Aba-Maasai TikTok yazaniye aba-fana ba Bollywood

Kili and Neema Paul

Ahavuye isanamu, Kili Paul

    • Umwanditsi, Na Priya Sippy
    • Igikorwa, Umunyamakuru

Mu mwambaro wabo uranga aba-Maasai kandi bakikijwe n'inka, abanya-Tanzania ba vuba mu kuba rurangiranwa kuri Tik Tok, abavukana Kili na Neema Paul, bariko bitegurira gufata video yabo ya vuba.

Terefone ngendanwa igezweho yashinzwe ku nkingi imetero nkeya imbere y'inzu yabo muri Mindu Tulieni, ikigwati gito co mu ntara ya Pwani yo mu buseruko,

Igisagara kiri hafi, Lugoba, kiri ku rugendo rw'isaha n'amaguru. Mu gihe ico kigwati ata muyagankuba gifise, Kili akigendera buri munsi kugira ashire umuriro muri terefone yiwe.

Mu kwitegurira gufata iyo video , Kili, w'imyaka 26, ahagaze inyuma ya mushikiwe w'imyaka 23, Neema.

Umuziki umaze gutangura kuvuga, Kili na mushikiwe baca bakurakuranwa mu kwigana mu gi-Hindi bongera batamba ku murindi w'izo ndirimbo zizwi cane muri film/sinema za Bollywood [ingene bakubita iminwa bigahurirana neza neza n'amajambo y'iyo ndirimbo nk'uko womenga ijwi ni iryabo kandi humvikana iry'uwayiririmvye bwite; Lip sync).

Mu mezi make aheze, izo video zabo zo gukubita iminwa zararabwe cane ku mbuga hwaniro mu Buhindi.

Video yabo yamenyekanye cane, bigana Raataan Lambiyan yo muri Shershaah , film y'uyu mwaka ya Bollywood, yarabwe incuro zirenga miriyoni imwe mu minsi mike gusa.

Tambuka Instagram ubutumwa, 1
Uremeye ibiri kuri Instagram?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya Instagram ubutumwa, 1

1px transparent line

Yakwiragijwe n'abakinyi bakuru muri iyo film Kiara Advani na Sidharth Malhotra.

Nyene kuririmba ubwa mbere iyo ndirimbo, Jubin Nautiyal, yaratunguye abo bavukanyi igihe bagira ikiganiro c'ikibiriraho kuri imwe mu maradiyo yo mu Buhindi.

Nautiyal yababwiye ati : "Bose barabazi mu Buhindi. Muri rurangiranwa".

'Kurengerwa'

Video bakoreye muri Mindu Tulieni, aho benshi badatunze terefone zigezweho, Kili na Neema ntibigeze bibaza ko zoshikiriye abantu baharurwa muri za miriyoni mu Buhindi no kw'isi nzima.

Kili ati: "Tugitangura, vyari ibintu vyo kwiryohera gusa, ntitwigeze twibaza ko tuzomenyekana isi yose.

"Maze gutangura kubona abantu bariko barayiraba n'ico bavuga mu Buhindi, naratangaye. Nararengewe."

Icabatumye gukora izo video n'ugukunda film za Bollywood Kili yatanguye kuraba igihe yagenda mu mashure ku murwa mukuru , Dodoma.

N'ubwo batari bazi urwo rurimi, we na mushikiwe bariyigishije kuririmba mu gi-Hindi.

Kili avuga ati: "Kuva nkiri muto, nararaba ama film ya Bollywood mu ma cinema yo muri Tanzania nca ndakunda cane izo film n'indirimbo zirimwo. Iyo ukunda ikintu, biroroshe kuciga".

"Binsaba iminsi mike yo kwiga amajambo y'indirimbo no kwimenyereza kuyisubiramwo. Ndarondera ico ayo majambo asigura mu congereza kugira menye uko ndayitamba neza."

