Covid-19: Prezida Museveni avuga ko Uganda ishaka gukora urucanco

Umuntu ariko aracandagwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Reta ya Uganda yatanguye umugambi wo gukora urucanco rwa Covid-19 nk'ibindi bihugu vyo kw'isi.

Mu mwaka uheze prezida Yoweri Museveni yavuze ko abahinga ba Uganda bariko baragerageza kugira ubushakashatsi bwo gukora urucanco n'umuti uvura Covid-19, vyose bikiriko birageragezwa.

Prezida Museveni yagize ati:"Ndiko ndafashanya n'abantu banje gutangura kurondera urucanco rwacu, s'ukuguma turindiriye ngo badufashe. Twaracerewe ariko ubu twatanguye kurondera urucanco rwacu ruzotangwa hose kw'isi."

Yabandanije avuga:"Tuzotangura kurugeragereza ku mbeba mu kwezi kwa gatandatu kugira turabe ko ata ngaruka rufise, hanyuma mu kwezi kw'umunani turugeragereze ku nkende, hanyuma turindire ko rwemezwa na WHO/OMS.

Prezida Museveni n'umupfasoni wiwe Janet bariko baracandagwa

Ahavuye isanamu, Twitter

Insiguro y'isanamu, Prezida Museveni n'umupfasoni wiwe Janet bariko baracandagwa

Prezida Museveni yavuze ivyo igihe yari ahejeje gukingirwa Covid-19 n'urucanco rwa AstraZeneca ari kumwe n'umupfasoni wiwe Janet Museveni, ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Nakasero mu gisagara ca Kampala.

Museveni kandi yahamagariye abanyagihugu gusidukana n'iyonka kwicandagisha avuga ko urwo rucanco ata ngaruka rufise.