'Abavyeyi banje barangurishije ku bagenzi babo kugira mfatwe ku nguvu'

Ahavuye isanamu, COPYRIGHT NEBULA MP
Mu kiringo c'imyaka ibiri yose umurwi w'abagabo bama bamusanga mu nzu bakamufata ku nguvu, bamwe muri bo bari bazinanye na se wiwe.
Iyi nkuru irimwo amajambo ashobora kubabaza bamwe mu bayisoma
Ivyo nivyo umwana w'imyaka 12 wo mu Buhindi yabwiye umurwi w'abafasha abashikiwe n'ivyago. Nk'uko abivuga, vyose vyatanguye igihe se wiwe yatumira bamwe mu bagenzi biwe ngo basangire inzoga.
Bamaze kuborerwa, batanguye kuza baramukuyakuya imbere y'abavyeyi biwe. Avuga ko rimwe na rimwe, abo bagabo nyene bashobora kwinjirana na nyina wiwe mu cumba c'abavyeyi.
Umunsi umwe se wiwe yamwijije mu cumba n'umugabo umwe w'umugenzi wiwe, aca yugarira inyuma. Uyo mugabo nawe aca aramufata amusambanya ku nguvu.
Kuva ico gihe aba atakaje ubusugi bwiwe akiri umwana. Se wiwe niwe yahamagara abagabo, akabapangira umwanya w'ugusambanya umukobwa wiwe, nabo bakamwihera amahera.
Umwe mu bamufasha muvyo umutima avuga ko kuva ico gihe yasambanijwe ku nguvu n'abantu batandukanye bashika 30.
Kw'igenekerezo rya 20 ukwezi kw'icenda, inyuma y'aho hari abigisha bamenyeshereje ibimushikira, abajejwe agateka k'abana baramutoye bamujana mu kigo c'irerero.
Amatohoza yo kwa muganga yerekana ko uyo mwigeme yasambanijwe ku nguvu.
Abagabo bane, harimwo na se wiwe, barahagaritswe kubera ico caha. Bagirizwa icaha c'ugufataku nguvu, gukoresha umwana mu biterasoni hamwe n'ukumusinzikariza ubuzima biciye mu busambanyi. Bose barapfunzwe.
Ubutegetsi buriko burondera abandi bagabo batanu bagenzi ba se wiwe nabo nyene bagirizwa kumufata ku nguvu n'ukumukoresha ibiterasoni.

Ahavuye isanamu, AFP
Abajejwe igendereza basanzwe bafise amazina n' amafoto y'abagabo bashika 25 bazinanye n'uyo muryango, beretse uyo mwana kugira arabe ko hari abo yomenyamwo.
Yishuye ati: "Jewe nta n'umwe nibuka isura yiwe. Ni igipfungu gusa!"
Uyo muryango usanzwe uba mu karere gatunze cane mu bumanuko bw'Ubuhindi, kagizwe n'imisozi myiza, akayaga keza n'amazi meza. Ariko ivyo vyiza bisa n'uko ataco bimariye uyo muryango.
Kuri uwo munsi mu kwezi kw'icenda, ishure ryahawe amakuru n'abigisha babiri baba hafi y'uwo muryango.
Bati: "Hategerezwa kuba hari ikintu kitagenda neza muhira iwabo, kandi hari ibintu bibi cane bibera mu nzu yabo".
Ubutegetsi bw'ishure bwaciye burondera umuhanuzi wo mw'ishirahamwe ry'abakenyezi.
Bukeye naho nyina w'umwana aratumwako kw'ishure.
Uyo muhanuzi yarihereranije umwana mu cumba c'abigisha. Muri iyo nyubakwa nyene, nyina wiwe atazi ikiriko, yari mu nama yahuza abavyeyi n'abigisha.
Umuhanuzi yamubajije ati: "Mbwira ingene muhira bimeze n'ingene ubayeho".
Bamaranye amasaha ane.
Uyo mwigeme yamubwiye ko yari mu mahano muhira bitumwe n'uko se wiwe atakazi yari afise.
Ati: "Turashobora kwirukanwa umwanya n'umwanya kubera vyanse ko turiha inzu", aca araturikisha ararira.
Mu nyuma yahavuye ahora, ariko aguma anumye umwanya utari muto.
Uyo muhanuzi yagerageje kumwigisha ibijanye n'irondoka rijanye n'amagara meza, anamubwira ko abana gukubagurwa bisa nk'uko ari ibisanzwe uravye ibitigiri bihari.
Uyo mwigeme yarongeye amubwira ati: "Hari n'ikindi kiba muhira, birashika dawe agahohotera mama".
Yamusavye ko yomusigurira neza ivyo ari vyo.
Yamubwiye ko yigeze guhohoterwa n'umugabo yari yaje kuraba nyina wiwe. Nyina wiwe yari yamugabishije ko atohiraria. Mu nyuma ariko abandi bagabo benshi bagumye baza kwa nyina wiwe mu gihe we yari kw'ishure.
Iminsi yose bagumye bazja muhira ku bwinshi. Hanyuma bamaze kunywa bakaborerwa bagaca bamufata ku nguvu.
Uyo muhanuzi yamubajije nimba hari ikintu na kimwe azi ku vyerekeye uburyo bwo kwikingira imbanyi atipfuza n'indwara zifatira mu bihimba vy'irondoka.
Uyo mwana ati: "Oyaaaaaa, dukoresha udukingirizo".
Ni muri ako kanya nyene, inyuma y'umwanya muremure aganira nawe,niyo uyo mwana yari agiye yemera ko yakoze imibonano mpuzabitsina.
Niho rero yaciye amusigurira ingene yatakaje ubwana bwiwe.

