DRC: Van Damme atera akamo ba rurangiranwa gutemberera ico gihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi rurangiranwa wa filime w'Umubiligi Jean Claude va Damme, batazira 'Mitsi ya Bruxelles' avuga ko anejerejwe no kuba yahawe igitabo c'inzira ca Congo - avuga kandi ko afise intumbero yo guhamagarira abandi bantu bamenyekana cane gutemberera Republika ya Demokrasi ya Congo.
Ari i Kinshasa ku mugwa mukuru w'ico gihugu, igihe yariko arashikirizwa ico gitabo c'inzira n'akazi ko guserukira ico gihugu mu karanga, urwaruka n'ibidukikije, uwo mugabo w'imyaka 61 yagize ati: "Ngiye kugondoza abandi bantu rurangiranwa kw'isi nka Stallone, Schwarzenegger, Jacky Chan hamwe n'abandi benshi."
"Hari kandi n'abaririmvyi nka Jennifer Lopez hamwe n'abakinyi b'umupira nka Messi, Ronaldinho, Cristiano Ronaldo. Bategerezwa kuza muri iki gihugu kwerekana ko kigendwa, kwerekana ko Congo ishobora gukingira umutekano abantu bari muvyo kuremesha ibiro vyinjiza amahera (Showbiz).
Igihugu ca RD Congo kimaze imyaka irenga 30 kiri mu ntambara, aho imigwi myinsi yitwaje ibigwanisho ibica bigacika mu buseruko bw'ico gihugu hagwiriye ubutare, aho yica, ifata ku nguvu ikanasahura.
Uwo yigeze kuba rurangiranwa mu buhinga bwo kwivuna umwansi ata kigwanisho (arts martiaux), Van Damme yarakinye mu mafilime y'ingwano i Hollywood y'amafaranga menshi nka Cyborg, Kickboxer na Universal Soldier - ubu vuba na ho akaba aherutse gusubiramwo Master Croc mu mafilime ya Kung Fu Panda.
Azwi nk'umuntu akaze cane.
Yatangaje abantu mu kiganiro n'abamenyeshamakuru aho yavuga ko yavukiye muri RD Congo, avuga ko "avuka i Likasi", igisagara kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw'ico gihugu.
Aho hashobora hari mu mwaka ico gihugu ciganzura intwaro y'Ububiligi.
Yanashimitse cane ku kamaro ko kuzana abashora imitahe mu gihugu ca RD Congo.
"RD Congo ifise ubutare buciye imiriyaridi ibihumbi 36...akazi kanje n'ukurondera abazana imitahe, bazi neza ko ari ukubanza gutanga imbere yo kuronka, hanyuma no guha icizere prezida Felix Antoine Tshisekedi."
Ariko benshi bibajije ikibazo kuri ico gitabo c'inzira gishasha c'uwo mukinyi wa Filime mu gihe ibwirizwa shingiro rya RD Congo ribuza kugira ubwenegihugu bubiri.






