Umugabo yapfiriye mu ndege amize udusaho 246 tw'ikiyayuramutwe cocaïne

Agasaho ka cocaïne

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Agasaho ka cocaïne

Umugabo akomoka mu gihugu c'Ubuyapani yapfiriye mu ndege yari ivuye ku mugwa mukuru w'igihugu ca Mexique, Mexico, inyuma y'aho amiriye udusaho 246 tw'ikiyayuramutwe bita cocaïne.

Iyo ndege yatera ija mu gihugu c'Ubuyapani, vyabaye ngombwa ko itura vyihuta ku kibuga c'indege co ku mugwa mukuru w'intara ya Sonora, Hermosillo, mu buraruko bwa Mexique, inyuma y'aho uyo mugabo yari atanguye kwumva amerewe nabi.

Abategetsi bavuga ko uyo mugabo yari azwi kw'izina rya Udo N, yishwe n'ikivyimba co mu bwonko kivuye kuri ico kiyayuramutwe cari kirenze urugero.

Uyo mugabo yari yinjiye muri iyo ndege avuye ku mugwa mukuru wa Colombia, Bogotá.

Mexico

Itangazo ryasohowe n'umushikirizamanza mukuru wa Sonora rivuga ko utwo dusaho badusanze mu mushishito (canke igifu mu Kinyarwanda) no mu mara mu gihe bariko bamupima kugira bamenye icamwishe.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Presentational white space

Utwo dusaho twapima uburebure bwa santimetero zibiri n'igice ( 2.5cm) n'ubwaguke bwa santimetero imwe (1cm).

Inyuma y'aho, ingenzi zindi 198 zari muri iyo ndege zashoboye kubandanya urugendo rwazo.

Abategetsi bo mu gisagara ca Mexico ni bo bazobandanya ayandi matohoza.