Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugore afise inda muri 15 bagirijwe ibitero muri Uganda
Sentare muri Uganda yagirije abantu 15 -barimwo umugore afise inda (atwite) - iterabwoba kubera uruhara boba baragize mu bitero vyinshi vyabaye muri ico gihugu.
Benshi muri abo bagirijwe ko ari abanywanyi ba Allied Democratic Forces (ADF) , umuhari w'abagwanyi uri muyigize umugwi wa Islamic State.
Abategetsi bavuga ko uwo mugwi uri inyuma y'ibitero vy'ama bombe biherutse kuba muri ico gihugu.
Ingabo za Uganda ziri kugaba ibitero kuri ADF muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo bihana urubibe.
Uwo mugwi washinzwe mu myaka ya 1990 n'abanya-Uganda bari bashegeshwe n'ingene reta yari ifashe aba Islam, ariko waromowe mu birindiro warimwo mu ntara y'imisozi ya Rwenzori mu burengero bwa Uganda aho abagwanyi bayo batera abanyagihugu bagaturira n'amashure mu ntango za 2000.
Ibitero vyo muri Gitugutu (ukwezi kwa 10) n'ibibombe bitatu vy'abihevyi ku mu murwa mukuru muri Munyonyo (ukwezi kwa 11) vyarakanguye abategetsi ku mikenyuro iguma ihindagurika y'uwo mugwi.
Igiporisi cabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko abakekwa 15 bahanganye n'ivyaha vy'iterabwoba, gufasha no gukokeza iterabwoba hamwe no kuba mu mugwi w'iterabwoba, kandi bazoguma bapfunzwe gushika umunsi wo gusubira kwitaba sentare ku wa 13 Nzero (ukwezi kwa mbere).
Abagirijwe ntibavuze ko bemera canke bahakana icaha.
Muri uku kwezi, igihugu ca Congo caremeye ivyo casabwe na Uganda ko yogaba ibitero birimwo n'ivy'indege no kugomora ingabo zo hasi mu ntara y'ubuseruko mu kurwanya ADF.