Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikibazo ca Ukraine: Macron avuga ko bashobora gushika ku masezerano yo kuzibira intambara
Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron avuga ko afise umwizero wo gushika ku masezerano yo kuzibira intambara yeruye muri Ukraine, kandi ko Uburusiya bufise uburenganzira bwo gushikiriza amakenga ku mutekano wabwo.
Imbere y'uko abonana na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya i Moscou kuri uyu wa mbere, yasavye ko "haba umwumvikano mushasha" kugira ngo ibihugu vya Bulaya bikingirwe hanyuma Uburusiya nabwo bugahumurizwa.
Yasubiye gutangaza ko ubwigenge bwa Ukraine ari ikintu kidashobora guharirwako.
Uburusiya bwaregeranirije abasirikare ku rubibe buhana na Ukraine ariko bugahakana ko ata mugambi bufise wo gutera iki gihugu.
Moscou/Moscow yarashikirije urutonde rw'ivyo isaba, harimwo ko ishirahamwe OTAN/NATO ryo kwivunira umwansi hamwe rihagarika umugambi wo kurondera ko Ukraine yoba umunywanyi, ryongere rigabanye ingabo zaryo mu buseruko bwa Bulaya.
Ibihugu vyo mu burengero vyariyamirije ibi bisabwa n'Uburusiya, ahubwo bica bitanga ibindi vyoganirwako, harimwo ivyo kugabanya ibirwanisho vya niklyeri.
Perezida Macron yabwiye ikinyamakuru Journal du Dimanche co mu Bufaransa ko intego y'Uburusiya atari "Ukraine, ahubwo umuco ku mategeko... ya OTAN na EU/UE".
Avuga ko afise umwizero y'uko ibiganiro n'umukuru w'igihugu c'Uburusiya bihagije kugira ngo ntihabe intambara ya gisirikare, kandi akaba yizigiye ko Perezida Putin ashobora kuba yakiriza yompi ibiganiro ku bibazo bindi bikomeye.
Perezida Macron, inyuma kandi yo kuvugana na Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ejo ku wa Mungu, aragabisha ko hatoba abitega ko Moscou ifata yonyene ingingo zo kugarukana icuka ciza, anavuga kandi ko Uburusiya bufise uburenganzira bwo gushikiriza amakenga yabwo.
Ariko avuga ko ivyo kuganira n'Uburusiya "bitoca mu kubanza gucuvya igihugu ico ari co cose ca Bulaya".
Ati: "Dutegerezwa gukingira abanya Bulaya benewacu mu gutegura umwumvikano mushasha ushobora gukingira ubusugire n'umutekano wabo".
"Dutegerezwa gukora ibi twubahirije Uburusiya kandi dutahura neza ubwoba bw'iki gihugu gikomeye n'abanyagihugu baco".
Urugendo rwiwe i Moscou ruzomushikana ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, ku musi ukurikira, ruhagararirwe n'incuti z'Ubudagi hamwe na Amerika.
Perezida Macron agiye kwibonekeza ku rubuga mpuzamakungu mu gihe himirije amatora y'umukuru w'igihugu mu Bufaransa mu kwa kane.
Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa asaba ko hoba imigenderanire mishasha n'Uburusiya, ni mu gihe mu kwa mbere yari yavuze ko ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya rikwiye gutangura ibiganiro vyaryo na Moscou, hakugendera kuri Washington.
Hagati aho, reta ya Amerika yasubiye kugabisha ko Uburusiya bushobora gutera Ukraine umwanya uw'ari wo wose.
Ku wa Mungu, umuhanuzi mu vy'umutekano mu gihugu mu biro vy'umukuru w'igihugu, Maison Blanche/White House, Jake Sullivan, yabwiye imboneshakure Fox News ati: "Tuguma tugavye. Kuva ubu, umusi uw'ari wo wose, Uburusiya bushobora gutera Ukraine, bitabaye ubu bishobora kuba ari ivyo mu ndwi nkeya ziri imbere".
Imbere y'aha, abategetsi babiri ba Amerika bari babwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko Uburusiya bwegeranije ivya gisirikare vyose bikenewe ku rugero rwa 70% kugira ngo butere Ukraine mu ntambara yeruye.
Hagati aho, umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Dmytro Kuleba asa n'uwudaha agaciro ivy'igitero kivugwa ko kiri hafi, aho ejo ku wa Mungu yanditse ku rubuga rwa Twitter ati: "Ni mwihoze ivyo bintu bivugwa. Buri gihugu gifise amayeri atandukanye, ariko Ukraine iriteguriye ikintu ico ari co cose coba".
Icuka kibi hagati y'Uburusiya, Ukraine n'ibihugu vyo mu burengero kije inyuma y'imyaka hafi umunani Uburusiya bwigaruriye akarere ka Crimea kari mu bumanuko bwa Ukraine, bwongera bufata mu mugongo inyeshamba zirwanira mu karere ka Donbas mu ntambara imaze guhitana abatari bake.