FMI: Zimbabwe ikeneye kunagura ubutunzi vyihuta

Ahavuye isanamu, Reuters
Zimbabwe itegerezwa kwihutira gusubiza itoto ubutunzi no gusubira kugira uburenganzira ku mfashanyo y'amakungu, nk'uko bivugwa n'ikigega c'isi, FMI.
Amahera reta ikoresha hamwe n'ideni ry'amahera y'agaciro Zimbabwe ifise n'umurengera, ku buryo ico gihugu gikeneye kubisubiramwo, nk'uko uwuserukira iryo shirahamwe muri ico gihugu Gene Leon yabibwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.
Umutegetsi mushasha agiye kwimikwa, Emmerson Mnangagwa yiyemeje guteza imbere ubutunzi no kugwiza "akazi , akazi ,akazi".
Ico gihugu cigeze kuba gifise ubutunzi bukomeye ubu kibonwa nk'igiseke kigaragara mu karere.
"Uko ubutunzi bwifashe muri Zimbabwe biracagoye cane," ni ko Leon yabwiye Reuters.
Yavuze ko amahera menshi reta ikoresha ategerezwa gusubirwamwo kandi ico gihugu gitegerezwa guhangana n'ideni ry'umurengera cafashe.
"Ingingo zo kugabanya igihengeri kinini zitegerezwa kwihutirwa, gusubiramwo ubutunzi bikihutirwa, hanyuma imigenderanire n'amakungu ikiyongera kugira Zimbabwe ironke imfashanyo y'amahera." ni ko Leo yavuze.










