Tokyo 2020: Amofoto 21 atangaje yo mu mikino ya Olempike

BBC Sport irakugezaho amwe mu mafoto atangaje cyane yafatiwe mu mikino Olempike ya Tokyo 2020:

Tom Daley

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki 26 y'ukwezi kwa karindwi: Tom Daley w'Ubwongereza abonye umudari we wa mbere za zahabu - mu mikino Olempike ya kane yitabiriye - mu kwibira mu mazi hamwe na mugenzi we Matty Lee
Ikipe y'Ubushinwa yo koga mu buryo burimo ubugeni

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 7 y'ukwa munani: Ubushinwa burimo kurushanwa mu koga mu buryo burimo ubugeni (ubuhanzi), ku munsi wa 15 w'imikino Olempike ya Tokyo 2020
Italo Ferreira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 27 y'ukwa karindwi: Italo Ferreira wa Brazil ari kunyonga iki gikoresho cyo muri uyu mukino wo ku mazi muri kimwe cya kabiri ahanganyemo na Owen Wright wa Australia, ku mwaro wa Tsurigasaki
Gianmarco Tamberi na Mutaz Essa Barshim

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 2 y'ukwa munani: Mutaz Essa Barshim wa Qatar (ibumoso) na Gianmarco Tamberi w'Ubutaliyani, bemeye gusangira umudari wa zahabu aho gusimbuka, mu irushanwa ry'abagabo ryo gusimbuka intera ndende
Erin Sterkenburg w'Afurika y'epfo (ibumoso) na Chaehyun Seo wa Repubulika ya Koreya barimo kurushanwa mu kurira

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 4 y'ukwa munani: Erin Sterkenburg w'Afurika y'epfo (ibumoso) na Chaehyun Seo wa Koreya y'epfo, barimo kurushanwa mu kurira, ku munsi wa 12 wa Tokyo 2020
Bethany Shriever na Kye White

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 30 y'ukwa karindwi: Bethany Shriever atwawe ateruwe na mugenzi we Kye Whyte wo mu ikipe y'Ubwongereza, nyuma yo gutsindira umudari wa zahabu ku mukino wa nyuma wo kunyonga igare uzwi nka BMX
James Guy, Adam Peaty na Kathleen Dawson

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 31 y'ukwa karindwi: James Guy, Adam Peaty na Kathleen Dawson b'ikipe y'Ubwongereza bishima nyuma yo kumenya ko batsindiye umudari wa zahabu ku mukino wa nyuma wo mu matsinda wo koga
Koki Saito

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 4 y'ukwa munani: Koki Saito w'Ubuyapani atwaye Chilensky arimo kurushanwa mu gusimbuka k'umuntu ku giti cye ku mukino wa nyuma wo gusimbuka wo muri uru rwego, ku munsi wa 12 wa Tokyo 2020
Karsten Warholm

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 3 y'ukwa munani: Karsten Warholm wa Norvège (Norway) nyuma yo kwegukana umudari wa zahabu mu kwiruka metero 400 akanashyiraho umuhigo mushya w'isi
Linoy Ashram

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 7 y'ukwa munani: Linoy Ashram wa Israel arushanwa mu mikino ngororangingo y'umukinnyi ku giti cye, ku munsi wa 15 wa Tokyo 2020 mu kigo Ariake Gymnastics Centre
Sky Brown

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 4 y'ukwa munani: Sky Brown abaye Umwongereza wa mbere muto mu myaka utsindiye umudari wa Olempike, nyuma yo kwegukana umudari wa bronze ku myaka 13, mu mukino wa nyuma wo guserebeka uzwi nka skateboarding
Caterine Ibarguen

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 30 y'ukwa karindwi: Caterine Ibarguen wa Colombia ararushanwa mu mukino wo gusimbuka w'abagore ukinwa na batatu, ku munsi wa karindwi wa Tokyo 2020
Simone Biles na Cecile Landi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 3 y'ukwa munani: Simone Biles w'Amerika arishimira intsinzi hamwe n'umutoza we Cecile Landi, nyuma yo kumenya ko agiye kubona umudari wa bronze ku mukino wa nyuma w'abagore mu mikino ngororangingo
Emma Wilson

Ahavuye isanamu, Clive Mason

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 31 y'ukwa karindwi: Emma Wilson w'Ubwongereza yishimira intsinzi ari mu mazi nyuma wo kwegukana umudari wa bronze amaze gusoza irushanwa ari ku mwanya wa gatatu mu gutwara ikinyabiziga ku mazi mu mikino y'abagore
Damian Durkacz wa Pologne asezereye Gabil Mamedov

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 25 y'ukwa karindwi: Damian Durkacz wa Pologne (Poland) asezereye Gabil Mamedov w'Uburusiya, mu iteramakote rw'abafite ibiro bicye, ku irigara rya Kokugikan Arena
Kevin McDowell

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 26 y'ukwa karindwi: Kevin McDowell w'Amerika asimbukira mu mazi mu irushanwa ryo ku ruhande rw'abagabo ry'umuntu ku giti cye rya triathlon muri Odaiba Marine Park
Hitomi Hatakeda

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 22 y'ukwa karindwi: Hitomi Hatakeda w'Ubuyapani arimo kwitoza ku mwicundo mu myitozo yo mu mikino ngororangingo yo ku ruhande rw'abagore, mu kigo Ariake Gymnastics Centre
Thomas Pidcock

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 26 y'ukwa karindwi: Thomas Pidcock w'Ubwongereza ari imbere ya Mathias Flückiger w'Ubusuwisi (Suisse) mu gusiganwa ku igare mu misozi ku ruhande rw'abagabo
Julia Vincent

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 30 y'ukwa karindwi: Julia Vincent w'Afurika y'epfo mu koga bibira kw'abagore mu mikino yo mu ntangiriro, ku munsi wa karindwi wa Tokyo 2020
Raven Saunders

Ahavuye isanamu, Cameron Spencer

Insiguro y'isanamu, Tariki ya mbere y'ukwa munani: Raven Saunders w'Amerika arimo kurushanwa mu mukino wo kunaga agapira (shot put) ku mukino wa nyuma w'abagore, ku munsi wa cyenda wa Tokyo 2020
Eugenia Maria Trinchinetti wa Argentina na Julia Pons Genesca wa Espagne

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tariki ya 26 y'ukwa karindwi: Eugenia Trinchinetti wa Argentina (uri ku mupira) na Julia Pons wa Espagne barahatanira umupira mu majonjora yo mu itsinda B ku ruhande rw'abagore, ku kibuga Oi Hockey Stadium

Aya mafoto yose ni aya Getty kandi akoreshwa bitangiwe uruhushya.