Akon-Uganda : Rurangiranwa muri rap Aliaune Thiam muri Uganda kurondera aho ashora imitahe

Akon, izina ryiwe bwite ni Aliaune Thiam

Ahavuye isanamu, Getty Images

Prezida Yoweri Museveni wa Uganda yatangaje ko yanezerewe no kuba yavuganye na Akon mu rugendo arimwo muri ico gihugu.

Akon, izina ryiwe ry'ukuri ari Aliaune Thiam, muri urwo rugendo muri Uganda ari kumwe n'umugore wiwe Rozina Negusei.

Yandika ku rubuga rwa twitter, umukuru wa Uganda, Yoweri Museveni, yavuze ati: "Aliaune Thiam @Akon n'umugore wiwe baje muri Uganda kurondera aho boshora imitahe mu bisata bitandukanye birimwo ivy'umuyagankuba [amashanyarazi] n'iterambere ry'ibikorwa remezo.

"Ndanezerewe no kuba twagiraniye ibiganiro bizoteza imbere abanya Uganda na Africa muri rusangi."

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Aliaune Thiam azwi cane nka Akon, n'umunyatugenegene akaba n'umuririmvyi w'umudiho wa rap azwi cane.

Yavukiye muri Amerika ku bavyeyi bakomoka muri Senegal ariko yarabaye cane muri ico gihugu co muri Africa y'uburengero.

Thiam afise imigambi itandukanye y'iterambere muri Senegal nyene no mu bindi bice vya Afrika.

Akon, w'imyaka 47, yatanguye kumenyekana ku rukurikirane rwiwe rwa mbere rw'indirimwo mu 2004.

Mu ndirimbo ziwe harimwo nka "Smack That" igaragaramwo umuririmvyi wa rap Eminem.