DR Congo-Rutshuru: Ubutegetsi bwa Kivu ya ruguru bwemeza ko M23 yateye Rutshuru nayo igahakana

Abanyagihugu ba Rutshuru barabira kure imirwano ya leta na M23 mu 2013

Ahavuye isanamu, AFP

Umuvugizi w'umukuru w'intara ya Kivu ya ruguru muri Republika ya Demokrasi ya Congo aremeza ko umuhari M23 waraye uteye mu turere twa Chanzo na Runyoni muri Rutshuru, bituma abantu benshi guhunga, harimwo n'abajabutse muri Uganda.

Mu kiganiro na BBC, jenerari Ekenge yavuze ati: "Nk'igihe c'isaha zine z'ijoro, umuhari w'abagarariji ba M23, canke ibisigarira vyawo, warateye uturere twa Chanzo na Runyoni ufise umugambi wo guhanganya n'ibindi bice vy'intara".

Jenerari Ekenge avuga ko abateye ari abo mw'ishami ryategekwa na Sultan Makenga.

Avuga ko baje bava "mu karere k'imipaka itatu " kari hagati ya Congo, Uganda n'Urwanda mw'ishamba rya Virunga".

Jenerari Ekenge avuga ko abateye bikitse mu kiza c'uko ata ngabo nyinshi za Congo zari zisanzwe muri ako gace kuko hari hatekanye ku buryo "bitari bikenewe gushira ingabo nyinshi hafi y'umupaka w'ibihugu mufitaniye umubano mwiza".

Avuga ko adashobora kwemeza niba abateye baje bava hakurya y'umupaka mu Rwanda canke muri Uganda.

Ati "Gusa ico twemeza n'uko ari aba M23. Ntibinyegeza. Barigaragaza, bashize no ku mbuga hwaniro ama video yabo".

M23 gushika ubu ntaco irashikiriza kuri ivyo bivugwa n'ubutegetsi bw'intara ya Kivu.

Ibihumbi bahungiye muri Uganda

Ishami rya ONU riraba impunzi HCR rivuga ko ryaharuye abantu bashika 5.000 bahungiye muri Uganda bava mu gisagara ca Bunagana kubera ico gitero co muri Rutshuru.

Izo mpunzi zizoca zijanwa mw'ikambi ya Nakivale aho zizosuzumwa harimwo no kuzipima indwara ya Covid-19.

Na jeneral Ekenge yemeje ko abantu bahunze, harimwo abahungiye ku murwa mukuru wa Rutshuru n'abajabutse muri Uganda.

Ati "Ni ibisanzwe ko abantu bahunga kuko indwano zariko zirabera hafi yabo".

Umuhari M23 waheruka kuvugwa mu 2013 ugwanya reta ya Congo uvuga ko itubahiriza amasezerano bari baragiraniye.

Umusirikare wa M23 mu 2013

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Leta ya Congo yemeza ko ari M23 yagavye ibitero

Ayobangira Safari, umushingamateka wa Masisi muri Kivu ya ruguru, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ibikorwa vy'inyeshyamba bimaze iminsi biri mu burasirazuba bwa DR Congo ari "ingaruka za gahunda yo gusubiza abari abarwanyi mu buzima busanzwe cyangwa mu ngabo, idakora neza."

Agira ati: "Nta kintu cakozwe mu gufasha abavuye mu mitwe y'inyeshamba, ico tuzi ni uko ubu benshi muri abo bantu bari hafi ya Bunagana ari abahoze muri M23 bagitegereje gusubizwa mu buzima busanzwe.

"Turasaba leta gukora ku buryo aba basore bose bakiri mu murongo wo gusubira mu nyeshamba bafashwa gusubira mu buzima bwa gisivile canke bagashirwa mu gisirikare".

Intara za Kivu uko ari zibiri zirangwamwo imigwi yitwaje ibigwanisho irenga 100 imaze imyaka mirongo ihungabanya ako karere k'ubuseruko bwa Repuburika y'intwaro ya demokrasi ya Congo.

M23 irahakana kugaba igitero i Rutshuru

Uburongozi bw'umugwi M23 buhakana kugira uruhara na rumwe mu gitero cagabwe i Rutshuru ngo kuko bidashobora kwumvikana.

Mw'itangazo wasohoye ku mugoroba w'uno munsi, umuhari M23 uvuga ko umaze umwaka mu biganiro na leta ya Congo bigamije gutunganiriza abahoze ari abarwanyi bawo.

Iryo tangazo ribandanya rivuga yuko mu gihe ivyo biganiro biriko biraba kandi ngo bikaba bigenda neza, ata kuntu M23 yaco ica inyuma ngo yiyononere.

Ngo ariko bihora bishika ko ingabo za FARDC zitagenzurwa zija gusotora abarwanyi ba M23 bari i Rutshuru kuva mu 2017, ngo ukwo gusotorwa kukaba kwatanguye mu mwaka wa 2020 ngo ariko baririnze gusubiza.

Iryo tangazo rirangiza risaba ko ingabo zitagenzurwa za FARDC zokurwa mu turere twa Rutshuru zirimwo kugira ivyo bikorwa vyo gusotorana bihagarare.