Burkina Faso: Umutegetsi mushasha Damiba yashikirije ijambo rya mbere

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru mushasha w'umusirikirikare wa Burkina Faso yemeye kuzosubizaho intwaro ishingiye kw'ibwirizwa nshingiro "igihe ibikenewe bizoba bikwiye".
Lieutenant Colonel Paul-Henri Damiba ni we ari kw'isonga ry'abatembagaje ubutegetsi bwa prezida Roch Kaboré ku wa mbere.
Yagirije umukuru w'igihugu kunanirwa kurwanya intureka iterwa n'abagwanyi b'imihari yiyitiririra idini rya Islam.
Yashikirije ijambo ryiwe rya mbere igihugu kuva afashe ubutegetsi mu gihe buca haba inama yihuta y'abakuru b'ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y'uburengero Cedeao/Ecowas, yahamagajwe kubera iryo tembagazwa ry'ubutegetsi.
Kuri uyu wa gatanu, iryo shirahamwe ririmwo ibihugu 15, Cedeao, ryahagaritse Burkina Faso, kubera iryo fatwa ry'ubutegetsi, nk'uko amasoko abivuga.
Inama igitangura, umukuru wa Ghana Nana Akufo-Addo yavuze ati: "Kuba ama coup d'etats yasubiriye kwimonogoza mu karere kacu biteye kubiri n'ivyo dusanzwe tugenderako muri demokrasi. Bibagamira amahoro, umutekano hamwe n'itekane muri Afrika y'uburengero."
Burkina Faso ni igihugu kigira gatatu co muri Afrika y'uburengero aho abasirikare bafashe ubutegetsi mu kiringo c'umwaka uheze.
Guinee na Mali vyarafatiwe ibihano na Cedeao kugira vyotswe igitutu co gusubizaho intwaro ishingiye kw'ibwirizwa nshingiro.
Mu nkofero itukura hamwe n'umwambaro vya gisirikare, Lt-Col Damiba w'myaka 41, yavuze ati:
"Ibikenewe nivyakwira, hisunzwe igihe ntarengwa kizoshingwa n'abanyagihugu mu bwigenge bwabo, ndiyemeje gusubizaho intwaro ishingiye kw'ibwirizwa nshingiro."
Yavuze ko azogira ibiganiro n'abaserukira imice yose y'igihugu kugira bumvikane ku kirangaminsi y'ibikeneye guhinduka.

Ahavuye isanamu, ANADOLU AGENCY
Yongeye avuga ko Burkina Faso ikeneye gufashanya n'amakungu, "ubu kuruta ibindi bihe", mu gihe iryo tembagazwa ryiyamirijwe cane.
"Nsavye amakungu gushigikira igihugu cacu kugira kive muri ibi bibazo vuba hashoboka".
Nta gice c'amakungu kanaka yavuze ashaka ko kibashigikira -iryo tembagazwa rishitse mu gihe Uburusiya buriko burahiganwa n'Ubufaransa mu gufasha ibihugu vyo muri Afrika y'uburengero kurwanya umugumuko w'intagondwa za ki-Islam uguma ukomera uko bukeye uko bwije.
Ubufaransa bufise ingabo ziharurwa mu bihumbi muri Afrika y'uburengero ziriko zirafasha ibihugu bwahoze butwarwa gikoroni harimwo Bukina Faso, Mali na Niger kurwanya ingabo z'abavuga ko barwana intambara nyeranda ya Islam (djihadists).
Ariko ikibanza c'Ubufaransa gitera kitabonwa neza mu karere mbere prezida Emmanuel Macron yaratanguye kugabanya ibitigiri vy'ingabo z'Ubufaransa muri ako karere.
Igihugu ca Mali kija kimaze kwerekeza amaso ku Burisiya kugira kizibire ico gihengeri , ivyo bikaba vyazanye ukutumvikana cane n'Ubufaransa, ubu naho umugwi w'abacangero b'aba-Rusiya ukaba wemereye abafashe ubutegetsi muri Burkiana Faso gukora ico bowusaba mu vyo usanzwe ukora.


Abasirikare muri Burkina Faso bamenyesheje ko bafashe ubutegetsi kuri television y'igihugu ku wa mbere kubera umutekano uguma wunyuka.
Mw'ijambo ryiwe, Lt-Col Damiba yavuze ko intambara yo kurwanya aba-djihadists kizoba igikorwa ca mbere ashira imbere hanyuma agaruze uduce tw'igihugu twifatiwe n'abo bagwanyi kugira abantu bashika miriyoni 1.5 bashobore gusubira mu zabo.
Imbere y'uko afata ubutegetsi, yari ku rugamba mu kurwanya intagondwa za ki-Islam, arandika n'igitabo kuri ico kibazo mu mwaka uheze.
Ibibazo nk'ivyo nyene muri Mali bihana urubibe vyatumye naho haba itembagazwa ry'ubutegetsi n'abasirikare mu kwezi kwa gatanu mu 2021 -igikorwa ahanini cakiriwe neza n'abanyagihugu.










