Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amakuru ku ntambara ya Russia na Ukraine: Uburusiya bugabisha Uburengero ku ngaruka zititezwe
Uburusiya bwagabishije ku mugaragaro Reta Zunze Ubumwe za Amerika - n'ibindi bihugu bicuditse nazo - ku mugambi wavyo wo guha ibirwanisho Ukraine.
Iri gabisha ryacishijwe mu rwandiko rw'igisata kijejwe imigenderanire i Moscou, ikopi ikaba yashitse mu minwe y'ibinyamakuru muri Amerika.
Uru rwandiko rw'impapuro zibiri - ibiro vy'ubuserukizi vy'Uburusiya i Washington bikaba vyarurungikiye ibiro vy'umunyamabanga wa reta ya Amerika ajejwe imigenderanire - rugabisha ko ingendo ya Amerika na OTAN/NATO yo kurungika ibirwanisho muri Ukraine "isongera isibe" kuri iyi ngwano ya Ukraine, igashobora gutuma haba ivyo abajejwe imigenderanire b'Uburusiya bita "ingaruka zitari zitezwe".
Rwarungitswe ku wa kabiri, igihe bitanguye kumenyekana ko Amerika igomba ihe Ukraine iyindi mfashanyo ya gisirikare. Haciye amasaha makeya gusa, Perezida Joe Biden akaba yaciye atera igikumu kw'itegeko ritanga uburenganzira bwo kurungika imfashanyo ya gisirikare ingana n'imiriyoni 800 z'amadorari y'abanyamerika - harimwo, ubu bukaba ari bwo bwa mbere, ibirwanisho rutura birasa kure nk'ivyitwa howitzers - ni mu ntumbero yo guha Ukraine inguvu za gisirikare zingana n'iz'Uburusiya muri ico gihugu.
Umutegetsi mukuru wo mu butegetsi bwa Amerika yasubiwemwo avuga ko iri gabisha rishobora gufatwa nk'icemezo c'uko Uburusiya bwemera ko imfashanyo ya Amerika na OTAN kuri Ukraine yabaye ngirakamaro.
Igice ca mbere c'iyi mfashanyo citezwe gushika muri Ukraine mu misi mike iri imbere, mu gihe ingabo z'Uburusiya zibandanya kwitegura mu buseruko bw'ico gihugu, imbere y'igitero gikomeye citezwe mu ntara irwanirwa cane ya Donbas muri Ukraine mu ndwi nkeya ziri imbere.
Kuva intambara itanguye, Amerika imaze guha Ukraine imfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k'imiriyaridi zirenga zitatu z'amadorari y'abanyamerika.
Zelensky avuga ko ingabo za Ukraine zishika 3000 zimaze kwicwa
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko ingabo za Ukraine zishika 3000 zimaze gupfa, abarenga 10.000 nabo bakaba bamaze gukomereka kuva igitero gitangura.
Yabivugiye mu kiganiro yagiranye n'imboneshakure CNN yo muri Amerika, aho avuga ko abari hagati ya 2500 na 3000 bamaze gupfa, ari naho yaciye agabisha ko Uburusiya bushobora gukora igitero ca nikleyeri.
Haraciye ukwezi Zelensky avuze ko ingabo za Ukraine zababa 1500 zari zimaze kuhasiga ubuzima. Ariko, aho hose yama avuga ko Abarusiya basumba kure ivyo bitigiri vy'abamaze gupfa.
BBC ubwayo ntirashobora guhinyuza ibi bitigiri bitarimwo abasivire.
Impande zompi zama zitangaza ibitigiri vyo ku rundi ruhande vy'abo zimaze kwica - akenshi bikaba ari ivy'umurengera bisumba kure cane ibitangazwa n'urudi ruhande.
Zelensky aragabisha ko Uburusiya bushobora gukora igitero ca nikleyeri
Isi yoba iritegurira ko Uburusiya bushobora kuzotera Ukraine bukoresheje ikirwanisho ca nikleyeri, nk'uko vyaraye bivuzwe na Perezida Zelensky.
Zelensky yari abajijwe na CNN nimba yari afise ubwoba ku biherutse kuvugwa n'umukuru wa CIA, aho ku wa kane yavuze ko Uburusiya bushobora guhindura amayeri bugakoresha ibirwanisho vya nikleyeri.
