Uwahoze ari Pope Benedict ntaco yakoze kw'ihohoterwa, biri mu cegeranyo gishasha

Uwahoze ari Papa Benedicto XVI yarananiwe no kugira ico akoze ku mabi yo guhohotera abana igihe yari akiri musenyeri mukuru i Munich , nk'uko bivugwa n'amatohoza yo mu Budagi ku bijanye na Ekereziya Katorika.

Papa Benedicto, ico gihe yari azwi nka Josef Ratzinger, yari muri ico kibanza hagati ya 1977 na 1982. Yarahakanye ko ivyo vyabaye.

Ariko icegeranyo gishasha ku mabi avugwa ko yakozwe muri kahise cakozwe n'ikigo c'amategeko co mu Budagi kiragiriza uwo yahoze ari umwungere mukuru.

Ihohoterwa ryarabandanije igihe yari musenyeri mukuru, nk'uko bivugwa, kandi abapatiri bagirizwa bagumye mu mabanga bari bafise mu masengero bakoramwo.

Uwo yahoze ari papa, ubu afise imyaka 94, yabaye indongozi ya mbere ya Ekereziya yatanze imihoho (yeguye) mu myaka irenga 600 mu 2013, avuga ko arushe.

Kuva ico gihe, abayeho mu buzima buhwekereye i Vaticano aho azwi nka papa 'emerite'.

Ico cegerenyo gishasha c'ico kigo c'amategeko co mu Budagi citwa Westpfahl Spilker Wastl casabwe na Ekereziya Katorika.

Umunyamategeko Martin Pusch ashikiriza ico cegeranyo yavuze ati: "Habiri muri aho vyabaye vyakozwe ku gihe ciwe hanyuma birenzwako amaso na reta."

"Kuri vyompi, ababikoze bagumye bakora amabanga y'ubupatiri yo kwitaho abantu."

Hari hamwe bivugwa ko yari azi umupatiri yagirizwa guhohotera abana b'abahungu yimuriwe muri diyoseze yiwe, ariko abandanya gukora amabanga yo kwitaho abakristu - aho hakaba harimwo rimwe na rimwe kugendera no gushigikira abantu mu kibano iwabo.

Uwo yahoze ari Papa bivugwa ko yarungitse impapuro nyinshi z'inyishu ku bibazo vy'ico kigo, aho yerekanye ko ashigikiye iryo tohoza ariko agahakana kuba yarigeze amenya canke yanka kugira ico akoze kuri iryo hohoterwa rivugwa.

Ico cegeranyo, yamara, kirimwo inyandiko zisa n'izerekana bikomeye ko yari ari mu nama aho ico kibazo cavuzwe.

Vaticano yavuze mw'itangazo ko izokwihweza ido n'ido ry'ico cegeranyo niyo camara gusohoka.

Vaticano yongeyeko iti: "Nk'uko twongeye guterwa isoni n'ukwicuza twatewe n'amabi yakorewe abana bakiri bato n'abapatiri, Icicaro Ceranda kirashikirije ko gishigikiye abahuye n'ayo mabi bose kandi kiremeza inzira yo gukingira abatarakura n'uko haba ibibanza vy'aho ata kibi bashobora gukorerwa".

Icegeranyo caheruka ku mabi yakozwe muri kahise mu Budagi cerekanye ko abantu bashika 3.600 mu gihugu cose bari barakorewe amabi n'abantu bo mu mu nzego za ekereziya hagati ya 1946 na 2014.

Benshi mu bayakorewe bari abana bakiri bato kandi bakora nk'abahungu b'abakorezi kuri arutari.

Ico cegeranyo gishasha cibanze ku turere twa Munich na Freising catoye vyihariye ko nibura abantu 497 bakorewe ihohoterwa kuva mu 1945 gushika mu 2019.

Uretse uwo yahoze ari papa, ico cegeranyo kiranegura abandi bantu bo muri ekereziya, harimwo umusenyeri mukuru w'iyo ntara muri iki gihe, Cardinal Reinhard Marx.

Abakoze amatohoza basanze nawe hari aho ataco yakoze ku hantu habiri havugwa ihohoterwa.

Uwo mu karidinari aramaze gusaba Papa François gutanga imihoho mu kwezi kwa gatandatu mu 2011 avuga ko akwiye kwumva nawe hari ico yobazwa ku "kaga" k'ihohoterwa riguma rishirwa ahabona.

Papa François ariko yaranse ubusabe bwiwe bwo gutanga imihoho. Imbere yaho, papa yari yahinduye amategeko ya Vaticano ajanye n'ivyaha, aho yakajije cane aho ekereziya ihagaze ku vyerekeye ihohoterwa rishingiye ku gitsina.