AC-Génocide ivuga ko kuvuga ko habaye jenoside y'Abahutu mu Burundi ari 'ikinyoma'

Ahavuye isanamu, BURUNDI CVR
Umurwi ujejwe gutohoza ukuri ku mabi yakozwe mu Burundi kuva ku gihe c'ubukoroni (CVR) uremeza ko abahutu bo mu Burundi bakorewe ubwicanyi bw'ihonyabwoko (genocide) mu 1972 no mu 1973.
Vyashikirijwe inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoraniye hamwe mu ngoro ya Kigobe i Bujumbura ejo ku wa mbere.
Umukuru w'uwo murwi, Pierre Claver Ndayicariye yashikirije icegeranyo cerekana ido n'ido ry'ingene Abahutu na cane cane abize n'abari bafise ubuzima bwiza, bahizwe, bagafatwa bakicwa mu buryo bw'agashinyaguro kandi buteye ubwoba mu gihugu cose kuva mu mpera z'ukwezi kwa kane mu 1972 kubandanya no mu 1793.
Ndayicariye yavuze ko uwuza kw'isonga muri ako kabi ari uwari umukuru w'igihugu ico gihe Capitaine Michel Micombero.
Hagati aho, ishirahamwe ryishinze kurwanya ihonyabwoko mu Burundi, AC-Génocide ririyamiriza iki cegeranyo ca CVR, rikavuga ko ari ikinyoma.
Umurwi CVR wavuze ko washitse kuri iyo nyito umaze kwihweza amakuru umaze kwegerenya ku bwicanyi bwakozwe ico gihe, ivyaha vyakozwe hamwe n'amategeko avuga ingene bikwiye kwitwa.
Pierre Claver Ndayicariye yabwiye abashingamateka n'abakenguzamateka ko umugwi CVR umaze kwugurura ibishobora kuba ari ibinogo rusangi 679, ukaba umaze guharura ibisigarira vy'abantu babihambwemwo bashika 19.897, uretse ko ''hari amagufa yamaze gucika ifu n'abishwe bagatabwa mu nzuzi".
Umukuru w'uwo mugwi yavuze ko kimwe mu bimenyetso ko bwari ubwicanyi bwateguwe ari uko ''ibinogo birebire" vyahambwemwo abantu ikivunga ''vyari vyarimbwe imbere y'igihe mu 1970 no mu 1971."
Emmanuel Nkurunziza arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya ihonyabwoko, AC-Genocide wewe siko abibona, akavuga ko ata cizere afitiye umurwi CRV.
Wewe yemeza ko ubwicanyi bwakorewe Abahutu mu Burundi ari ubwakozwe na reta yariko ihasha abari bateguye gutikiza ubwoko bw'Abatutsi.
Ati: "Icabaye ico gihe iriko ihasha abo bicanyi bagomba guhonya ubwoko bw'abatutsi yakoze ubwicanyi nayo kuri ubu ikajaniranya n'abataco bazira kandi abantu bagapfa ku bwinshi".
Avuga ko kubona CVR itakoranye n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU nk'uko vyumvikanyweko mu masezerano y'amahoro y'i Arusha mu 2000 ari ukuvuga y'uko "bategura ivyabo atawubagiriza".
Umviriza ingene Emmanuel Nkurunziza avuga:
Ni ryari ubwicanyi bwemerwa n'amakungu ko ari Jenoside?
Nico kibazo BBC yabajije umuhinga mu vyo amategeko Ernest Sagaga, akavuga ko mu bisanzwe ONU yemera ivyemejwe n'inzego iba yarashizeyo yo nyene.
Avuga ko kugira yemere ko habaye jenoside, bitegerezwa kwemezwa n'urwego rw'ubucamanza yo nyene yashizeho.
Hagati aho avuga ko icaha ca jenoside gishobora kwemerwa mu gihe inzego zitandukanye z'ibihugu, nk'akarorero inama nshingamateka canke ama reta ubwayo, ariko bikaba ata nkurikizi bizogira mu butungane.
Umviriza ingene avuga:
CVR yoyo ihamagarira gusaba imbabazi no kuzitanga
Hamaze imyaka hari impari zo kumenya inyito y'ubwicanyi bwo mu 1972 mu gihe hari abavuga ko mu ntango ryari ihonyabwoko ry'abatutsi hanyuma rigakurikirwa n'iyicwa ry'abahutu n'inzego za reta y'ico gihe.
Umugwi CVR uremeza ko imbere y'uko abahutu bicwa mu gihugu hari abatutsi babanje kwicwa na cane cane mu ntara z'ubumanuko bw'Uburundi.
Umukuru w'umugwi CVR yavuze ko abokoze ayo mabi botangura gutegura imitima yabo kugira basabe imbabazi, abayakorewe nabo bagategura iyabo kugira bazitange.
Yavuze kandi ko hakwiye kuzoca haba amatohoza yimbitse kugirango harabwe ko abatwawe ibintu bishoboka ko bobisubizwa.
Umugwi CVR uvuga kandi ko na reta ikwiye gusaba ikigongwe kuko mu bakoze ayo mabi na cane cane harimwo inzego za reta.
Uwo mugwi uvuga kandi ko hakwiye gushingwa umunsi w'icese wo kwibuka iryo honyabwoko ryakorewe abahutu mu 1972 no mu 1973.
Amatohoza ya CVR arabandanya ku yandi mabi arimwo ubwicanyi yabaye mu Burundi harimwo ubwo mu 1988 no mu 1993.
Ikiringo co gutohozako kiva ku ntwaro ya gikoroni mu mpera z'ikinjana ca 19 gushika mu 2008.












