Uworondera gutera Egypt yoba ateye Uganda - Muhoozi Kainerugaba

Muhoozi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Imfura ya Perezida Yoweri Museveni wa Uganda, Jenerali Muhoozi Kainerugaba, agabisha ko uwo wese yogerageza gutera igihugu ca Misiri azoba ateye Uganda.

Ibi yabitangaje ejo ku wa Mungu aciye ku rubuga rwa Twitter, aho yavuze ko ashigikiye Misiri, cane cane afatiye ku kutumvikana kurangwa hagati y'iki gihugu na Ethiopia.

Jenerali Muhoozi, afata Jenerali Fatah el-Sisi, umukuru w'igihugu wa Misiri, nk'uwari umutegetsi wiwe, avuga ko Uganda izobandanya ikorana na Misiri mu gutsimbataza umutekano mu kiyaya c'uruzi Nil.

Uyu mujenerali asanzwe ari kizigenza w'ingabo zirwanira hasi mu gisirikare ca Uganda, avuga ko yafashwe neza igihe yari mu vyigwa yamazemwo amezi atandatu mu Misiri, haraciye imyaka cumi.

Ati: "Uwo ari we wese yorwanya Misiri azokwisanga mu ntambara na Uganda".

Ariko ubu butumwa bwiwe bwatewe ivyatsi n'abanya-Ethiopia batari bake baciye ku rubuga rwa Twitter.

Imigenderanire hagati ya Ethiopia na Misiri yaratosekaye mu myaka mike iheze, biturutse k'urugomero rwa rutura rw'umuyagankuba - Renaissance Dam - Ethiopia yubatse ku ruzi Nil.

Ntibitomoye neza nimba ubu butumwa Jenerali Muhoozi yacishije kuri Twitter ari ho igisirikare ca Uganda gihagaze canke ko na reta irongowe na se wiwe - Museveni, ariho ihagaze.

Mu kwezi guheze, umushikirangaji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed yarabonanye na Perezida Museveni i Kampala.

N'aho ata vyinshi vyashizwe ahabona ku vyerekeye ivyo abo bategetsi bavuganye, itangazo ryo mu bushikiranganji bw'imigenderanire bwa Uganda ryavuze ko aba bategetsi babiri baganiriye ivyerekeye ugufashanya hagati y'ibihugu vyompi hamwe n'ibibazo vy'amahoro mu karere.

Jenerali Muhoozi arakunze gusohora inzandiko ku rubuga rwa Twitter zivugwa ko zitera impari.

Aherutse gutangaza mu misi iheze ko, mu gihe umugaba mukuru w'ingabo (Perezida Museveni) yoha uruhusha igisirikare ca Uganda, vyotwara "umusi umwe rudende kugira ngo bashire ku murongo ingabo zokwigumura nka zirya zo muri Guinée-Conakry".