Abanya-Kenya bafasha isi kwiba

    • Umwanditsi, Yanditswe na Reha Kansara & Ed Main
    • Igikorwa, BBC Trending

Iyo umunyeshure i Londres canke New York agiye kuri internet kuriha amafaranga kugira akoreshe igikorwa, ushobora gusanga ico gikorwa amaherezo cakozwe n'umuntu ari muri Kenya. Inkuru ya BBC Trending i Nairobi ku banditsi batazwi bafasha abandi kwiba (canke kubesha).

Kennedy yahora ari umwigisha ariko amaze imyaka itanu yararonse ubundi buryo bwo kurondera ingene abaho. Avuga ati: "Nkora ibikorwa vyo mw'ishure".

Ni umwe mu bantu bagize urudandazwa rwo kuri internet rusigaye rukwiye isi yose, ubu ruriko ruratera imbere cane muri Kenya.

Ariko ico Kennedy n'abandi banya-Kenya bita "gukora ibikorwa vyo mw'ishure", abandi kw'isi bavyita ubusuma.

Uri umunyeshure wa kaminuza canke wo mu mashure yisumbuye ufise igikorwa cakugoye, canke udashaka gukora, Kennedy n'abo akoresha barakigukorera - ku mpembo biberanye.

Uca ugitanga, ukerekana ko ari we wacikoreye hanyuma ukizera ko utazofatwa.

Abari hagati y'izo mpane zibiri muri urwo rudandazwa bafise imbuga z'ico bita "insyo zo kwandika" (essay mills) ari nazo abanyeshure biba bashirako ibikorwa vyabo bashaka gukoresha.

Izo mbuga zigaragaza amafoto yo kwimenyekanisha y'abanditsi bashaka kurihwa ngo bakore ako kazi.

Ariko co kimwe n'ibindi vyinshi muri urwo rudandazwa, ayo mafoto akunze kutaba ari ay'ukuri.

Mu vy'ukuri, iyo wandikishije igikorwa kuri internet birashoboka cane ko usanga cakozwe n'umuntu ari muri Kenya.

Nyinshi muri izo mbuga ziri muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika canke mu bihugu vya Buraya yo mu buseruko, kandi zishobora kugabanya gushika ku ca kabiri amafaranga aba yarishwe.

Amafaranga umukiriya ariha nayo avana n'ubukomezi bw'igikorwa ashaka gukorerwa, bivanye n'uko aba ari igisanzwe canke kiri ku rugero rwo hejuru cane nk'ico kurangiza amashure ari hejuru ya kaminuza (doctorat canke PhD).

Abashakashatsi biga igisigaye kizwi "nk'amasezerano y'ubusuma" bavuga ko Kenya ari icambu gikomeye.

Imvo ziroroshe: Kenya ni igihugu kivuga ururimi rw'icongereza kandi giteye imbere mu nyigisho z'amashure aho usanga kenshi amahirwe yo kuronka uburyo bwo kwibeshaho atari menshi , na cane cane ku bakiri bato.

Kuri abo rero baba bariko bararwana n'ubuzima, hari inzira yo guca amafaranga mu gukoresha ivyo bize mu gukorera abantu ata na hamwe bazokwigera bahurira.

Kuri Kennedy, kuja muri aka kazi ntivyamusavye ubwenge bwinshi.

Kennedy, w'imyaka 30, ubu aca 150.000 vy'ama shiringi (hafi miriyoni zitatu mu mafaranga y'Uburundi) ku kwezi - asumba gato umushahara muri rusangi muri Kenya- hafi incuro zine ayo yatahana ari umwigisha.

Avuga ko abanditsi akoresha bashobora kwandika ibikorwa canke gukora ibibazo 200 vyo kuri internet ku kwezi. Avuga ati : "Winjiramwo nk'uwo munyeshure hanyuma ukamukorera ibibazo."

Ariko yiyumva gute ku bijanye n'uko ba ariko arafasha mu kwica ubuziranenge bw'amashure kw'isi?

Nk'uwahora ari umwigisha aremera ko yumva hari "ico yiyagiriza ku vyo akora" ariko avuga ko akorera amafaranga.

Avuga ati: "Ndavyitwararika, ariko n'igiki nokwitwararika kurusha ubuzima bwanje - birashika ugasanga utegerezwa kubanza kurondera ingene ubaho imbere ko wibaza ko uriko urakora ibibereye".

Kennedy arazi ko ashobora gufasha umukiriya wiwe gushikira urupapuro rw'umutsindo ruzonamushikana ku kazi kamuhemba inucuro nyinshi amafaranga we yinjiza. "Uca usanga atari uguhiganwa nabo. Rimwe na rimwe n'uguhiganwa n'ubukene."

N'ubwo no mu bindi bihugu uhasanga bene abo banditsi bo gukotesha, abo muri Kenya barashinze ingendo yabo bwite.

