Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amasezerano ya AUKUS: France na US biriko bigerageza guhagarika icuka kibi
Ubufaransa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika biri mu twigoro two guhagarika icuka kibi hagati yavyo catanguye mu ndwi iheze inyuma y'amasezerano ajanye no kwivuna umwansi azwi nka AUKUS hagati ya Amerika, Ubwongereza na Australia.
Aya masezerano yatumye Ubufaransa butakaza isoko ryo kwubakira Australia amato (sous-marins/submarines) ry'imiriyaridi 37 z'amadorari.
Paris ivuga ko yagiye kumenya ivy'ayo masezerano hasigaye amasaha make ngo ashirwe ku mugaragaro.
Abakuru b'ibihugu vya Amerika n'Ubufaransa basohoye itangazo rivuga ko ibintu bishobora kuba bigiye kuja mu buryo kubera ibiganiro bitaziguye hagati y'ibi bihugu bisanzwe bicuditse.
Ejo ku wa gatatu, Joe Biden na Emmanuel Macron baravuganye kuri terefone mu kiringo c'iminota 30. Bazohurira kandi n'i Bulaya mu mpera z'ukwezi kuza.
Aya masezerano ya AUKUS yateweko igikumu mu ndwi iheze afatwa ko afise intumbero yo guhagarika ubwiganze bw'Ubushinwa mu nyanja y'Ubushinwa (Mer de Chine méridionale/South China Sea).
Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko aya masezerano ashobora kuba ari yo ya mbere akomeye abaye hagati y'ibi bihugu bitatu kuva inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose.
Ariko rero uburakari bw'Ubufaransa nibwo bwabonetse cane - umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire akaba yavuze ko ari amasezerano "y'incamugongo".
Kimwe mu bintu bidakunze kuboneka muri ibi bihugu bicuditse, ni uko Perezida Macron yaciye ategeka ko abaserukira Ubufaransa i Washington na Canberra batahukanwa.
Hagati aho, uwuserukira Ubufaransa agiye gusubira i Washington ku kazi kiwe. Ariko ntacatangajwe nimba umuserukizi wabwo muri Australia nawe azosubira i Canberra.
Perezida Biden yasubiye gushimangira uruhara Ubufaransa n'Ubulaya bifise mu karere ka Aziya na Pasifike.
Hanyuma iri tangazo rirashimangira ko Amerika yemera akamaro k'Ubulayi mu bijanye n'ukwivuna abansi mu ntumbero yo gushigikira ishirahamwe ryo kwivunira abansi hamwe OTAN/NATO - kimwe mu migambi nyamukuru ya Perezida Macron.
Kuri uyu wa kane, hitezwe umubonano hagati y'umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Anthony Blinken n'umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Jean-Yves Le Drian, inyuma y'inama nkuru ya ONU i New York, nk'uko bivugwa n'umutegetsi wa Amerika.
Ariko, haracari amakenga ku bijanye n'inama hagati y'abategetsi b'ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya (UE/EU) n'aba Australia itegekanijwe mu ndwi iza.
Ni ikoraniro rigize gatatu - hagati ya EU na Australia canke hagati ya EU na Amerika - rishobora kuzokwunguruzwa biturutse kuri aya masezerano.
Ejo ku wa gatatu, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yabwiye Perezida Macron ati "donnez-moi un break", anamusaba gutsinda ishavu ku vyerekeye Aukus.
Amerika n'Ubufaransa bemeye gusubiza ibintu mu buryo
Umwihwezo w'umunyamakuru Nomia Iqbal, akorera i Washington
Aya ni amayeri y'abanyamerika yo "gusaba imbabazi udasavye imbabazi": ni ukuvuga mu gusaba imbabazi ku kuntu yavyitwayemwo (habuze ibiganiro), ariko ntasabe imbabazi kuri aya masezerano (amasezerano ya Aukus). Ariko rero, Perezida Biden yabonetse amwenyura igihe yari kuri terefone na Macron, mu ntumbero yo kwerekana ko ibintu bimeze neza.
Ariko turavye ibijanye n'iri tangazo, rishobora kuboneka ko ata kirimwo, ariko rifise insiguro nyinshi.
Ubwa mbere, ni itangazo rihuriweko na bose, mu gihe mu bisanzwe usanga uruhande rumwe rumwe rusohora itangazo ryarwo, rero aba bategetsi bompi bashatse kwerekana ko bashize hamwe inyuma "y'ikiganiro c'iminota 30 bagiriraniye kuri terefone".
Iri tangazo ryatanguye kwerekana neza ko ari Perezida Biden yarondeye Macron - kumbure iki gishobora kuba ari ikintu Ubufaransa bwipfuza ko kimenyekana.
Hanyuma kandi hari uyu murongo uvuga uku: "Aba bategetsi bompi bemeranije ko ibintu bishobora kuba vyafashe inzira nziza kubera baganiriye badahishanya" - kumbure n'iki gifise kuba ikintu Ubufaransa bwipfuza ko kimenyekana.
Ariko na Amerika nayo ntigugumwa, Biden ntiyigeze ahindura ivyo yamye avuga kuva kera, ko Ubulaya ubwabwo butegerezwa gukora gusumba ku bijanye n'umutekano wabwo.
Hanyuma kandi iri tangazo riheraheza ryibutsa ko Amerika ifashe mu mugongo ibikorwa vyo kurwanya iterabwoba mu karere ka Sahel, akarere Ubufaransa busanzwe buriko burakoreramwo cane.
Muri make, iri ni itangazo ryitondewe cane n'impande zompi kugira ngo bahurize hamwe hanyuma ibintu bibandanye.
Ariko gusa, akamwenyuro ka Biden igihe yari kuri terefone ni ikindi kintu. Mbega bizogenda gute ni bahura amaso mu yandi mu kwezi kuza i Bulaya?
Ni ngombwa kandi kwibutsa ko Perezida Macron arondera gusubira kwitoza mu matora y'umwaka uza.
Uku kwihagararako agahangana na Perezida Biden kwari nkenerewa kuri we hagati mu gihugu kugira ngo yerekane ko afise inguvu, ariko kandi aho nyene agategerezwa kurondera ingene ashobora kuvyigobotoramwo. Rero iki kiganiro yagiranye na Biden kuri terefone camufashije cane.