Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afghanistan: Aba Taliban barashe hejuru mu kugabisha abari mu myiyerekano i Kabul
Aba Taliban barashe mu kirere mu gushwiragiza isinzi ry'abantu bari mu myiyerekano i Kabul ku mugwa mukuru wa Afghanistan.
Video zerekana abantu bariko banyaga amagara, mu gihe urufaya rw'amasase rwumvikana.
Abantu amajana n'amajana bihereje amabarabara kuri uyu wa kabiri biyamiriza itwaro y'aba Taliban banasaba ko uburenganzira bw'abapfasoni bwubahirizwa.
Abari mu myiyerekano bagenda baririmba indirimbo ziyamiriza Pakistan, mu gihe benshi musi bo bemeza ko ico gihugu ari co gishigikiye aba Taliban, ivyo kiguma gihakana.
Video yarungikiwe BBC yerekana abagwanyi b'aba Taliban bariko bararasa mu kirere - ivyo uwo muhari wari wabujije inyuma y'aho bivugiwe ko abantu benshi bishwe inyuma yp kurasa mu kirere higinwa intsinzi.
Abacungera ibanki iri muri ako gace bugururiye abapfasoni barenga mirongo ibiri ahabikwa imiduga, bahunga ayo masase nk'ikiringo c'iminota 20, nk'uko umwe mu bamenyeshamakuru yabibwiye BBC.
Bamwe mu bamenyeshamakuru harimwo n'aba BBC, babujijwe gufata amasanamu y'iyo myiyerekano. Itororokanirizo ry'amakuru rya Toro ryo muri Afghanistan rivuga ko umumenyeshamakuru waryo afata amasanamu yahagaritswe, arapfungwa n'aba Taliban mu kiringo cababa amasaha atatu.
Uwahoze ari umutegetsi muri reta atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye BBC ko aba Taliban bagiye barafata amafoto y'abari barongye abandi muri iyo myiyerekano babegereye cane, bishoboka ko bashaka ayazobafasha kubamenya bitagoranye.
Abapfasoni bamaze igihe baja mu myiyerekano mu ndwi iheze, ariko kuri uyu wa kabiri n'abagabo bitavye akamo gahamagarira kugira uburinganire n'umutekano. Abaraba ibintu n'ibindi bavuze ko abagabo bari bake mu yindi myiyerekano yaheruka y'abapfasoni.
Abari mu myiyerekano bumvikana baririmba"niharambe ukwihagararako" na " urupfu kuri Pakistan" igihe bari mu myiyerekano.
Umupfasoni yari mu myiyerekano yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ati:"Reta y'abitwaza idini rya Islam yarashe ku bantu bacu."
Uwundi yabwiye iryo tororokanirizo ko aba Taliban "barenganya, ari ibikoko muri make."
Iyo myiyerekano ibaye inyuma y'umusi umwe Ahmad Massoud, umukuru w'abagwanyi bagwanya aba Taliban abarizwa mu kiyaya ca Panjshir muri Afghanistan, ahamagaje "imyiyerekano mu gihugu cose" y'abanyagihugu yo kubiyamiriza.
Benshi mubari mu myiyerekano berekanye ko bashigikiye abo bagwanyi, bavuga ko bagihanganye n'aba Taliban i Panjshir.
Ku musi wa mbere, aba Taliban bavuze ko bigaruriye iyo ntara - agace gato kari gasigaye kugenzurwa n'ubutegetsi bwabo.