Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Olaf Scholz: Chancelier mushasha w'Ubudagi ni nde?
Yatsinze amatora rusangi, none uwo yari amaze imyaka itatu ari icegera ca Chancelier [Umushikiranganji wa mbere] Angela Merkel ubu aramusubiriye muri ico kibanza.
Olaf Scholz yigeze guhabwa agatazirano ka "Scholzomat" (Scholzomaton) - ariko ubu yarashoboye gushira ku ruhande ivyo abantu bamuziko vyo gukora nk'imashini, arumvikana n'imigambwe y'aba-Greens (Verts) na Free-Democrats (Liberaux Democrates).
Uwo mugabo w'imyaka 63 yahoze ari umukuru w'igisagara ca Hamburg yemereye abatora kubandanya uko ibintu vyahora inyuma y'imyaka itandatu iheze Ubudagi butwarwa na Angela Merkel w'umu conservateur (Conservative), n'ubwo yari ahagarariye umugambwe bahiganwa wa Parti Social Democrate (SPD).
Uburyo yifashe neza mu gutunganya ikibazo ca Covid bwamutumye gushimagizwa no kuduza amajwi y'abamushima.
Abatamwemera bafatira ku vyo yaranguye nk'umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta, bakamwagiriza kuba yarananiwe cane mu kibazo c'incuro zibiri z'akamaramaza kajanye n'amafaranga.
Guhangana n'ikibazo ca Covid
Nk'umushikiranganji ajejwe ikigega ca reta, Olaf Scholz ni we yari ajejwe uburyo bungana na miriyaridi 884 z'amadorari zegeranijwe na reta y'Ubudagi kugira zifashe abagwizatunga muri ico gihugu guhangana n'ingaruka z'ikiza.
"Iyi ni yo bazooka [ubwoko bw'inkoho] ikenewe kugira akazi gakorwe."
Ni we yakoresha amanama y'abashikiranganji igihe Chanceliere Merkel atava i muhira mu kwiyubara kwandura.
N'ubwo wari umuruho guhangana n'ikibazo ca Covid, kuri Scholz kabaye akaryo ko gutunganya uburyo bunini cane bw'ineza y'igihugu no kurwanira itekane ry'ihihugu, bijanye cane n'imizi yiwe y'ivyiyumviro vy'aba socialiste.
Imbere y'uko bitangazwa ko ashaka kwitoza kw'izina ry'umugambwe wiwe SPD mu kibanza ca chancelier yarakunda kuvuga, iyo abajijwe niba azokwitoza, ati "dukeneye gukora aho kuja mu vyo kwirata".
Ugushigikirana n'Ubufaransa
Hamwe n'Ubufaransa, Scholz yabaye kirumara mu gushika ku mwumvikano wo gusohora amafaranga angana na miriyaridi 750 z'amafaranga y'amanyaburaya Euros yo kwivyukiranya ikiza ca Covid.
Hanyuma inyuma y'imyaka ya Merkel yaranzwe n'imigenderanire ya hafi cane n'Ubufaransa, ivyo Scholz yakoze mu gukomeza ugushigikirana hagati y'Ubufaransa n'Ubudagi na we bigiye kumugirira akamaro.
Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe ikigega Bruno Le Maire, uretse kumukeza ku gushigikirana n'Ubufaransa, yanamukeje kandi kuba uwo bavukana, muganga Jens Scholz, yarafashije kujana mu bitaro vya Kiel n'indege abafaransa batandatu bari baremvye cane kubera Covid -19. Ni igikorwa co gukiza ubuzima cari kizimvye cane, carishwe na reta y'Ubudagi.
"None warakoze cane, Olaf, ku vyo umaze gukora vyose. Ariko kandi n'uwo muvukana yarakoze. Vy'ukuri n'umuryango nyawo w'Abadagi, umuryango w'aba Scholz", uko niko Le Maire yabivuze.
Hari ibimubabaza
Mu mugambwe wa SPD, yamara, Olaf Scholz abonwa nk'umu-conservateur. Uwo mugambwe afatanije kuwurongora na Saskia Esken na Norbert Walter-Borjans, bo basanganywe umurongo w'aba-socialiste ukaze gusumba.
Scholz, afise umugore na we w'umunyaporitike w'umu-SPD Britta Ernst, yakuriye i Hamburg aca yinjira muri poritike nk'indongozi y'urwaruka rw'aba-socialiste, inyuma yo kwiga amategeko ajanye n'akazi.
Yabaye umukuru w'igisagara ca Hamburg kuva mu 2011 gushika mu 2018, ico gihe akaba ari ho ivyiyumviro vyiwe vyagabanuka ubukari bwa gi-socialiste. Yatowe ubwa mbere kuba umushingamateka mu 1998.