Abahinga bagabisha ko China iriko yubaka ikibanza ca misire z'ubumara

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubushinwa buriko burubaka ikigo c'ibigega (silos) vyo mu kuzimu vya misire (silo à missile nucléaire/nuclear missile silo) mu burengero bw'ico gihugu, nk'uko abahinga ba Reta Zunze Ubumwe babivuga.
Amashusho atangwa n'ikigendajuru avuye mu ntara ya Xinjiang yerekana ko iki kigo gishobora kwubakwamwo ibigega vyo mu kuzimu (silos) 100 mu gihe kizoba gihejeje kwubakwa, nk'uko biri mu cegeranyo c'ihuriro ry'abahinga ba Amerika (Federation of American Scientists, FAS).
Abarongoye igisata kijejwe kwivuna abansi ca Amerika bavuga ko bafise impungenge ku kuntu Ubushinwa buriko burongereza ibirwanisho vy'ubumara.
Ni ikirindiro kigize kabiri ca silo kivuzwe ko kiriko kirubakwa mu burengero bw'Ubushinswa mu kiringo c'amezi abiri aheze.
Mu kwezi guheze, ikinyamakuru Washington Post co muri Amerika catangaje ko hari ibigega vyo mu kuzimu 120 vyabonetse mu karere k'ubugaragwa ka Yumen mu ntara ya Gansu.
Mu cegeranyo caryo ryashize ahabona ku wa mbere, ihuriro FAS rivuga ko ikirindiro gishasha, kiri ahitwa Hami kiri ku birometero hafi 380 mu buraruko bushira uburengero bwa Yumen, cari kikiri ku ntango.
Mu 2020 Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) yavuze ko Ubushinwa bwari bwiteguye kuduza incuro zibiri zose ububiko bwavyo bw'ibirwanisho vy'ubumara.
Aya makuru asohotse mu gihe Amerika n'Uburusiya biriko vyitegurira ibiganiro bifise intumbero yo kugenzura ibirwanisho.
Ibi biganiro bizohuza icegera c'umunyamabanga wa reta wa Amerika Wendy Sherman n'icegera c'umushikiranganji w'imigenderanire w'Uburusiya Sergei Ryabkov biboneka ko ari intambwe ya mbere yo kunagura ibiganiro vyahagaze vyerekeye kugabanya ibirwanisho vy'ubumara.
Ariko gushika ubu, Ubushinwa ntiburigera bwitaba ibiganiro vyo kugenzura ibirwanisho.
Mu butumwa bwacishijwe ku rubuga rwa Twitter, igisata c'ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi kijejwe imigambi cavuze ko gitewe impungenge n'ibi bikorwa vy'Ubushinwa.
Canditse kiti: "Ubu ni ubwa kabiri mu kiringo c'amezi abiri abanyagihugu biboneye ivyo twahoze tuvuga ku bijanye n'amakuba ahanze isi abandanya yiyongera n'ingene ibikorwa bikorerwa mu kinyegero".

Iki kigo c'ibi bigega vya misire kiri i Xinjiang catowe hakoreshejwe amashusho y'ikigendajuru, ariko mu nyuma amasanamu aboneka neza yagiye gutangwa na Planet, ikompanyi ifata amasanamu ikoresheje ibigendajuru.
Mu 2020, Ubushinwa bwari bufise misire z'ubumara zirenga 200, bukaba bwari bufise intumbero yo kuzongereza n'imiburiburi incuro zibiri zose, nk'uko Pentagon ibivuga.
Abahinga bavuga ko Amerika ifise misire z'ubumara zababa 3800.










