Uruhinja rukivuka rwatowe ahatabwa umucafu muri toilet ya Air Mauritius

Newborn baby wrapped in a blue blanket
Insiguro y'isanamu, Umwana na nyina bivugwa ko bompi bameze neza
    • Umwanditsi, Na Yasine Mohabuth
    • Igikorwa, BBC News, Mauritius

Abakozi ku kibuga c'indege mw'izinga rya Maurice batoye uruhinja rukivuka rwasizwe aho bata umucafu mu kazu ka surwumwe ko mu ndege.

Umugore w'imyaka 20 aturuka muri Madagascar, yikekwa kuba ariwe yari ahejeje kuvyara muri iyo ndege, yarafashwe.

Iyo ndege ya Air Mauritius (Izinga rya Maurice), yari yashitse ivuye muri Madagascar, yururutse ku kibuga mpuzamakungu c'indege ca Sir Seewoosagur Ramgoolam itariki imwe ya Nzero (ukwezi kwa mbere).

Abakozi bo ku kibiga c'indege batoye uwo mwana igihe bariko barasuzuma iyo ndege nk'uko bisanzwe bikorwa.

Babonye agatambara ko kwihanaguza mu kazu ka surwumwe kariko amaraso, baca banyarukana urwo ruhinja ku bitaro biri hafi kugira rwitabweho.

Igiporisi co ku kibuga c'indege carasambishije kandi abari muri iyo ndege.

Umugore akekwa kuba ariwe nyina w'uwo mwana, mu ntango yatanguye guhakana ko ariwe nyina wiwe, yaragirishijwe ibipimo bica vyemeza ko yari ahejeje kuvyara.

Yaciye aguma acungerewe n'igiporisi mu bitaro. We n'umwana wiwe bivugwa ko bameze neza.

Uwo mugore ava muri Madagascar, yari aje muri Maurice ku ruhusha rwo gukora rw'imyaka ibiri, azosambishwa amaze kuva mu bitaro hanyuma yagirizwe guta umwana akivuka.