Ashraf Ghani: Uyu yahoze arongoye Afghanistan arasigura ingene yacitse aba Taliban

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwahoze arongoye Afghanistan arisigura ku ngingo yiwe yafashe yo guhunga igihugu igihe aba Taliban bari bamusugereje muri uno mwaka, avuga ko yayifashe kugira ngo akize Kabul.
Aba Taliban bigaruriye ubutegetsi mu kwezi kw'umunani inyuma y'aho bafatiye umugwa mukuru.
Igihe avyuka ku wa 15 z'ukwa munani, Ashraf Ghani avuga ko ata ciyumviro cari mu mutwe c'uko wari wo musi wa nyuma wo kuba muri Afghanistan.
Mu kiganiro Today ca BBC Radio 4, Ghani yavuze ko yagiye kubona ko kari kabaye abonye indege yiwe ivuye muri Kabul.
Ico gihe, yaraneguwe bikomeye cane, anagirizwa ko yataye igihugu. Ubu ari muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (Emirats Arabes Unis/United Arab Emirates).
Ghani yavuze aya majambo mu gihe yariko aganira na Jenerali Sir Nick Carter, yahoze arongoye ibiro bikuru vyo kwivuna abansi mu Bwongereza, akaba yari umutumire mukuru ahagarariye ikiganiro ca BBC Today kuri uyu wa kane.
Ghani yibuka ko umusi utanguye, abarwanyi b'aba Taliban bari bemeye ko batari kwinjira muri Kabul - "ariko haciye amasaha abiri, siko vyagenze".
Ati: "Imirwi ibiri itandukanye y'aba Taliban yari idusugereje iciye mu nzira zibiri zitandukanye. Kandi vyarashoboka ko imishamirano hagati yayo yari gusambura igisagara c'abantu imiriyoni zitanu igatera akaga gakomeye cane ku bantu".
Yaremereye umuhanuzi mukuru mu vyo umutekano n'umugore wiwe kuva muri Kabul, hanyuma arindira imodoka yari kumushikana ku biro vy'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.
Iyo modoka ntiyigeze ishika. Ahubwo, umukuru w'umurwi wari ujejwe gucungera umukuru w'igihugu yari "afise ubwoba bwinshi" yaramwegereye amubwira ko, ari nka hamwe Ghani yorondera kwihagararako, "bose baricwa".
Ghani ati: "Nta minota irenga ibiri yampaye. Nabategetse ko twategerezwa kuhava tukaja mu gisagara ca Khost. Yambwiye ko Khost yari yafashwe, co kimwe na Jalalabad.
"Si nabona iyo twari kuja. Gusa indege imaze guhaguruka, niho nagiye kubona neza ko turiko turava muri Afghanistan. Rero mu vy'ukuri, ibi vyabaye giturumbuka".
Amaze kugenda, abatari bake muri Afghanistan babandanije bamunegura harimwo n'icegera ciwe, Amrullah Saleh yavuze ko vyari "ibiterasoni".
Hari ibirego vy'uko Ghani yagiye atwaye amafaranga menshi - ivyo yiyamiriza yivuye inyuma, mbere akaba anasaba ko hoba amatohoza mpuzamakungu avuga ko ari yo yomusubiza agashambara.
"Nashaka kuvuga nshimitse ko ata n'ifaranga na rimwe nigeze nkura mu gihugu. Ingene mbayeho bose barabizi. Amafaranga noyakoresha iki?"
Ghani aremera ko habaye amakosa, harimwo "kwiyumvira ko amakungu yari kubandanya yihanganye igihe kirekire".
Hagati aho, avuga ko amasezerano yabaye hagati y'aba Taliban na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku butegetsi bwa Donald Trump ari yo ntandaro y'ivyabaye ku wa 15 z'ukwa munani.
Ghani ati: "Aho kuba umugambi w'amahoro, habaye ivyo gutahukana ingabo". Ghani yongera ko inzira ayo masezerano yabayemwo yishe vyose.
Muri ayo masezerano, Amerika yari yemeye kugabanya ingabo zayo n'iz'ibihugu bicuditse nayo, hanyuma bagahanahana impfungwa - mu nyuma uyu muhari w'abarwanyi ukaba wategerezwa kuganira na reta ya Afghanistan.
Ibi biganiro ntaco vyashitseko: gushika mu ci rya 2021, igihe Perezida Joe Biden yemereye ko gushika ku wa 11 z'ukw'icenda yari kuba yamaze gutahukana ingabo za nyuma, aba Taliban bariko bakwiragira muri Afghanistan, bigarurira ibisagara ku bindi.
Impera n'imperuka, Ghani avuga ko ivyabaye kwabaye "ugusenyura ubutegetsi hakoreshejwe ingimba, aho guca mu nzira y'umwumvikano, canke mu biganiro vy'amahoro vyahuje abanyagihugu".
Uyo musi nyene Ghani ava muri Kabul, niho aba Taliban bafata ubutegetsi. Kuva ico gihe, igihugu caciye kigwa mu ngorane z'imibereho y'abanyagihugu n'iz'ubutunzi, zagiye kwunyurwa n'uko amakungu yaciye ahagarika imfashanyo inyuma y'aho uyo muhari ufatiye ubutegetsi.
Inyuma y'amezi atatu, Ghani avuga ko yipfuza kwemanga bimwe bimwe mu vyatumye Kabul ifatwa - nko kwizera "ubufatanyabikorwa n'amakungu".
Hagati aho, yongera ati: "Ivyo nakoze vyose mu buzima bwanje vyarasambutse. agaciro kanje karahonyanzwe. Hanyuma vyose babisutse kuri jewe".











