Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero kuri Ukraine: EU yugaye ikirere cayo ku ndege z'Uburusiya
Ishirahamwe rya Buraya ryugaye ikirere caryo ku ndege z'Uburusiya nk'uko vyamenyeshejwe n'umukuru w'urwego rutwara iryo shirahamwe, Ursula von der Leyen.
Yavuze ati: "Twugaye ikirere c'Ishirahamwe rya Buraya ku ndege z'Uburusiya, indege zifise ibiziranga vy'Uburusiya canke indege zigenzurwa n'Uburusiya".
Izo ndege zose, harimwo n'iz'abantu ku giti cabo z'abatunzi ruhebwa, ubu ntizizoshobora kugwa, canke kuguruka ziva mu gihugu icarico cose c'Ishirahamwe rya Buraya canke ngo zice hejuru yaco.
Indege z'Uburusiya zarankiwe kandi guca mu kirere c'Ubwongereza.
Kompanyi ya mbere nini y'indege y'Uburusiya, Aeroflot, yavuze ko ica ifuta ingendo zose zo kuja i Buraya gushika ibintu bihindutse mu nzira yo kugera ingere ku yindi.
Imbere y'iyo ngingo, ibihugu vya Buraya vyari vyatanguye, kwugara ibirere vyavyo kimwe kimwe. Ubudagi bwavuze ko ingingo yabwo izomara amezi atatu.
Ivyapa vyerekana urutonde rw'ingendo mu bibuga vy'indege vya Domodedovo na Sheremetyevo vyerekanye ingendo ziharugwa mu mirongo zafuswe ku wamungu, harimwo izaja i Paris, Vienne na Kaliningrad.
Kompanyi y'Uburusiya S7 Airlines yavuze kuri Facebook ko izofuta ingendo mu bihugu vya Buraya vyinshi gushika nibura itariki 13 za Ntwarante (ukwezi kwa gatatu).
Uburusiya buguma bugera ingere ku yindi ku bihugu biba vyafashe ingingo.
Umukuru w'urwego rutwara Ishirahamwe rya Buraya yamenyesheje ko iryo shirahamwe rigiye kandi guhagarika imirongo y'ibinyamakuru bigenzurwa na reta y'Uburusiya Sputnik na Russia Today bibonwa nk'urubuga rw'ukuvugira Kremlin.
Yavuze ati: "Turiko turarondera uburyo bw'ingene duhagarika amakuru yabo yo kuyovya no guhumanya i Buraya."
Izo ngingo ku ndege zizotuma indege z'Uburusiya zifata ingendo zo kuzigura/guca kure, bituma amasaha y'urugendo aba menshi gusumba.
Indege zisanzwe zitwara abantu n'ibintu ziririnda kandi guca mu kirere ca Ukraine, Moldova na Belarus kubera igitero c'Uburusiya.
Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Delta Air Lines yavuze ko izohagarika amasezerano bari bafitaniye na Aeroflot y'Uburusiya yo gufatisha ibibanza vy'urugendo.
Indege zose zifise ibiziranga vy'Uburusiya zizokorwako n'izo ngingo.
Ingingo y'Ubwongereza yatumye Moscou nayo igera ingere ku yindi ku ndege z'Ubwongereza.
Virgin Atlantic yavuze ko kudaca hejuru y'Uburusiya bizokwongereza hagati y'iminota 15 n'isaha ku mwanya w'ingendo zayo hagati y'Ubwongereza n'Ubuhindi na Pakistan.
Kompanyi ya Australia Qantas yavuze ko izokoresha inzira ndende gusumba ku ngendo zayo ata handi ziciye hagati ya Darwin na Londres n'ubundi zitari zisanzwe zikoresha inzira yo guca hejuru y'Uburusiya.