
Abasirikare ba M23
Umuryango mpuzamakungu ONU uvuga ko ata kigaraga gifashe c'uko M23 iriko irava mu muji wa Goma mu buseruko bwa republika iharanira demokrasi ya Kongo.
Ishami rya ONU rijejwe impunzi i Goma rivuga ko ata kugenda kw'abasirikare kugaragara mu muji, ngo ariko abarwanyi ba M23 bari bake mu mabarabara.
Kuwa kabiri, igirikare ca Uganda, kiri mu bikorwa vyo guhuza, cavuze ko abo barwanyi b'abanye Kongo, bemeye kuva Goma.
ONU yasubiyemwo ivyo imaze gusaba vy'uko ama leta yo hanze yohagarika gufasha M23, inavuga ko ishobora gufatira ibihano uwo mugwi.
ONU iramaze kwagiriza u Rwanda na Uganda gushigikira umugwi M23, ariko ivyo bihugu birabihakana.