Taurai Zimunya: Ibibazo inyuma y'aho umuterangumu muri Zimbabwe apfuye kubera ingumu yakubiswe

Taurai Zimunya

Ahavuye isanamu, Other

Insiguro y'isanamu, Taurai Zimunya yaguye hasi mu gice ca gatatu c'urukino
    • Umwanditsi, Na Steve Vickers
    • Igikorwa, Umunyamakuru w'inkino i Harare

Ibibazo ni vyinshi ku bijanye n'ingene umutekano utunganijwe mu rukino rwo guterana ingumu (boxe) muri Zimbabwe inyuma y'aho Taurai Zimunya apfiriye kubera ingumu yakubiswe mu rukino rwariko rubera i Harare.

Uyu mukinyi wa boxe Taurai Zimunya, w'imyaka 24, wo mu murwi w'abafise ibiro vyo hagati na hagati yapfuye ku wa mbere, inyuma y'aho akubitiwe akagwa hasi mu rukino rwabaye ku wa gatandatu.

Ni bwo bwa mbere umukinyi wa boxe apfuye muri Zimbabwe ahitanywe n'inkurikizi zo gukubitwa mu rukino.

Lawrence Zimbudzana, umunyamabanga mukuru w'ikigo kijejwe uru rukino 'Zimbabwe National Boxing and Wrestling Control Board, (ZNBWCB), avuga ko amatohoza ataratangura.

Mu gihe bariko barashingura Zimunya ejo ku wa gatatu, Zimbudzana yabwiye BBC Sport Africa ati: "Ubu twitayeho cane ivyo kumushingura, ivyo biheze ni ho tuzokwicara hanyuma tukihweza iki kibazo".

Itangazo ryasohowe n'ikigo ZNBWCB rivuga ko "abajejwe ubuvuzi bakoze ivyo bategerezwa gukora kandi ko yabanje no kuronswa ubufasha bwihuta akiri ku kibuga imbere yo kujanwa mu bitaro".

Zimunya yakubiswe incuro zitari nke mu mutwe imbere y'uko atsindwa burundu mu gice ca gatatu c'uru rukino rwo gukubitana ingumu rugizwe n'ibice bitandatu.

Wari umubabaro udasanzwe ku wahoze ari umumenyereza wiwe Tatenda Gada, avuga ko yari afise kazoza gakomeye.

Gada ati: "Turabuze umwe mu bantu beza twari twizigiye. Narakoranye na Taurai mu kiringo c'imyaka irenga ine - narakurikiranye ingene yagenda atera imbere kandi yari umwe mu bantu bari bafise kazoza keza".

Se wa Zimunya, Samson, yahoze akina uru rukino mu buryo bwo kwinezereza, akaba yari yizeye ko umuhungu wiwe yoshikanye kure izina ry'umuryango wiwe mbere akanatsindira ihiganwa.

Hari haciye igihe gito cane uru rukino rwo guterana ingumu rusubiye gutangura muri Zimbabwe inyuma y'aho reta itezuriye ingingo za guma mu rugo.