Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ya Afrika y'epfo yarekuye kunywa urumogi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ya Afrika y'epfo yatanze uburenganzira bwo kunywa urumogi ku bantu bakuze mu bibanza vyiherereye.
Abaharanira berekanye umunezero ku mugaragaro ari na ko baririmba " Ubu urumogi rurarekuwe " aho sentare ijejwe kwubairiza ibwirizwa shingiro yashikiriza iyo ngingo y'akataraboneka.
Mu ngingo yemejwe na bose, abacamanza barekuye kandi abantu gutera urumogi ku bantu bashaka kurunywa.
Reta ya Afrika y'epfo yari iyo ngingo ivuga ko urumogi "rugira ingaruka mbi" ku magara y'abantu.
Gushika ubu nta co reta iravuga kuri iyo ngingo yafashwe itabishaka.
Mu kwezi kwa kane, Zimbabwe cabaye igihugu ca kabiri muri Afrika inyuma ya Lesotho, cemeje ikoreshwa ry'urumogi mu buvuzi gusa.
Abanye Afrika y'epfo batatu bakoresha urumogi bari bashikanywe imbere y'ubutungane bazira kurunywa, bari bituye sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro bavuga ko "ari ukubinjirira mu buzima".
Mu ngingo yafashe, icegera c'umucamanza mukuru Raymond Zondo yavuze:"Nta caha kizoba kirimwo k'umuntu akuze anyoye canke afatanywe urumogi mu kibanza ciherereye ashaka kurukoresha."
Ariko bizoguma bibujijwe kurumywa ku mugaragaro, kurugurisha canke kurugemura.

Ahavuye isanamu, EPA
Ikigo kijejwe guteza imbere igiterwa c'urumogi muri Afrika y'epfo cakiriye neza iyo ngingo, kinahamagarira reta guhanagura icaha ku bantu basanze barufise.
Jeremy Actor, arongoye umugambwe wa Dagga, uharanira ikoreshwa ry'urumogi, yavuze ko iyo ngingo yari no kwemeza gutwara urumogi ku mugaragaro.
Urumogi bagwita "dagga" muri Afrika y'epfo.
Sentare yahaye amazi 24 inama nshingamateka ngo ibe yahinduye amategeko kugira yisunge iyo ngingo.
Abantu bakuze banywa urumogi biherereye boshobora gukingirwa n'iyo ngingo gushika amategeko asubiwemwo.
Iyo sentare ariko ntiyavuze urugero rw'urumogi umuntu ashobora gutera canke kunywa yiherereye.
Yavuze ko sentare ari yo ishobora gushinga urwo rugero.










