Uko umuganga w'indwara z'ubuhumekero yakiriye umuvyeyi yavyariye mu ndege

Ahavuye isanamu, FACEBOOK ALENA FEDCHENKO
Umuganga yari yigiriye mu karuhuko asigura ingene yafashije kwakira umuvyeyi yibarukiye umwana w'umuhungu mu ndege.
Alena Fedchenko, umuhinga mu kuvura indwara n'amatwi, iz'amazuru n'iz'imihogo, avuga ko yari mu ndege ya Qatar Airways avuye i Doha aja i Bangkok ku wa kabiri mw'ijoro aho abakozi bo mu ndege bahamagara ko bakeneye umuganga vyihutirwa.
Yaciye yitaba, hanyuma atwarwa mu cumba c'abakozi bo mu ndege aho umukenyezi yari aryamye ari ku bise.
"Nari mfise ubwoka ko bishobora kugorana, ariko vyose vyagenze neza".
Umupfasoni Fedchenko yabwiye umunyamakuru wa BBC ko uyo mwana yagiye kuvuka hagati y'iminota 15 na 20 ari mu ndege ya Qatar Airways.
Uyo mupfasoni Fedchenko, yahoze yiga kw'ishure kaminuza ry'ubuvuzi rya Kyiv ari naho yigiye ivyigwa vy'intangamarara mu bijanye n'ukwibarutsa, ivyigwa ari ngombwa ku baganga bose.
Asigura ivyo, yibuka avuga ati: "Naraciye uruzogi. Hanyuma ingovyi iravayo".
"Mu misegonda mike gusa, naciye nibuka ivyo nize".
"Nta mutima wasimvye. Naciye ntangura gukora ivyo nategerezwa gukora. Narambaye uturindantoke nca ntangura gutegura uyo mukenyezi. Umwana yari hafi gusohoka".
Uyo muvyeyi ava mu gihugu ca Thailand yari aryamye hasi ku karengeti.
Fedchenko ati: "Yavyaye mu mwanya muto, kandi ku gihamana ciza, ata ngorane zihabaye".
"Uyo muvyeyi nta n'uko yakomye induru cane. Nagumye ndamuhumuriza nti 'vyose biragenda neza', kandi ko ari mu maboko meza kuko nari umuganga".

Ahavuye isanamu, FACEBOOK ALENA FEDCHENKO
Umupfasoni Fedchenko avuga ko uyo mwana yavutse hageze kandi ko yari ameze neza.
Mu kibanza c'iteka zari za champagne gusa!
Umudereva w'indege mu nyuma yatangarije abari mu ndege ko hari umwana w'umuhungu yavutse, ingenzi zose zitera impundu n'umunezero mwinshi cane.
Haciye hafatwa ingingo ko iyo ndege yururukira ku kibuga c'indege ca Calcutta mu Buhindi kugira ngo uyo muvyeyi n'umwana bajanwe mu bitaro.
Mu bisanzwe Qatar Airways ntiyemerera "umuvyeyi afise imbanyi iri mu mezi icenda gufata urugendo", ariko ntaco iyo kompanyi irashikiriza.
Haciye umwanya utari muto, iyo ndege yarabandanije urugendo ija muri Thailand nk'uko umupfasoni Fedchenko abivuga.
Uyo muganga - yari asanzwe agiye gufatira akaruhuko muri Vietnam - yahavuye atumirwa kuja kwicara mu kibanza c'iteka mu ndege, aho bamuzimanye za champagnes n'ivyamwa bitandukanye.
Ati: "Bose baranshimiye, bakaguma bankora mu minwe", avuka ko yuzuye umunezero utagira igipimo inyuma y'ico gikorwa c'iteka yari ahejeje gukora.










