Uganda: Abaganga bemeza ko Judith Nakimu yakuwemwo ifyigo atabizi ari gupagasa muri Saudi Arabia

Judith Nakintu

Abaganga bo muri Uganda baremeza ko basanze umugore yari yagiye gukora akazi ko mu nzu muri Arabia Saoudite yakuwemwo ifyigo ryiwe ry'i buryo bitavuye kw'isanganya ry'imodoka nk'uko umukoresha wiwe yari yabitangaje.

Ubushikiranganji bw'intwaro ya hagati muri ico gihugu bwemeje aya makuru inyuma yo kuronswa icegeranyo c'ibitaro bikuru vy'igihugu vya Mulago.

Bisunze iki cegeranyo, umuryango y'uyu mukenyezi usaba reta gufata iki kibazo mu minwe gushika uyu mugore atunganirijwe.

Judith Nakintu w'imyaka 38 afise abana batanu yatwawe n'ikompanyi yitwa Nile Treasure Gate mu 2019 kugira aje gupagasa nk'umukozi wo mu nzu mu karere ka Jeddah muri Arabia Saoudite.

Amaze amezi abiri akora akazi, umuryango wiwe ntiwasubiye kumuronka kuri terefone, ariho nyina wiwe yaciye atangura kumurondeza, maze inyuma y'amezi atatu abwirwa ko umwana wiwe yagize isanganya.

Uyu muvyeyi wiwe ati: "Yaraduhamagaye kuri terefone atubwira ko yagize isanganya, ko rero yari akeneye kumenya umuryango wiwe. Niho namubaza nti 'yaragize isanganya ikompanyi yamutwaye ntiyabimenya?'

"Naciye nterefona abarongoye iyi kompanyi ndabibamenyesha, ariko bambwira ko atavyo bazi kandi atavyo babwiwe".

Ku wa 30 Gitugutu (ukw'icumi) 2021, niho iyi kompanyi Nile Treasure Gate yaterefona nyina wa Nakintu.

Umwana wiwe yari yiteze gushika ku kibuga c'indege ca Entebe kuri uwo musi. Yaciye afata urugendo gushika kuri ico kibuga c'indege kugira yakire umwana wiwe.

Ashitse, yagiye abona umukobwa wiwe yururutswa indege ari ku ntebe y'abarwayi, adashobora kugendagenda, aca yinjizwa muri rusehabaniha yamushikanye ku bitaro bikuru vya Mulago.

Bukeye, barahawe uruhusha rwo gutaha, ariko wewe ntiyemeye icegeranyo yahawe ku mwana wiwe.

Uyu muvyeyi ati: "Turi mu bitaro, abarongoye ikompanyi yamutwaye bararungitse umuganga kugira amusuzume, baca bavuga ko ameze neza kandi ko ata kibazo afise.

"Jewe sinavyemeye, ari ho ku wa mbere naca ndamusubiza i Mulago kugira bongere bamusuzume neza, ari ho mu nyuma nahavuye mbwirwa ko bamukuyemwo ifyigo".

Agness Loye, umuyobozi nshingwabikorwa w'igisata kijejwe kurwanya icuruzwa ry'abantu mu rwego rwa Uganda rujejwe uruja n'uruza, yabwiye abanyamakuru ko ibitaro bikuru vya Mulago vyemeje ko yakuwemwo ifyigo rimwe.

"Isuzumwa ryakozwe n'abaganga muri Uganda riremeza ko ifyigo ryiwe ry'i buryo ryakuwemwo, amatohoza ya mbere y'igipolisi akaba yerekana ko umukoresha wiwe muri Arabia Saoudite azwi kw'izina rya Sadaffa Muhamed, yatanze icegeranyo c'irementanya, abesha umuryango w'uyu mugore cerekana ko ibihimba vyose vy'umubiri wiwe bimeze neza kandi atari vyo".

Icegeranyo ca mbere cari catanzwe n'igipolisi ca Arabia Saoudite cerekana ko Nakintu, ubu yamugaye, yari yagize isanganya.

Nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru Indepent ca Uganda gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi, inyuma y'imisi mike iyi kompanyi ya Nile Treasure yahawe amakuru yavuga ko abana babiri b'uyu mukoresha bari bapfiriye mw'iryo sanganya rivugwa, ku gihamana ciza Nakintu akarokoka n'aho yari yababaye cane, bituma amaraso yiwe avura.

Ku ruhande rwiwe, umukuru w'ishirahamwe riharanira uburenganzira bw'abakozi b'abimukira, Abdallah Kayonde, avuga ko yandikiye iyi kompanyi ayisaba kuriha indishi y'akababaro y'imiriyoni 600 z'amashilingi ya Uganda ku gikorwa kigayitse co gukura uyu muntu ifyigo mu buryo buteye kubiri n'amategeko rikaja kugurishwa.

Hagati aho, iyi kompanyi isubirwamwo ihakana ko ata ruhara ifise muri iki gikorwa co gukura ifyigo muri uyu mugore.