Somalia: Umushikiranganji wa mbere Roble yimye agaciro ingingo y'umukuru w'igihugu

Mohamed Hussein Roble takes part in a session entitled "The Power of Education" on the second day of the Global Education Summit in London, Britain July 29, 2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere Mohamed Hussein Roble ari muri ico kibanza kuva mu 2020

Umukuru wa Somalia Mohamed Abdullahi Farmajo yahagaritse mu mabanga umushikiranganji wa mbere, ahanganye n'ibivugwa ko afise uruhara mu kwiba amatongo.

Ariko ibiro vya Mohamed Hussein Roble vyavuze ko itangazo ry'umukuru w'igihugu rishavuje cane kandi ko azobandanya ari umushikiranganji wa mbere.

Abamushigikiye bavuze ko umukuru w'igihugu yagerageje kumutembagaza aciye mu nzira iziguye ("indirect coup").

Inzego zijejwe umutekano zagerageje ariko zirananirwa no kubuza umushikiranganji wa mbere kwinjira ibiro ku wa mbere, nk'uko babandanya babivuga.

Abo bagabo babiri bamaze igihe kirekire bapfa ubutegetsi, ibitera impungene ko bishobora kwunyura ukubura amaragano muri Somalia.

Ubuserukizi bwa Anmerika muri Somalia bwasavye abo abategetsi "kwirinda ikintu cose gisomborotsa hamwe n'intureka."

Somalia ntirasubira kuronka reta mpuzantara ifashe kuva mu 1991 hatembagajwe Siad Bare yari amaze imyaka myinshi ku butegetsi.

Ico gihugu ciziziwe n'indyane zifatiye ku bakeba b'abanyeporitike hamwe n'imiryango.

Gihanzwe kandi n'ubugumutsi bw'aba al-Shabab , umuhari ucuditse na al-Qaeda.

Ikiringo ca Farmajo ku bisanzwe caheze muri Ruhuhuma (ukwezi kwa 2) ariko kirongerezwa kubera ukutumvikana ingene hatorwa umukuru w'igihugu mushasha.

Amatora y'inana nshingamateka, aho inararibonye z'imiryango zitora abashingamateka, ariko araba kuva muri Munyonyo (ukwezi kwa 11).

Yategerezwa kuba yaheze itariki 24 za Kigarama (12), ariko iryo sango ntiryubahirijwe.

Abo bategetsi bagirizanya kubangamira amatora.

Farnajo yavuze ko ahagaritse mu mabanga umushikiranganji wa mbere mu kurindira ikiva mu matohoza ku biturire avugwamwo.

Roble ubu vuba yaragirijwe, hamwe n'abandi bategetsi, kuba barihaye kandi bakiba itongo rya gisirikare ku murwa mukuru, Mogadishu. Arahakana ibivugwa.

Muri tweet itangazo rya Farmajo rimaze gusohoka, ibiro vy'umushikiranganji wa mbere vyavuze ko ari mu mirimo ya minsi yose "uko bisanzwe" kandi ko aguma ashingiye "ku nzira nyayo y'amatora azoshikana ku guhanahana ubutegetsi mu mahoro".

Umwunganizi w'umushikiranganji ajejwe amakuru Adala yavuze ko kurungika abajejwe umutekano gukikuza ibiro vya Roble bitazomubuza kubandanya gukora imirimo yiwe.

Yavuze ati "ibiriko biraba muri iki gitondo n'itembagazwa riziguye, ariko ntaco rishikako."

Abo bategetsi batanguye kunyinyana mu kwezi kwa Ndamukiza (ukwa 4) aho Farmajo yiyongerereza ikiringo c'umukuru w'igihugu, bigatuma ingabo zishigikiye umwe umwe muri abo bagabo zihangana ku murwa mukuru Mogadishu.

Abo bagabo basubiye guca kubiri muri Nyakanga (ukwa 9) igihe Faramajo yaka Roble ububasha bwo kugena no gukura abategetsi, ariko mu nyuma akabumusubiza.

Insiguro ya video, Akaririmbo k'uyu mu Somaliakazi karakunzwe cane ku mbuga...