Umuforoma yahakanye icaha co gufata ku nguvu umurwayi yahavuye yibaruka

Ahavuye isanamu, Reuters
Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika umuforoma yahakanye icaha yagirizwa co gufata ku nguvu umugore yari asanzwe arwariye kw'ivuriro akaba aherutse kwibaruka.
Nathan Sutherland w'imyaka 36 yagirizwa icaha c'ugufata ku nguvu yakoreye umurwayi.
Uwo mugore w'imyaka 29 amaze hafi imyaka 20 arwariye kw'ivuriro rya Hacienda HealthCare muri Reta ya Arizona. Yibarutse umwana w'umuhungu mu kwezi kwa kigarama umwaka uheze.
Bafashe ibipimo vy'amaraso, DNA vya Sutherland, basanze bishusha n'ivy'urwo ruhinja, ariko guca ahagarikwa.
Umwunganirizi wa Sutherland, Dave Gregan, akaba yabwiye abamenyeshamakuru ko yizeye y'uko ubucamzanza buzokora budahengamye.
Yavuze ko umukiriya wiwe Sutherland azokwisigura kuvyo yagirizwa, kandi ko ategura kurondera ikindi kigo cigenga kugira kigire ibipimo vy'amaraso, DNA.
Inyuma y'iryo hagarikwa, uwo yagirizwa ico caha akaba yaciye yirukanwa kw'iryo vuriro yari asanzwe akorako kuva mu mwaka wa 2012.

Ahavuye isanamu, GOOGLE STREET VIEW
Uwo mugabo yagiye kumenyekana inyuma y'uko igipolisi gifatiye ingingo yo gufata ibipimo vy'amaraso ADN ku bagabo bose bakora kuri iryo vuriro. Iyo ngingo ikaba yafashwe iyo nkuru y'umwana yahavukiye imaze kumenyekana.
Abakozi b'iryo vuriro aho uwo mukenyezi anzwe arwariye ntibigeze bamenya ko yari afise imbanyi, bakaba bagiye gusanuka babonye atanguye gutera ibise, ari naho baciye batabaza abahinga.
Umukuru w'igipolisi mu gisagara ca Phoenix Jeri Williams amenyesha ko hashobora kuba hari n'abandi bakorewe icaha nk'ico, ariko ko bigoye kubimenya kubera abenshi muri bo badashobora kuvuga kubera ibibazo vy'uburwayi.
Bikaba vyitezwe ko uyo muforoma asubira kurenguka ku wa 19 ntwarante, inyuma y'uko yumvirijwe ubwa mbere na sentare nkuru yo muri conté ya Maricopa.