"N'imbere y'uko numva ico indirimbo ivuga, mba namaze kujana n'umuziki wayo."

Kili yatanguye asubiramwo izo ndirimbo wenyene, mu nyuma azana mushikiwe nawe nyene asanzwe akunda film za Bollywood.

Neema avuga ati: "Igihe musazanje yansaba kugira video hamwe nawe, nabanje kwanka kuko nari mfise isoni zo kuja imbere ya camera."

"Ariko mu nyuma ntangura kubimenyera. Ivy'abaye ni amayobera - ntitwigeze twibaza ko umunsi nk'uwo woshitse."

Mu kibano ntibavyumva

Abo bavukana babiri, ubwa mbere bakuze baragira inka bakora no mu mirima, ubu umwanya bawumara batanga ibiganiro kuri television na radiyo zikomakomeye zo mu Buhindi.

Ariko no mu gihugu cabo ca Tanzania, ubu baratanguye kumenyekana nka bamwe mu bazwi cane kuri Tik Tok.

Konte izwi ya Kili kuri Tik Tok ubu ifise miriyoni 1,8 y'abantu bamukurikira . Nta mwaka urakwira kuva atanguje iyo konte yiwe - amaze kumenya ivyerekeye Tik Tok abibwiwe n'abagenzi.

Neema nawe aramaze kwuguruza konte yiwe kuri Instagram, ubu ikaba ifise abayikurikira bashika hafi 65.000.

Tambuka Instagram ubutumwa, 2
Uremeye ibiri kuri Instagram?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na Instagram. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha Instagram amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya Instagram ubutumwa, 2

1px transparent line

Ariko mu gihe inkuru y'abo bavukana iriko irabica bigacika ku mbuga hwaniro hirya no hino kw'isi, mu muryango no mu babanyi ho basa n'uko ataco bazi kuba abana babo bariko baraba ba rurangiranwa.

Kili avuga ati: "Abantu benshi ngaha ntibatunze terefone zigezweho kandi ntibazi ivyerekeye imbuga hwaniro. Na Neema nta vyinshi atahura. Biramuryohera gusa ariko ntazi ingaruka biriko biragira".

"Nta muntu n'umwe yumva ivyari vyo igihe abanyamakuru batangura kuza mu kigwati iwacu bazanye n'ama-camera ya television.

"Ubwa mbere umuryango wanje waguma wibaza igituma ndirimba kandi ngatamba aho kuragira inka.

"Ubu baratanguye gutahura ko ndiko ndakora ikintu ciza."

'Indoto zibaye ukuri'

Nta mafaranga barakura muri ivyo biyumviriye gukora, ariko vuba barashobora kuva mu buzima bwo mu kigwati bakaja gukina film/sinema.

Ibinyamakuru vyo mu Buhindi bivuga ko baja bamaze gutangura kuronderwa cane na Bollywood.

Ni indoto zabaye ukuri kuri Kili na Neema, bavuga ko kuva kera bamye bashaka gukora ivyo guteramisha abantu, ariko batigeze bibaza ko vyoshobotse.

"Tuva mu kigwati gito hanze y'igisagara, nico gituma ntigeze nibaza ko indoto zanje zo kuba umukinyi w'ama-film no guhagarara imbere ya camera zobaye ukuri. Ivyo nabigumanye mu mutima wanje", ivyo bivugwa na Neema, we bitandukanye na musazawe, atigeze ava muri Mundu Tulieni.

"Amahirwe yo kuja mu Buhindi yoba ari igitangaza."

Amakungu arorera, abo bavukana bavuga ko bafise ishaka ryo gutangura gukora izindi video zo guha ababakurikira.

"Dushaka ko abantu baraba izi video bakaryoherwa, nico gituma twatanguye kuzikora."

"Vyinshi biri mu nzira, abafana bacu rero ni bagume hafi."

Priya Sippy n'umunyamakuru akorera uwubimusavye aba London.

line