kubera iki ingabo za France ziriko zirava muri Mali, bizogira ingaruka nyabaki muri Sahel?

Ahavuye isanamu, AFP
Perezida Emmanuel Macron yatangaje ko agiye kuvana ingabo z'Ubufaransa mu gihugu ca Mali kiri mu burengero bwa Afrika, aho zari zimaze igihe zitana mu mitwe n'inyeshamba ziyitirira Islam kuva mu 2013.
Hari ingabo 5000 z'Ubufaransa muri Mali no mu bihugu bihana urubibe nayo, aho zirwanya imirwi nka al-Qaeda na Etat Islamique/Islamic State.
Ariko kuva mu myaka umunani iheze, reta ya Mali n'abanyagihugu bayo bagiye batabonwa ryiza uko bukeye uko bwije.
Iterabwoba rimeze gute muri Mali no mu karere ka Sahel?
Imirwi Etat Islamique na al-Qaeda yompi yarafashe ingingo yo kwizizira akarere ka Sahel muri Afrika, inyuma yo gutuzwa mu Burasirazuba bwo hagati.
Sahel ni akarere kari musi y'ubugaragwa bwa Sahara kava mu buseruko kagashika mu burengero bw'umugabane. Gahurikiyemwo ibihugu nka Tchad, Niger, Mali, Burkina Faso na Mauritania.

Umurwi Islamic State in the Greater Sahara (ISGS) n'umurwi wegamiye kuri al-Qaeda, uzwi nka Jamaat Nusrat al-Islam wal-Muslimin (JNIM), ibandanya ikora ibitero vy'iterabwoba muri ako karere, bimaze guhitana ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu, ibihumbi mirongo nabo barata izabo, amashure ibihumbi n'ibihumbi nayo arugarwa.
Hariho iyindi mirwi ibiri yindi yiyitirira Islam nayo nyene irwanira muri Sahel: Ansaroul Islam na Boko Haram.
Muri uku kwa kane 2022, izi nyeshamba zarateye amakambi atatu ya gisirikare muri Mali hagati, hamwe n'iyindi imwe muri Burkina Faso, zica abasirikare batandatu.
Kubera iki Ubufaransa bwinjiye muri iyo ntambara?
Mu 2013, Ubufaransa bwarungitse ingabo 5000 muri Mali bubisabwe na reta y'iki gihugu yari igeramiwe n'inyeshamba.
Inyuma y'aho Perezida Muammar Gaddafi wa Libya akuriwe ku butegetsi akanagandagurwa, abacangero b'aba Touareg bamurwanira barasubiye mu gihugu cabo ca Mali bafise intumbero yo kurwanira ubwigenge bw'akarere k'Uburaruko bw'iki gihugu.
Bakoresheje ibirwanisho bahawe na Gaddafi, baciye bunga urunani n'inyeshamba ziyitirira Islam zifitaniye ubucuti na al-Qaeda, maze bunga ubucuti bukomeye. Bari hamwe, barigaruriye uburaruko mbere bagabisha ko bari kwigarurira igihugu cose.
Mali ni igihugu cahoze gitwarwa gikoloni n'Ubufaransa gushika mu 1960. Reta y'Ubufaransa yavuze ko yashaka gukingira abanyagihugu ba Mali hamwe n'Abafaransa 6000 baba muri ico gihugu.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Muri izo ngabo, 2400 barungitswe mu buraruko bwa Mali, abandi basigaye bakaba bakoresha za ndege zitagira abadereva (drones) hamwe na za kajugujugu mu gutera ibirindiro vy'inyeshamba zakorera muri Mali, Tchad, Niger, Burkina Faso na Mauritania.
Hariyo kandi n'ingabo za ONU zigera ku 14.000 zikorana n'ibisirikare vy'ibihugu vy'akarere, bakizura ubugaragwa bwa Sahel.
Vyagenze gute ngo Abafaransa bankwe urunuka?
Igihe zishika muri Mali ubwa mbere, haraciye imyaka icenda, ingabo z'Ubufaransa zakirijwe yompi ariko kuva ico gihe imigenderanire yagiye itosekara.
Ibitero vy'iterabwoba mu gihugu vyagiye vyongerekana uko bukeye uko bwije, co kimwe n'abanya Mali binjira mu mirwi y'inyeshamba. Mu myaka icenda iheze, ibitero vy'iterabwoba vy'abarwanyi biyitirira Islam vyarakwiragiye no mu bindi bihugu nka Burkina Faso na Niger, aho inyeshamba zigenda zikora ibitero mu karere zivuye ku birindiro vyazo muri Sahara.