"Si jewe gusa - ni isi yose, ibihugu vyose bitegerezwa kuba maso kuko ishobora kuba atari inkuru yo, ariko ishobora kuba ari ukuri", niko Zelensky avuga, mu majambo make y'icongereza yakoresheje kugira ngo ashimangire.
Abandanya ati: "Ni ngombwa ko twiyumvira aho gutinya, ntidutinye ahubwo twitegure. Ariko ico si ikibazo ca Ukraine - si Ukraine gusa - ariko ni ikibazo c'isi yose, niko nibaza".
Mu kwezi guheze, umuvugizi wa Kremlin yavuze ko Uburusiya bushobora kwikora ku birwanisho vya nikleyeri gusa mu gihe vyoboneka ko ukubaho kwabwo kubangamiwe.
Zelensky kandi yabajijwe ku bwato rutura bw'intambara bw'Uburusiya bwazamye, buzwi nka Moskva, ariko yariyubaye ku makuru avuga ko ubu bwato bwatewe misire zibiri za ukrane.
"Ico tuzi ni uko butakibaho. Kuri twebwe, ni ikirwanisho gikomeye cane kibangamiye igihugu cacu, rero izama ryabwo ntabwo ritubabaje.
"Mu gihe Uburusiya bwokehanirwa n'ibirwanisho bukoresha mu kudutera, yoba ari amahirwe kuri twebwe".
Zelensky aravuga ku gihe intambara ishobora kumara
Mw'ijambo yaraye ashikirije mu masaha yitereye y'ijoro ryakeye, avuga ko bigoye kumenya igihe iyi ntambara izomara.
Ati: " Nivyo, ndumva kandi ibitandukanye bivugwa. Mfise amakuru menshi gusumba ibinyamakuru bimwe bimwe ku bijanye n'intumbero n'ubushobozi igisirikare c'Uburusiya gifise.
"Ku bijanye na kazoza k'ubutunzi bw'Uburusiya. Kubijanye n'ingene abanyagihugu biyumva mu Burusiya".
Avuga ko hari ibintu bibiri bizokwerekana igihe intambara izomara.
Avuga ati: "Ingene abasirikare bacu bazovyifatamwo neza ni ikintu gikomeye.
"Ni ikintu nyamukuru mu mateka yacu. Ariko ntigikwiye kugira ngo twomore abigaruriye ubutaka bwacu. Ariko tuzobakubita".
"Ibihano ku Burusiya ni ikintu gikomeye cane. Bihungabanya ubutunzi. Ariko ntigikwiye kugira ngo igisirikare c'Uburusiya kibure ibikibeshaho. Dukeneye ibirwanisho bikomeye, bishobora kubasambura".
Yongerako ati: "Umuntu avuze ati: umwaka canke myaka, nishura nti: intambara urashobora kuyigira nto gusumba. Ni twaronka hakiri kare ibirwanisho binini twasavye, niho tuzogira inguvu kandi niho tuzoshobora kugarukana amahoro vuba".
Kyiv yatewe amabombe
Umugwa mukuru wa Ukraine wazindutse uterwa amabombe nk'uko bivugwa n'umukuru w'igisagara.
Mu butumwa yacishije kuri Instagram, Vitali Klitschko yavuze ko aya mabombe yatewe mu karere ka Darnytskyi kari ku nkengera y'igisagara.
Yongera ko y'uko igitigiri c'abapfuye n'abakomeretse kitazwi kandi ko abajejwe ibikorwa vy'ubutabazi bari aho vyabereye.
Lyiv humvikanye amabombe
Nk'uko vyagenze kuri Kyiv, ibibombe kandi vyumvikanye mu gisagara ca Lyiv kiri mu burengero bwa Ukraine muri aka gatondo.
Mu butumwa yacishije kuri app ya Telegram, buramatari Maksym Kozytskyi yavuze ko habaye igitero c'indege hagati y'isaha cumi n'imwe n'iminoa 46 (05:46) n'isaha imwe n'iminota ibiri (07:02 ) mu masaha y'aho muri ico gihugu.
Avuga ko abajejwe gucungera ikirere ba Ukraine bariko barakora, ariko akaba atatomoye ku hatewe iyo mabombe, hamwe n'abakomeretse canke bakahasiga ubuzima.