Ethiopia : Indyane z’amoko zahitanye abantu barenga 200 mu ntara ya Oromia

Ethiopia

Abantu barenga 200 nibo bishwe mu ntambara z'amoko mu burengero bwa Ethiopia.

Umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu muri Ethiopia uvuga ko inyeshamba z'umuhari Oromo Liberation Army (OLA) zishe abantu hafi 150.

Abategetsi b'akarere babwiye BBC ko abarwanyi bo mu moko y'aba Oromo n'aba Amhara batanye mu mitwe mu kiringo c'imisi ibiri mu ndwi iheze mu karere ka East Wollega ko mu ntara ya Oromia.

Umwe mu babibonye yabwiye BBC ko babonye ibiziga mu ruzi ruri hafi mu nyuma bigahambwa.

East Wollega irarwiriyemwo abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Amhara kandi ikaba ifise isi y'akanovera yamye iteza indyane hagati y'aya moko abiri.

Umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu muri Ethiopia uvuga ko ico gitero cari gishingiye ku moko, ukagiriza umuhari OLA ko ari wo wateje izi ndyane. Uwu murwi umenyesha ko abo mu bwoko bw'aba Amhara nabo baciye bihora, bakica abantu hafi 60.

Abategetsi babwiye BBC ko abarwanyi b'aba Oromo n'aba Amhara ari bo bakoze ivyo bitero muri ako karere.

Bivugwa ko abantu batari bake bataye izabo amazu atari make nayo nyene agasamburwa.

Umuhari OLA uvuga ko urondera ubwigenge bw'abanyagihugu b'aba Oromo, urahakana ko ata basivire wishe, ukavuga ko wowo wariko urakingira abanyagihugu kugira ntibaterwe n'abarwanyi bitwaje ibirwanisho.

Ethiopia

Bivugwa ko intambara zibandanya mu karere ka East Wollega mu gihe ingabo za reta ziriko ziragerageza gusubiza ibintu mu buryo.

Umuhari OLA ukorera cane cane mu burengero bwa Oromia, aho abajejwe agateka ka zina muntu bagiriza inyeshamba zawo ko muri kahise bamye batera abasivire.

Mu ntango z'uku kwezi, uwu muhari waratangaje ko wishize hamwe n'umuhari Tigray People's Liberation Front (TPLF) uri mu ntambara na reta mu buraruko bw'igihugu, ivyateje impungenge ko intambara ishobora gukwira igihugu cose.

Kuva mu 2018, indyane z'amoko zagiye ziyongera muri Ethiopia - izatumye abantu barenga imiriyoni zibiri bata izabo.