Abenshi mu banyagihugu baba muri ako karere babona ko Ubufaransa, nk'igihugu gikomeye cane gisirikare, bwategerezwa kuba bwatoreye umuti ikibazo c'iterabwoba, atari aho naho bugakura meza mu gihe bwobona ko bwananiwe. Hari bamwe mbere babona ko irungikwa ry'izi ngabo muri ico gihugu cahoze gitwarwa n'Ubufaransa gikoloni ari uburyo bwo "kucigarurira".
Mu gihe kandi ingabo z'Ubufaransa 55 zimaze kwicirwa muri Sahel, iri rungikwa ntirinabonwa neza no mu Bufaransa naho nyene.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Haraciye igihe kandi hari impari hagati ya reta y'Ubufaransa n'abasirikare ba Mali barongoye igihugu, inyuma y'aho batembagarije ubutegetsi mu kwa munani 2020 - rikaba ryari rigize kabiri reta ya gisivire itembagazwa mu myaka umunani.
Ubu butegetsi bwa gisirikare bwarahonyanze amasezerano yategekanya amatora mu kwa kabiri kugira ngo hashingwe reta ishingiye ku ntwaro rusangi, baca batangaza ko bazogumya ubutegetsi gushika mu 2025. Igihe uwuserukira Ubufaransa yiyamiriza iyi ngingo, yaciye yirukanwa.
Perezida Macron yavuze ati: "Ntidushobora kubandanya dukorana gisirikare n'abategetsi bafise intumbero zinyegeje zitazwi kandi tudasangiye".
Mu kwa kane 2022, abategetsi ba Mali batangaje ko bazotegura amatora mu myaka ibiri iri imbere, mu 2024.
Ubufaransa bwaranse kuja mu biganiro vy'amahoro n'imirwi yiyitirira Islam, mu gihe abenshi mu banyagihugu ba Mali ari vyo bipfuza.
Ubufaransa kandi bwararakajwe n'ingingo ya Mali yo gutumako abacangero bo mw'ikompanyi y'Uburusiya Wagner kugira ngo bafashe kurwanya imirwi y'inyeshamba yiyitirira idini rya Islam.
Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe ingabo Florence Parly avuga ati: "Ntidushobora kubana n'abacangero".
None ubu ibintu bimeze gute?
Ingabo z'Ubufaransa ziri mu gikorwa ca gisirikare ciswe Operation Barkhane bagiye gutahukanwa mu mezi ane gushika kuri atandatu ari imbere.
Ubufaransa buzorungika ingabo mu bindi bihugu vya Sahel, zizokorana n'izindi ngabo za Bulaya ziri mu gikorwa ca gisirikare ciswe Takuba Task Force. Ibihugu bihurikiye muri ico gikorwa bizokwumvikana ingene bizokorana muri ako karere muri kazoza.
Ibihugu vy'akarere bifise ubwoba ko mu gihe Ubufaransa bwova muri Mali bishobora gutuma akarere gahungabana gusumba. Perezida Alassane Ouattara wa Côte d'Ivoire agabisha ko hashobora kuba igihengeri ca poritike.
Ati: "Bizoba ngombwa ko twongereza ingabo kugira ngo dukomeze gucungera imbibe zacu".
Perezida Nana Akufo-Addo wa Ghana yasavye ONU kugumiza ingabo z'amahoro muri Mali n'aho Ubufaransa bugiye.
Umuzo w'abacangero b'umurwi Wagner wakirijwe yompi n'abanya Mali bamwe bamwe babona ko ataho wegamiye muri poritike. Hagati aho, ibihugu vyinshi vyo mu Burengero birinuba uyu murwi mbere vyagiriza reta y'Uburusiya ko ari yo yafashije uyo murwi kugira ngo wemererwe gukorera muri Mali.
Muri uku kwa kane 2022, igisirikare c'Ubufaransa caragirije abacangero b'Abarusiya ko bahamvye ibiziga hanze y'ikambi ya gisirikare hanyuma baca bagiriza ingabo z'Ubufaransa ko ari zo zakoze ubwo bwicanyi.
Ubufaransa buvuga ko ari uburyo bwo guteza urubwa ingabo zabwo ziriko zirava mu gihugu. Uburusiya ntaco buravuga kuri ibi.
Wagner imaze gukorera mu bihugu bitari bike vya Afrika, harimwo Mozambique, Sudan na Centrafrique. Wagirizwa kandi ko ufise uruhara mu vyaha vyo mu ntambara mu ngwano yo muri Libya.










