Covid-19: Prezida Museveni avuga ko Uganda ishaka gukora urucanco

Ahavuye isanamu, Reuters
Reta ya Uganda yatanguye umugambi wo gukora urucanco rwa Covid-19 nk'ibindi bihugu vyo kw'isi.
Mu mwaka uheze prezida Yoweri Museveni yavuze ko abahinga ba Uganda bariko baragerageza kugira ubushakashatsi bwo gukora urucanco n'umuti uvura Covid-19, vyose bikiriko birageragezwa.
Prezida Museveni yagize ati:"Ndiko ndafashanya n'abantu banje gutangura kurondera urucanco rwacu, s'ukuguma turindiriye ngo badufashe. Twaracerewe ariko ubu twatanguye kurondera urucanco rwacu ruzotangwa hose kw'isi."
Yabandanije avuga:"Tuzotangura kurugeragereza ku mbeba mu kwezi kwa gatandatu kugira turabe ko ata ngaruka rufise, hanyuma mu kwezi kw'umunani turugeragereze ku nkende, hanyuma turindire ko rwemezwa na WHO/OMS.

Ahavuye isanamu, Twitter
Prezida Museveni yavuze ivyo igihe yari ahejeje gukingirwa Covid-19 n'urucanco rwa AstraZeneca ari kumwe n'umupfasoni wiwe Janet Museveni, ku kirimba c'umukuru w'igihugu i Nakasero mu gisagara ca Kampala.
Museveni kandi yahamagariye abanyagihugu gusidukana n'iyonka kwicandagisha avuga ko urwo rucanco ata ngaruka rufise.






