France - Sahara: Umukuru wa IS yishwe n'ingabo z'ubufaransa

Ahavuye isanamu, AFP
Umukuru w'umuhari wa Islamic State mu karere ka Sahara yishwe n'ingabo z'Ubufaransa nk'uko bivugwa na prezida Emmanuel Macron.
Adnan Abu Walid al-Sahrawi yashinze umuhari wa Islamic State muri Sahara (ISGS) mu 2015.
Macro yise urupfu rwa Sahrawi "iyindi ntsinzi ikomeye mu ntambara yacu yo kugwanya imigwi y'iterabwoba mu karere ka Sahel".
Akarere ka Sahel ni kanini, gafise uburinganire kwadarato imiliyoni 1.16, mu bumanuko hari ubugaragwa bwa Sahara, kuva muri Senegal mu burengero gushika muri Somalia mu buseruko.
Macron ntiyadomye urutoke ku kibanza yiciwemwo canke kw'ido n'ido y'uko vyagenze.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi Florence Parly yanditse kuri Twitter ko Sahrawi yishwe inyuma y'igitero c'indege c'abasirikare c'abafaransa bari mu butumwa bwa Barkhane, bwo gutuza imigwi yitwaza idini rya Islam mu karere ka Sahel, cane cane muri Mali, Niger, Tchad na Burkina Faso.
Yongeyeko ko "ari igikorwa gikomeye kigiye gutesha umutwe uwo mugwi", kandi ko "intambara ikibandanya".
Sahrawi, yavukiye mu karerekari mu matati ka Sahara y'uburengero mu 1973, yahoze ari mu muhari wa Polisario ugwanira ukwikukira ku gihugu ca Maroc.
Mu nyuma yagiye muri Al-Qaeda aciye mu muhari wa Islamic Maghreb (AQIM) aranaba umwe mu barongozi ba Mujao, umugwi wiyitirira idini rya Islam wo muri Mali wagize uruhara mw'inyuruzwa ry'abakozi b'abanye Espange batanga imfashanyo muri Algeria hamwe n'umugwi w'abadiplomate ba Algeria muri Mali mu 2012.
Mu kwezi kw'umunani guheze, Sahrawi ubwiwe yarategetse iyicwa ry'abakozi b'abafaransa batanga imfashanyo n'uwabafasha mu kazi w'umunye Niger hamwe n'umushoferi, nk'uko bivugwa na prezida w'Ubufaransa.
Ubwo bwicanyi bukurikiye ibindi bitero bitandukanye ku bituro vy'igisirikare ca Mali na Niger mu mpera za 2019. Bivugwa kandi ko uwo mugwi uri inyuma y'ibitero vyahitanye abasirikare ba Amerika muri Niger mu 2017.
Imbibe z'akarere ka Sahel zidacungerewe neza rimwe na rimwe zirakoreshwa n'abadandaza ibiyayuramutwe hamwe n'abagwanyi biyitirira idini rya Islam nka ISGS.
Ibitero vy'iterabwoba kandi biragwiriye cane mu gihugu kibanyi ca Nigeria.






