Umupfasoni Claudette avuga ko arenza 200kg ari mu maganya kubera ubuvyibuhe

Claudette avuga ko ubuvyibuhe ari ikibazo ku buzima bwiwe
Insiguro y'isanamu, Claudette avuga ko ubuvyibuhe ari ikibazo ku buzima bwiwe
    • Umwanditsi, Na Anne Ngugi
    • Igikorwa, BBC Swahili

Mu buzima busanzwe kuri we, Claudette Nyirangendo avuga ko ari nk'ukwurira umusozi buri musi, ibi bikavana n'ukwiremera kubera ubuvyibuhe burenze urugero ubu bwahagaritse ibikorwa biboneka ko ari ibisanzwe kuri buri muntu ariko kuri we bikaba amagorwa. Ntaherutse kwipimisha uburemere ariko ubu yibaza ko arenza ibiro 200.

Ku myaka 43, uyu mupfasoni abaye mu maganya akavuga ko yipfuza kubona uburemere bw'umubiri wiwe bugabanutse.

Claudette ati: "Ubuzima burandemereye cane, rimwe rimwe ndashobora kumara n'imisi ibiri canke itatu ntavuye mu gitanda, kubera ingorane zo gutambuka bivanye n'uko niremereye".

Uyu munyarwandakazi Claudette arasigura ingene yari abayeho neza mu bwana bwiwe n'igihe yari akiri umuyabaga. Yibuka ko ico gihe atari avyibushe uko avyibushe ubu.

Avuga ko atazi igituma yavyibushe birenze urugero mu myaka itandatu iheze mu gihe afungura indya kama zo mu gihugu ciwe zisanzwe ziribwa n'abandi, nk'akarorero ibitoke n'imboga.

Claudette

Ubu buvyibuhe bwamuteye ibibazo vyinshi na cane cane iyo yibutse ko kimwe mu vyamutumye yahukana gifitaniye isano n'ubuvyibuhe bwiwe burenze urugero.

Uyu mupfasoni avuga ko umugabo wiwe yaruhishijwe no kubandanya abana nawe kubera uburemere bwiwe, akavuga ko yama avyidoga igihe cose bamaranye bubakanye.

Ati: "Jewe nari umuvyeyi n'umukenyezi mwiza, ariko ndibaza ko atashoboye kwihanganira ubuvyibuhe bwanje, bituma anta aca yigira kwiberaho ukwiwe. Ubu rero, mbeshejweho gusa n'umukobwa wanje amfasha ikintu ico ari co cose kuko ata bushobozi mfise bwo kwunama".

Uyu mukenyezi avuga ko yari yubakanye n'umugabo wa mbere bamaranye imyaka itari mike ariko akavamwo apfa akamusiga ari umupfakazi areze abana bane.

Inyuma y'aho, yakundanye n'uwundi mugabo birangira barongoranye, bakaba bavyaranye umwana umwe imbere y'uko amuheba.

Ubu aho ari, abanye n'uyu mwana wiwe akavuga ko abayeho mu buzima bugoye cane. Iyindi ngorane nini ni uko gutembera kuri we ari ikibazo gikomeye.

Aho asanzwe aba, utuzu twa surwumwe turi hanze kandi ni duto cane ku buryo adashobora kwinjira kubera ubuvyibuhe bwiwe, ibi bikunyurwa n'uko adashobora no kwunama.

Claudette ati: "Mfise umubabaro mwinshi cane kubona ubuvyibuhe bwanje bwanshikanye aho ntashoboye no kwifasha mu bintu vyanje vyihariye, aho no kwihagarika nkenera uwumfasha, aha nkavuga umukobwa wanje amfasha vyose kubera ntashobora gushika kuri karya kazu ka surwumwe, sinokwirwa mu muryango kandi uburemere bwanje ntibunyemerera kwunama".

Claudette avuga ko no kuja ku kazi ka surwumwe bitamukundira kubera ubu buvyibuhe bwiwe
Insiguro y'isanamu, Claudette avuga ko no kuja ku kazi ka surwumwe bitamukundira kubera ubu buvyibuhe bwiwe

Hampande y'ibi, uyu mugore avuga ko kugirira isuku umubiri wiwe kenshi ari ingorane. Hari igihe vyanka ko ashika mu bwogero akenshi bikaba ngombwa ko yihanagura gusa.

Muri kino gihe, ariko ararondera uburyo butandukanye kugira ngo atangure kugabanya ubuvyibuhe.

Avuga ko ibikorwa vyinshi bimusaba ko aba ari hanze vyahagaze, akaba atazi ico yokora.

Umwikomo niwo uranga ubuzima bwiwe kubera yama ariko yiyumvira ubuvyibuhe bwiwe, akicwa n'irungu ryo kwama yicaye muhira imisi yose adashobora gutembera canke guhagarara umwanya muremure.

Hagati aho, Claudette aracafise icizere ko azohava atora inyishu y'ukungene yogabanya ubuvyibuhe.

None ubuvyibuhe buterwa n'iki?

Nk'uko bivugwa n'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi n'imbuga ngurukanabumenyi zitandukanye zivuga ibijanye n'amagara, ubuvyibuhe burenze urugero buvana n'amavuta arenze aguma yiyongera mu mubiri gushika ku rugero rwo kwonona amagara y'umuntu.

Kugira ngo umuntu avugwe ko avyibushe kandi aremereye birenze urugero, bafatira ku burebure bw'umuntu n'uburemere afise.

Abahinga mu bijanye n'amagara y'abantu bavuga ko ubuvyibuhe burenze urugero ari bubi cane ku magara y'umuntu kandi ko bushobora gutuma yandura indwara canke zikiyongera, harimwo umuvuduko w'amaraso, indwara z'umutima n'ibibazo vyo guhema.

Ubuvyibuhe burenze urugero akenshi burava ku bintu bitandukanye harimwo gufungura indya zirimwo isukari nyinshi (glucoses).

Kutagira imyimenyerezo ngororamubiri hamwe n'uduce ndangakamere mvukanwa twihariye, hakaba n'abandi bake baba bafise uduce ndangakamere hamwe n'imisemburo canke inkabuzo bidakora neza.

Bavuga ko gufungura neza n'imyimenyerezo ngororamubiri ari nzo nzira nkuru zo gutorera umuti ubuvyibuhe burenze urugero.