Papa asaba ko haboneka inyishu "ruhasha" ku bihe mu butumwa kuri BBC yonyene

Mu butumwa bw'ijwi yahaye BBC yonyene, Papa François asaba abategetsi b'isi bazohurira ku ndwi iza mu nama ya ONU ku bihe i Glasgow (muri Ecosse), gutanga "inyishu ziri n'ico zishikako" ku vyihutirwa ku bidukikije no guha "icizere gifadika" abariko bararuka.
Muri ubwo butumwa bwafatiwe amajwi i Vaticano bugahabwa ikiganiro Thought for the Day ca Radio 4 ya BBC, Papa yagarutse ku bihanze isi birimwo ikiza ca Covid -19, ihindagurika ry'ibihe hamwe n'ibibazo vy'ubutunzi, aca asaba abarongoye isi kubitorera inyishu mu buryo bw'icerekezo n'ingingo ruhasha , kugira "amahirwe" atangwa n'ivyo bihanze isi "ntatakare".
Umwungere wa Ekereziya Katorika yavuze ati: "Duhangana n'ivyo vyugarije isi mu nzira za nyamwigendako, kwigumizako ivyacu no gukoresha ivy'abandi, canke tukabibonamwo amahirwe nyayo y'impinduka".
Yagarutse ku kuba hakenewe "ugusubira kwumva uruhara dusangiye rwo kwitaho isi yacu", yongerako ati "umwe wese muri twebwe - uwo ari we wese n'aho ari hose - ashobora kugira ico aterereye mu guhindura inyishu ya twese ku ngeramizi zitari bwigere ziboneka kw'ihindagurika ry'ibihe n'itituka ry'inzu dusangiye."
Papa mu mwanya uza aja kubonana na prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Joe Biden. Imigambi ya Biden ku bijanye n'ibihe mu gihugu iwe iracari mu mayira abiri inyuma y'aho umugambwe wiwe wigirije inyuma gutora itegeko rigenda integuro z'amafaranga yo gukoresha.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubwo butumwa n'ubwibutsa ingene Papa François yashize imbere ibijanye no gukingira ibidukikije mu burongozi bwiwe bwa Ekereziya.
Mu majambo ashikiriza, aramaze kugaruka kenshi ku kaga k'ibihe, mu 2015 akaba yasohoye ikete rya Papa (enciclyque), ryitwa Laudato Si' rishimikiye kuri ico kibazo. Muri iyo nyandiko inyito yayo yahinduwe mu zindi ndimi nka "Ku kwitaho inzu dusangiye" , yiyamirije ugusambura ibidukikije, yerekana ko hakenewe ingingo zofasha kugabanya iryo hindagurika, aca yemeza ata guca hirya no hino ko ihindagurika ry'ibihe ahanini riterwa n'ibikorwa vy'umuntu.
Iryo kete ryasohotse imbere y'uko haba inama ya ONU y'i Paris mu 2015, COP21, rikaba ryabonywe nk'iryagize ico rifashije mu gutuma abategetsi bashika ku masezerano.
Inyuma y'imyaka itandatu, abategetsi b'isi bariko baritegurira gukoranira i Glasgow mu nama y'uyu mwaka, COP26.
Mu gihe biguma bigaragara ko ivyiyemejwe i Paris bitariko birashikwako kugira ukwiyongera kw'ubushuhe bw'isi ntikurenge 1.5C, ugereranije n'urugero rw'imbere y'uko hatagura amahinguriro, Papa François yasubiye gushimika kuri ico kibazo yizigiye ko ijambo ryiwe rizosubira kugira ico rifashije nka mbere.












