Inyuma y'intambara yari imaze imyaka 20, indege ya nyuma ya gisirikare ya US yavuye muri Afghanistan

Ingabo za Amerika zavuye muri Afghanistan

Indege ya gisirikare ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yavuye ku kibuga c'indege ca Kabul, ikimenyetso c'uko intambara yari imaze imyaka 20 kandi itabonwa kumwe, ikaba ari yo ntambara ndende cane muri kahise ka Amerika, irangiye.

Abategetsi bavuga ko indege ya nyuma C17 yahagurutse inyuma y'isaha zitandatu z'ijoro, muri iri joro ryo ku wa mbere buca ari ku wa kabiri, itwaye uwuserukira Amerika.

Bavuga kandi ko ibikorwa vyo gufasha abo bose batashoboye kuva mu gihugu biciye mu buvyo bwa diplomasi bizobandanya.

Aba Taliban barashe amasasu mu kwigina, igihe indege ya nyuma yava muri ico gihugu.

Iguruka ry'iyi ndege ryabaye igice ca nyuma c'ibikorwa vya gisirikare bitabonwa kumwe, bihavuye birangira Amerika isubije Afghanistan abarwanyi b'idini rya Islam yari yashatse kurandurana n'imizi igihe ingabo za Amerika zinjira muri ico gihugu mu 2001.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga

Ryarangije kandi igikorwa kidasanzwe co guhungisha abantu cari catanguye ku wa 14 z'ukwa munani haciye akanya gato aba Taliban bigaruriye igihugu.

Umugaba w'ingabo za Amerika mu karere, Jenerali Kenneth McKenzie, avuga ko indege za Amerika n'iz'incuti zayo zashoboye guhungisha abasivire bose hamwe barenga 123.000 - bisigura ko buri musi bahungisha abarenga 7500.

Mw'ijambo yashikirije inyuma y'iri tangazo, umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire Anthony Blinken i Washington, yavuze ko iki gikorwa co guhungisha abantu ari "igikorwa ca gisirikare, ca diplomasi kandi c'ubutabazi" gikomeye cane kandi kiri mu bikorwa bigoye Amerika itari bwigere ikora.

Ati: "Igice gishasha kiratanguye. Ibikorwa vya gisirikare birarangiye. Hatanguye igikorwa gishasha mu bijanye n'imigenderanire".

Ariko, avuga ko ubutegetsi bw'aba Taliban bukeneye kwemerwa ariko ko bizovana n'ukungene bashize mu ngiro ivyo biyemeje hamwe n'ivyo basabwa gukora nko guha abasivire uburenganzira bwabo bwo gusohoka no kwinjira mu gihugu, gukingira uburenganzira bw'abanya Afghanistan bose harimwo n'abagore, hamwe no kutaba amahungiro y'imirwi y'iterabwoba.

Abarwanyi b'aba Taliban baciye bihutira kwegeranya ibikoresho vya gisirikare vyatawe n'ingabo za Amerika igihe binjira mu kibuga c'indege mu gaturuturu ko kuri uyu wa kabiri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abarwanyi b'aba Taliban baciye bihutira kwegeranya ibikoresho vya gisirikare vyatawe n'ingabo za Amerika igihe binjira mu kibuga c'indege mu gaturuturu ko kuri uyu wa kabiri

Yongera ko y'uko, n'aho Amerika yugaye vy'agateganyo ubuserukizi bwayo i Kabul, ikaba yungururije ibikorwa vyabwo ku mugwa mukuru wa Qatar, Doha, izobandanya "n'utwigoro twayo" two gufasha Abanyamerika n'abanya Afghanistan mu kubaronsa ibitabo vy'inzira vya Amerika, kugira ngo bashobore kuva muri ico gihugu mu gihe bazoba bavyipfuza.

Perezida Joe Biden yashikirije ijambo rigufi ashimira abo bose bagize uruhara mu bikorwa vyo guhungisha abantu mu misi 17 iheze, anamenyesha ko aza gushikiriza ijambo igihugu mu masaha ari imbere kuri uyu wa kabiri.

Abanyamerika bamaze kuva mu gihugu, abarwanyi b'aba Taliban babonetse bariko bagenzura ikibuga c'indege c'i Kabul n'ivyaco, harimwo n'ikigangara kirimwo indege biboneka ko zasizwe n'Abanyamerika. Bamwe muri abo barwanyi bari bambaye impuzu bafise n'ibikoresho vya gisirikare vya Amerika vyatawe.

Hagati aho, Amerika ntiratanga insiguro ku makuru avuga ko igitero ca drone cakozwe ku modoka yarimwo umwiyahuzi muri Afghanistan cahitanye abasivire batari bake, harimwo abana batandatu hamwe n'umugabo yakora nk'umukarimani mu ngabo za Amerika.

Ababanyi bavuga ko iki gitero cakozwe kuri iyo modoka yari hafi y'ikibuga c'indege i Kabul cashingiye ku nkuru y'ikinyoma. Pentagon ivuga ko iriko irakora amatohoza kuri aya makuru.