Abagabo bane baregwa gufata ku nguvu no kwica umugore mu Buhindi bishwe barashwe

Ahavuye isanamu, SAM PANTHAKY
Abagabo bane baregwa gufata ku nguvu no kwica umugore akiri muto mu Buhindi bigateza ishavu ryinshi mu gihugu, bishwe barashwe n'abapolisi.
Abapolisi bavuga ko abo bagabo bari bajanywe mu kibanza bakoreyemwo ico caha kiri Hyderabad kugira berakane ingene vyagenze (reconstruction).
Ngo bashatse gutoroka mu kugerageza kwaka inkoho abapolisi, nabo baca barabivuna barabica.
Se w'uwo mukobwa yashimiye abapolisi kubera ico yise ubutungane bubonetse bunyaruka.
Isinzi ry'abantu bateye amashurwe abapolisi barabarerura babatambagiza mw'ibarabara babahetse ku bitugu.
Ariko abatashimye ivyabaye, bashize kabaza ku nsiguro abapolisi batanze y'ukuntu ukwo kuraswa kwagenze, bakavuga yuko kwica abo bagabo vyari gushobora kwirindwa.
Abo bagabo bane bari bapfunzwe bagirizwa gufata ku nguvu umugore - yari umuganga w'ibikoko - imbere y'uko baturira ikiziga ciwe mu ndwi iheze.







