Ethiopia: Umunonotsi yemerewe imodoka ntarayihabwa kubera ubukene bw'amafaranga y'agaciro

Ahavuye isanamu, Office of the Presiden
Umunya-Ethiopia yatahanye umudari w'inzahabu, Solomon Baregaa, avuga ko gushika ubu atararonka imodoka yemerewe n'abategetsi inyuma yo gutahukana umudari rudende (rukumbi) Ethiopia yakuye mu nkino za olympic za Tokyo 2020 zabaye mu ci rya 2021.
Solomon yanyarutse kurusha uwari asanganywe umuhigo w'isi Joshua Cheptegei mw'isiganwa rya 10.000m aca aritsinda ku mwanya ungana na 27'43"22 (imonota 27, amasekunda 43 n'ibice 22).
Umushikiranganji ajejwe inkino muri reta, Mesfin Cherinet, yabwiye BBC ko imodoka yemerewe atarayihabwa kubera ubukene bw'amafaranga y'agaciro.
Uwo munonotsi yatahanye umudari w'inzahabu mu kwezi kw'umunani yagaragaye mu mafoto ariko arahabwa urufunguruzo rw'imodoka na prezida wa Ethiopia Sahle-Work Zewde.
Ariko umushikiranganji yavuze ko "imodoka yerekanywe mu birori yari iyo yemerewe ariko itari iyo yari gushikirizwa".
Ingwano mu buraruko yarashegeshe ubutunzi bw'igihugu, ubu ikaba yatumye abantu baharugwa mu bihumbi bugarijwe no kwicwa n'inzara.
Solomon yavuze ko atahura ingorane reta ifise hamwe n'inzira ndende bifata kugira ngo iyo modoka iboneke.
Avuga ati: "Bica mu nzira ndende. N'abandi banonotsi b'imbere yanje vyarabashikiye. N'ubwo jewe isa n'iyatevye gusumba, sinidoze."
Abategetsi bemeye kumuha amafarang angana n'ikiguzi c'iyo modoka mu mafaranga yo muri Ethiopia, ni ukuvuga hafi miriyoni 2.8 z'ama-birr (amadorari 54.000; arenga miriyoni 108 mu mafaranga y'Uburundi).
Bemeye kandi ko bazomufasha kugura iyo modoka hanze akayinjiza adatanze amakori ( ata mafaranga ya douane atanze).