Ahavuye isanamu, AFP
"Abagabo baraje baca binjiza mama mu cumba. Nari nzi ko ari ibisanzwe. Niho rero dawe yaca anyinjiza mu kindi cumba n'abandi bagabo".
Rimwe na rimwe se wiwe yahora ategeka kwifotora ari gusa, kugira ngo azirungikire abagabo bamurondera.
Mu ntango z'uno mwaka, abavyeyi baratekewe n'ubwoba igihe amara amezi atatu ataja mu butinyanka. Niho baca bamujana kwa muganga, uyu nawe aca ategeka ko bamupima, amwandikira n'imiti.
Akeneye guhungishwa
Ico gihe, ibiganiro vyahavuye vyereka uyo muhanuzi ko umwana yakorewe ivya mfura mbi igihe kirekire, bica biba ngombwa ko arondera abajejwe amagara y'abantu abasaba ko bomuronderera aho bomuhungishiriza.
Nyina wiwe ahejeje inama n'abigisha, yagiye abona umukobwa wiwe bamutwaye n'imodoka, aca aragaramuka.
Ati : "Umukobwa wanje mumutwaye he?"
Umuhanuzi yamwishuye ko bamutwaye kuko basanze afise "ingorane z'ihahamuka" kandi ko akeneye kuvurwa.
Nawe asubiza ati: "Muri ba nde muhanura umukobwa wanje ntabahaye uruhusha?"
Vyari vyaheze, umukobwa yariko ajanwa mu buhungiro. Kuva mu mezi make aheze, aba mu kigo n'abandi bakobwa, bose bafashwe ku nguvu.
Igihugu c'Ubuhindi nico gihugu ca mbere gifise ibitigiri binini vy'abana bafatwa ku nguvu. Ivyo vyaha akenshi bikorwa n'ababa bazinanye n'uwo babikorera, nk'incuti, ababanyi n'abakozi, nk'uko ibiharuro bivyerekana.
Mu 2017, niho haheruka gutangwa ibitigiri vyizewe, bikerekana ko habaye ibikorwa vy'ugufata ku nguvu abana baharurwa mu 10.221 mu Buhindi. Muri ino myaka, ivyo vyaha vyariyongereye muri ico gihugu.
Abasanzwe bafasha abana bahuye n'ibi bibazo bavuga ko ivyo atari ubwambere bibaye. Mu kigo uyo mwana arerewemwo n'abandi bana, hari abandi batatu bafise imyaka hagati ya 12 na 16 bafashwe ku nguvu na ba se babo.
Umwe muri abo bahanuzi avuga ko aherutse guherekeza umwana w'imyaka 15 yasamye imbanyi inyuma y'ugusambanywa ku nguvu na se wiwe.
Uyo muhanuzi aribuka ingene uyo mwana yamubwiye. Ati:"Tumusavye ko yoduha umwana kugira tumurere amaze kuvuka, yatwishuye ati: 'kubera iki nobaha umwana wanje?Uyo ni umwana wa dawe. Azoguma hampande yanje' ".
Mu kigo c'irerero, umukowa yarakunda kuryama umwanya muremure cane. Mu nyuma niho yatangura kwandika ingene yakunda nyina wiwe.
Nyina wiwe yireguye avugako umukobwa wiwe "yarementanije ivyo yavuga vy'ugufatwa ku nguvu kubera yari yarwanye n'abavyeyi biwe yibaza ko hari ico yobigisha".
Avuga ko muhira bigeze kuba bamerewe neza, igihe umugabo wiwe yashobora kuronka amafaranga y'amarupiya 1000 (idolari 14) ku munsi ari ku kazi.
Ubu rero yishwe n'agahinda wenyene mu nzu, nta kintu na kimwe afise: umugabo wiwe ari mu gasho arindiriye gucirwa urubanza, umukobwa wiwe nawe akaba ari mu kigo c'irerero.
Yabwiye BBC ati: "Ndi umuvyeyi amwitayeho. Arankeneye".
Impome z'inzu ziriko zirata irangi. Mu gihe umukobwa wiwe atariho ari, izo mpome nizo zimumwibutsa.
Aho ari mw'irerero, uyo mukobwa yamanitse ku muryango urukaratasi rwanditseko ngo: "Bagenzi, iyaba vyanshobokera kubabwira ingene mu mutima merewe, ico conyene coba kimaze".










