Koreya ya ruguru yemeje ko yagerageje misire iterwa iva mu nyanja

Ahavuye isanamu, KCNA VIA REUTERS
Koreya ya ruguru yemeje ko yagerageje ubundi bwoko bwa misire ziraswa kure, ikigiye kwunyura cane ibintu kuva aho igeragereje izindi ziraswa hafi mu kwezi kwa gatanu.
Iyo misire - ishobora gutwara ibisasu vy'ubumara - igize iya 11 igeragejwe muri uno mwaka.
Ariko rero ikidasanzwe, ni uko iyi ishobora gutererwa munsi y'inyanza.
Iyo ntambwe irakomeye cane kuko yerekana ko Koreya ya ruguru ishobora guterera misire kure y'ubutaka bwayo.
Nk'uko abategetsi bo muri Koreya ya ruguru babivuga, iyo misire yitwa Pukguksong-3 yaguye ku birometero 450, ariko ikaba yatewe amaduga aho yageze ku burebure bwa kirometero 910 uja hejuru.

Iyo iza guterwa mu buryo busanzwe bw'amakika, bivugwa ko yari gushika ku birometero 1900, bigaca biboneka ko yoshikira Ubuyapani na Koreya y'epfo.
Iyo misire yagiye kugwa mu kiyaga c'Ubuyapani (Mer du Japon), Ubuyapani bukavuga ko ari mu karere kabwo.
Iryo geragezwa ribaye inyuma y'amasaha make gusa Koreya ya ruguru ivuze ko ibiganiro ku mugambi wayo w'uguhingura ubutare bw'ubumara bishobora gutangura hagati yayo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Iyo misire yaterewe mu kiyaga ejo ku wa gatatu isaha imwe z'ijoro, hafi ku birometero 17 uvuye ku nkengera y'ikiyaga winjira hagati mu mazi.
Kuri uyu wa kane, itororokanirizo ry'amakuru rya Koreya y'Uburaruko KCNA ryamenyesheje ko iyo misire yakozwe mu ntumbero "y'ukwikingira ibitero vyova hanze, n'ugukomeza inguvu z'ukwivuna umwansi".
Ryavuze kandi ko "ata ngaruka iyo misire yagize ku mutekano w'ibihugu bibanyi".
Nta masanamu yafashwe yerekana umukuru w'igihugu ca Koreya ya ruguru Kim Jong-un ahagarikiye iryo geragezwa nk'uko vyagenze mu mageragezwa yaheruka.

Ingaruka ku biganiro na Amerika?
Imbere y'uko iyo misire iterwa, Koreya ya ruguru na Amerika vyari vyemeje ko ibiganiro ntangamarara ku mugambi wa Koreya w'uguhingura ubutare bw'ubumara bishobora kuba "hagati mu ndwi iza".
Inyuma y'iryo gerageza, ibiro vy'umunyamabanga wa Leta wa Amerika vyagabishije Koreya ya ruguru "kwirinda agasotoro".
Amerika isaba kandi ico gihugu gufata "icemezo nyaco c'ukwitaba ibiganiro nyezina" mu ntumbero y'uguhagarika umugambi wayo w'ugukora ibirwanisho vy'ubumara.
Ibiganiro hagati y'ivyo bihugu vyarahagaze kuva aho umubonano hagati ya Donald Trump na Bwana Kim i Hanoi muri Vietnam mu kwezi kwa kabiri uno mwaka urangiriye ataco bashitseko.
Abahinga babona ko iryo geragezwa ribaye mu gihe himirije ibiganiro ryakozwe n'ibigirankana.

Harry Kazianis, umukozi w'ikigo Center for the National Interest mu gisagara ca Washington DC, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko Koreya y'Uburaruko ishaka kwerekana neza igihagararo cayo muri ivyo biganiro imbere y'uko binatangura.
Inama nkuru ijejwe umutekano mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU yarabujije Koreya ya ruguru gukoresha misire ziraswa kure.
Ico gihugu kandi kikaba caranafatiwe ibihano na Amerika hamwe na ONU kubera umugambi waco wo guhingura ibirwanisho vy'ubumara.
Hari amakuru avuga ko mu biganiro vyimirije, Amerika ishobora gusaba ko ibihano ONU yafatiye Koreya ya ruguru bihagarikwa mu kiringo c'amezi 36.
Muri ico gihe, Koreya ya ruguru nayo igasabwa kwugara ikigo ca Yongbyon gihingura ibirwanisho vy'ubumara, igaheba kandi n'uguhingura ubutare bwa Uranium.










