Zimbabwe yemeje ikoresha ry'urumogi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihugu ca Zimbabwe kibaye ica kabiri ku mugabane wa Afrika cemeje ikoresha ry'urumogi mu bisata vy'ubuvuzi n'ubuhinga.
Mw'itangazo rya leta umushikiranganji w'amagara y'abantu Dr David Parirenyatwa, yavuze ko abantu ku giti cabo hamwe n'abafise ivyashara bipfuza gutera urumogi rwokoreshwa mu bisata vy'amagara y'abantu canke vy'ubuhinga, bazoshobora gusaba impusha.
Urwo ruhusha rw'ikiringo c'imyaka itanu ngo ruzofasha abarurima, gutwara no kugurisha urwo rumogi, amavuta yarwo canke urumogi rwumye.
Kurima canke gufatanwa urumogi rusanzwe ruzwi kw'izina "mbanje" canke "dagga" muri Afrika yepfo, vyahanwa n'igipfungo c'imyaka 12.
Gutumura urumogi nk'itabi biguma bibujijwe.
Abarekuriwe gusaba impusha ni abanyagihugu ba Zimbabwe canke abafise impusha zo kuba muri Zimbabwe, canke abaronse uruhusha rw'umushikiranganji.
Abigeze gukurikiranwa ku vyaha vyerekeye urumogi ntibarekuriwe gusaba izo mpusha.
Igihugu ca Lesotho nico cabaye ica mbere kurekura ikoresha ry'urumogi mu gisata c'ubuvuzi mu mwaka uheze.
Igihugu ca Zimbabwe gisanzwe kiri mu bihugu vya mbere muri Afrika yepfo birima itabi, kigurishiriza ahanini mu Bushinwa.
Afrika niyo ikurikira Amerika mu kwimbura urumogi no mu kurukoresha, mu cegeranyo ca Onu co mu 2017.










