Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Malawi irasaba Tyson kuyibera intumwa ku giterwa c'urumogi
Umushikiranganji wa Malawi ajejwe uburimyi yandikiye rurangiranwa mu gukubitana ingu mu mugwi w'abaremereye cane Mike Tyson amusaba kuba intumwa y'ico gihugu ku giterwa c'urumogi.
Umushikiranganji Lobin Lowe avuga ko amategeko agenga urumogi yemejwe mu mwaka uheze muri Malawi yatanze akaryo kubaba mu gihugu hagati no kw'isi yose.
Uwo mushikiranganji yavuze ko ishirahamwe ry'urumogi muri Reta zunze Ubumwe za Amerika ryafashije gushika ku masezerano na Tyson.
Lowe yanditse ati:"Malawi ishobora kutikorana yonyene kuko ivyerekeye ico giterwa kigoye bikaba bikenewe gukorera hamwe. Nshobora rero kukugena wewe Tyson, nk'intumwa iserukira igisata c'urumogi rwo muri Malawi."
Tyson kandi ni umugwizatunga akaba yarashize n'umutahe mw'irima ry'urumogi.
Ibinyamakuru vyo muri marawi vyanditse ko Tyson yari yitezwe muri Malawi mu ndwi iheze ariko ko urugendo rwiwe rwungururijwe ku rindi sango.
Urumogi rwo muri Malawi, na cane cane uruzwi kw'izina ry'inzahabo ya Malawi, rufatwa n'abarunywa mu kwinezereza nka rumwe mu ruryoshe cane.