Koreya y'Uburaruko yifatiye mu gahanga umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani amwita ‘ikijuju’

Isanamu yasohowe yerekana Bwana Kim ahagarikiye iryo gerageza

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Isanamu yasohowe yerekana Bwana Kim ahagarikiye iryo gerageza

Koreya y'Uburaruko yise umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe ko ari "ikijuju" kandi ko ari umunyepolitike w'umutwe muto, akamwagiriza ko yabeshe ku vyerekeye igerageza ry'ibirwanisho riheruka.

Bwana Abe yariyamirije Koreya y'Uburaruko ku "bikorwa vyo kwama igerageza misire z'ubumara", inyuma y'aho itereye ibisasu bibiri ku munsi wa kane.

Hagati aho, Koreya y'Uburaruko ishimangira ko yariko igerageza "ubuhinga buhanitse bwo gutera ibisasu vyinshi ica rimwe".

Ejo ku wa gatandatu, ikinyamakuru ca leta cavuze ko "Ubuyapani bushobora kwibonera ico ari co misire y'ubumara atari kera cane".

Inama nkuru y'umutekano mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU isanzwe yarabujije Koreya y'Uburaruko kugerageza misire z'uburama.

Ico gihugu kandi gisanzwe carafatiwe ibihano kubera umugambi waco wo guhingura misire n'ibindi birwanisho vy'ubumara.

Isanamu ya KCNA yerekana ibisasu vyageragejwe ku wa kane

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Isanamu ya KCNA yerekana ibisasu vyageragejwe ku wa kane

Intumbero ya Koreya y'Uburaruko mu biganiro na Amerika - incuti y'Ubuyapani - ni uko ibihano yafatiwe bikurwaho.

Ariko, ivyo biganiro vyarahagaze kuva umubonano hagati y'abakuru b'ibihugu Kim Jong-un wa Koreya y'Uburaruko na Donald Trump wa Amerika uhagarariye atakivuyemwo mu kwezi kwa kabiri.

None habaye iki?

Ku munsi wa kane, Koreya y'Uburaruko yarateye ibisasu bibiri abihweza ibintu n'ibindi bise "ibisasu bitazwi", mu ntara ya Hamgyong iri mu bumanuko ibitera mw'ibahari y'Ubuyapani.

Mu kwiyamiriza ivyo bisasu, Bwana Abe yavuze ati: "Uko kwama igerageza misire z'ubumara igihe cose, vyerekana ko Koreya y'Uburaruko idakengera igihugu cacu gusa, ahubwo ikengera n'isi yose".

Koreya y'Uburaruko yakwiragije amasanamu yerekana Bwana Kim ahagarikiye iryo gerageza.

Ikinyamakuru ca Leta ya Koreya y'Uburaruko KCNA cavuze nijoro kiti: "Biboneka y'uko Abe ari co kijuju ca mbere kw'isi akaba n'umukehabwenge atari bwigere abaho kubera adashobora gutandukanya misire n'inkoho itera ibisasu vyinshi mu mwanya umwe, mu gihe we nyene yiboneye amasanamu".

Congeyeko kiti: "Abe arashobora kubona ico ari co misire atari kera cane kandi kw'irembo ryiwe. Abe ni ikijuju co nyaco kandi akaba n'umunyapolitike afise ivyiyumviro vyo hasi".

Ibiganiro bigeze he?

Ibiganiro hagati ya Koreya y'Uburaruko na Amerika vyarahagaze kuva aho umubonano wo mu kwezi kwa kabiri uhagarariye i Hanoin muri Vietnam.

Bwana Turmp na Bwana Kim barongeye barahurira mu karere kagabura Koreya y'Uburaruko na Koreya y'Ubumanuko mu kwezi kwa gatandatu, aho bemeranije ko bagiye gusubira kuvyura ibiganiro.

Ivyo vyarasubiye biratangura mu kwezi kw'icumi, ariko ntaco vyashitseko.

Donald Trump igihe yariko ajabuka umurongo ugabura ibihugu vya Koreya yinjira ku butaka bwa Koreya y'Uburaruko

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Donald Trump igihe yariko ajabuka umurongo ugabura ibihugu vya Koreya yinjira ku butaka bwa Koreya y'Uburaruko

Koreya y'Uburaruko yasavye Amerika guhindura intumbero imbere y'uko umwaka urangira, aho ikerekana amakenga ku nyishu yahaye Bwana Trump ku vyo yari ahejeje kwandika kuri Twitter avuga ivyerekeye uwundi mubonano na Bwana Kim.

Mu kwa gatanu, bwana Abe yari yamenyesheje ko yari yiteguye kubonana na Bwana Kim "atagisabwe", afise n'icizere ko ibiganiro ku mugambi w'uguhingura ibirwanisho vy'ubumara wa Koreya y'Uburaruko bishobora gutangura.

Yanaboneyeho n'akaryo ko kwibutsa ingene Koreya y'Uburaruko yigeze kuba inyuruza abanyagihugu b'Ubuyapani.

Mu myaka ya 1970 na 1980, Abayapani baranyurujwe na Koreya y'Uburaruko kugira ngo bayifashe kwigisha abajejwe kigendereza. Ubuyapani buvuga ko abashika 17 batwawe muri ubwo buryo, batanu gusa muri bo bakaba ari bob amaze gusubizwa mu gihugu.