Ukraine: Putin yabwiye Macron ko Uburengero bukwiye guheba kurungika ibirwanisho

Umusirikare wa Ukraine afise inkoho itera ca muzinga gisambura vya bimodoka ntamenwa

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umusirikare wa Ukraine afise inkoho itera ca muzinga gisambura vya bimodoka ntamenwa
    • Umwanditsi, Na Patrick Jackson
    • Igikorwa, BBC News

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya avuga ko Uburengero bukwiye guhagarika gufasha intambara muri Ukraine mu gutera igitsure Perezida Volodymyr Zelensky kandi bugahagarika guha ibirwanisho ingabo ziwe.

Perezida Putin yavuze ibi mu gihe yariko aganira na Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa kuri terefone inynuma y'ikiringo kirenga ukwezi batavugana.

Perezida Macron kandi yasavye ko iyi ntambara yatangujwe n'igitero c'Uburusiya ihagarara no gutangura ibiganiro vy'amahoro.

Yasavye Putin ko yotanga akandi gehengwe kugira ngo abantu bahungishwe mu gisagara ca Mariupol.

Iki gisagara kiriko kiberamwo zimwe mu ntambara zikomeye cane mu gihe amajana n'amajana y'abasivire bavugwa ko bakigotewe mu bihomoka vy'uruganda rw'ivyuma rukiri mu minwe y'ingabo za Ukraine.

Ibihugu vyo mu Burengero vyarafashishije cane Ukraine biyirungikira ibirwanisho mu ntambara yayo n'Uburusiya, mbere ejo ku wa kabiri Ubwongereza bukaba bwarayemeye ibindi bikoresho vya gisirikare bitandukanye bifise agaciro k'imiriyoni 376 y'amadorari y'abanyamerika.

Ibihumbi n'ibihumbi harimwo abarwanyi n'abasivire baramaze kugwa muri iyo ntambara canke bagakomereka kuva itanguye ku wa 24 Ruhuhuma (2), nayo abarenga imiriyoni 5,5 baravuye mu gihugu barahunga.

Ingabo z'Uburusiya zaravuye mu karere ko mu micungararo y'umugwa mukuru Kyiv mu ntumbero yo kwibanda ku ntambara yo mu buseruko bwa Ukraine.

Mu gihe asaba ko umugambi wo kurungikra ibirwanisho muri Ukraine uhagarara, Putin yagirije ingabo z'iki gihugu ivyaha vyo mu ntambara mu gutera amabombe ibisagara vyo mu buseruko bwa Ukraine aho inyeshamba zishaka kwiyonkora kuri iki gihugu zishigikiwe n'Uburusiya zigenzura uturere tutari duto, nk'uko Kremlin ibivuga mw'itangazo.

Kuva iyi ntambara itanguye, hari ibitero bitari bike vyakozwe ku turere dutuwemwo n'abanyagihugu mu turere turi mu minwe y'inyeshamba zishaka kwiyonkora, ariko nta na kimwe kingana n'ibitero bibera mu bisagara biri mu minwe ya reta bikorwa n'ingabo z'Uburusiya. Ukraine irahakana ko ata mabombe itera mu turere dutuwemwo n'abanyagihugu.

Ingabo z'Uburusiya zagirizwa gukora amarorerwa, harimwo n'ayakorewe i Bucha, igisagara kiri hafi ya Kyiv.

Umukuru w'igihugu c'Uburusiya yavuze ko yiteguye kugiriranira ibiganiro na Ukraine.

Nk'uko biri mw'itangazo rya Élysée (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa), Perezida Macron yasavye Putin guhagarika intambara kuri Ukraine kandi ko yiteguriye gufasha mu biganiro vyo guhagarika intambara hubahirijwe ubwigenge bwa Ukraine.

Uyu mukuru w'igihugu c'Ubufaransa aherutse gutsindira ikiringo kigira kabiri mu matora yabaye mu kwezi guheze amaze kuvugana na Putin incuro zitari nke kuva Uburusiya butanguye igitero cabwo kuri Ukraine.

Avuga ko yiteguriye gukorana "amashirahamwe mpuzamakungu abifitiye ububasha" mu gufasha gukuraho ingingo y'Uburusiya yo kuzibira ibivuko vya Ukraine ku nyanja Yirabura (Mer Noire/Black Sea) kugira ngo ishobore gushora imfungurwa mu mahanga.