Hariho imirwi "y'abanditsi b'ibikorwa vyo mw'ishure" kuri Facebook no kuri Instagram aho ubuzi n'ubuhinga bwo kubukora bibarizwa.

Imwe muri iyo mirwi usanga ifise abanywanyi babarizwa mu bihumbi.

Barimwo abakozi bize za kaminuza barondera kwongereza amafaranga binjiza gushika ku banyeshure baba bakiri mu vyigwa.

David n'umwe mu bantu 10 bari mu mwaka wabo wa nyuma wa kaminuza avuga ko bariha amashure yabo babicishije muri iyi nzira.

Avuga ati: "Abavyeyi banje ntibafise uburyo bw'ukundihira ngo mbandanye niga.

"Naciye nsanga ntegerezwa kurondera uburyo bw'ingene nirwanako binashobotse mfashe n'umuryango."

Mu myaka ibiri iheze, David yagumye akurakuranya kwigira urupapuro rw'umutsindo (diplome) rwiwe no kwandika ibikorwa 360 vy'abakiriya bo mu Bwongereza na Amerika.

Ashobora kwandika impapuro 15 ku munsi ku mashiringi 250 ku rupapuro.

"Hari igihe nkora kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu ijoro n'umurango, ariko weekend nkayihebera ivyigwa vyanje."

Araca amafaranga akwiye yo gukotesha aho kurima ruguru iwabo akaba ariha abakozi bo kumurimira - avuga ko ari umutahe wa kazoza.

David nawe akoreshwa n'uwundi muntu akuze kumurusha muri urwo rudandazwa afise konte kuri rumwe mu mbuga zo hanze. Bimwe mu bigo bisaba ko abifuza gukora ako kazi bakora ibibazo vyo gusuzuma ubumenyi bwabo.

Ama konte afise abayashimye benshi ku rugero rw'inyenyeri zitanu arivugira kandi akagurwa mu migwi y'abandika ibikorwa vyo mw'ishure.

Uko niko abanyeshure bagira ubusuma usanga bashobora kubeshwa. Bashobora kwibaza ko bandikiwe igikorwa cabo n'umwanditsi amaze gushimwa na benshi. Ariko mu vy'ukuri ashobora kuba ari umuntu yaguze konte izwi neza.

Kennedy avuga ati: "Naguze ama konte arenga 10. Amwe agurwa gushika ku mashiringi 500.000. Nta bundi buryo bwo kuronka abakiriya."

Kuba ufise konte ni vyo David yifuza gushikako amaze guheza amashure. Ku myaka 23 aja amaze kuja imbere y'urundi runganwe.

Arigisha abanditsi bashasha akanabaha ubuzi bworoshe bwo kubaha intango.

"Duciye muri ivyo bikorwa, twahavuye twubaka ubugenzi tugafashanya. N'igisata rero kiriko kiratera imbere."

Ariko hari abandi batishimiye cane ako kazi. John yagiye mu vyo kwandika ibikorwa vyo mw'ishure amaze kurangiza amashure.

Ubu ashaka kubishira muri kahise inyuma yo kuronka akazi yari yamye yifuza kuva kera mu gisata co kumenyesha amakuru.

"Hari abantu bakora ibibazo mu vyerekeye ubuvuzi. Sinifuza ko noja mu bitaro kugira mvurwe n'umuntu yahaye amafaranga uwundi muntu kugira amukorere ibibazo. Murazi ko ivyo bibangamye cane. Avuga ati : "Wumva biguteye umusuhero. Birakwiye kubuzwa."

Dr Gladys Nyachieo, umwugisha w'imibereho (sociology) kuri kaminuza y'ivyo kumenyesha amakuru ya Nairobi, avuga ko uruhara runini cane rwo gukurikirana abakora ivyo ruri ku bihugu bitunze arivyo usanga abanyeshure bavyo aribo bakiriya bakomeye. Abo batariko baratanga akazi, nta babikora bosubira kubaho.

Avuga ko "Hamwe bogira ico bakoze kuri ico kibazo, mu kugica hakurya, vyogabanuka".

Hari ibihugu bimaze gutagura kugira ico bikoze . Mu mwaka uheze, Australia yabujije ivyo gukorera abandi ibikorwa vyo mw'ishure.

Amategeko asa n'ayo ariko arigwa mu Bwongereza. Ariko ntibiratomoka ingene ayo mategeko azohagarika urudandazwa rurenga imbibe mpuzamakungu.

Hagati aho Dr Nyachieo arakora ivyo ashoboye aho aherereye.

"Ndabwira abanyeshure banje ko atari ibintu bibereye. Si vyo na gato.

Ariko nta kindi kirenga aho nshoboye. N'ikibazo co kurwana no kubaho kuri bamwe bamwe. Urumva ko bigoye kumenya ico gufata n'ico kureka."

Amwe mu mazina ari muri iyi nkuru yarahinduwe.