Zimbabwe: Aba bagore bapfunzwe bagirizwa gutuka abaporisi inyuma y’imyiyerekano

Ahavuye isanamu, MDC
Abagore babiri, abanywanyi b'umumgambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi, hamwe n'umushingamateka, bahagaritswe bagirizwa gukoresha imvugo itukana kandi iteye isoni ku baporisi.
Igiporisi kivuga ko aba bagore batatu bahagaritswe ejo ku wa mbere inyuma y'imyiyerekano yabereye ku nyubakwa ya reta ku mugwa mukuru Harare.
Itangazo ryasohowe n'igiporisi rivuga riti: "Igiporisi ca Zimbabwe kiremeza ipfungwa rya Joanna Mamombe [umushingamateka], Netsai Marova na Cecilia Chimbiri i Harare inyuma y'imyiyerekano hanze y'inyubakwa nshasha ya reta".
"Aba bagore batatu bari mu modoka yo mu bwoko bwa Toyota itari ifise imparati bagiye bakurikira imodoka y'igiporisi yarimwo abaporisi bari bagiye gukurikirana iyo myiyerekano, bagenda barabatuka, ivyatumye bahagarikwa".
Mu kwa gatandatu kw'umwaka uheze, aba bagore, bose abanywanyi b'uumgambwe Movement for Democratic Change (MDC), bari bahagaritswe, inyuma yo kubesha ko baborejwe igufa mu gasho.
Bavuze ko ingabo z'igihugu zabanyuruje zibakuye mu minwe y'igiporisi, zirabakubita zongera zibafata ku nguvu, maze zibategeka umwe umwe kunywa amasobe ya mugenziwe.
Igiporisi carahakanye ibi birego, ariko abahinga ba ONU basavye ko ubutungane bwokurikirana "abakoze iki caha c'agahomerabunwa".
MDC yanditse ku rubuga rwa Twitter ko iri hagarikwa ryerekana ko reta yakajije umurego "mu ntambara yo kurwanya abatavuga rumwe n'ubutegetsi".
Hagati aho, reta y'Ubwongereza itangaza ko yafatiye ibihano abategetsi bane b'urwego rw'umutekano ba Zimbabwe, ikabagiriza guhonyanga agateka ka zina muntu, harimwo kwica abari mu myiyerekano.
Umushikiranganji w'umutekano, Owen Ncube, hamwe n'abarongoye igiporisi, urwego rw'igendereza hamwe n'uwahoze ari umukuru w'ingabo zijejwe gucungera umutekano w'umukuru w'igihugu, bagiye guhagarikirwa amatungo yabo ari mu Bwongereza.
Ntibemerewe kandi no kwinjira muri ico gihugu.
Ubwongereza bwagiriza aba bantu kugandagura abari mu myiyerekano yabaye inyuma y'amatora yo mu 2018, hamwe n'imigumuko yadutse mu mwaka wakurikiye.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, umuvugizi wa reta ya Zimbabwe, Nick Mangwana, yavuze ko ata n'umwe muri aba bategetsi bafatiwe ibihano amatungo mu Bwongereza canke yari afise umugambi wo gufata urugendo aja muri iki gihugu.










