Kardinari w'i Vatican Becciu mu rubanza rwo kunyonyeza miriyoni 412 z'ama dorari

Cardinal Giovanni Angelo Becciu kw'ifoto ari kumwe na Papa Francois

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Kardinari Giovanni Angelo Becciu (i bubamfu ) yahora ari umwizigirwa wa Papa François

Umukardinari w'ishengero Katorika yigeze kuba akorana hafi cane na Papa François agiye gucirirwa urubanza i Vaticano, yagirizwa gukoresha nabi amafaranga y'ishengero mu kamaramaza kahombesheje amafaranga menshi mu mugambi wo kugura inyubakwa i Londres/London.

Kardinari Angelo Becciu, w'imyaka 73, niwe mwubahwa akomeye cane mu barongoye Ekereziya Katorika mu bihe vya none agiye imbere y'ubucamanza kubera gukekwako ivyaha bijanye n'amafaranga.

Yagirizwa gusohora amafaranga y'amanyaburaya, Euro, angana na miriyoni 350 (arenga miriyaridi 800 mu mafaranga y'Uburundi) y'ishengero mu mugambi utagenze neza wo kugura inyubakwa muri Chelsea watumye hatakara amafaranga menshi cane. Arahakana kuba hari icaha yakoze.

Abandi bantu icenda bakurukiranwa muri urwo rubanza nabo bagirizwa ivvyaha birimwo kuronka amafaranga ku nguvu canke kw'iterabwoba, kunyuruza no gukoresha nabi ububasha bw'akazi.

Kardinari Becciu yirukanywe mu kazi na Papa François mu kwezi kw'icenda igihe amakuru y'ugukoresha nabi amafaranga yaja ahabona.

Amatohoza yamaze imyaka ibiri yerekanye ingene Vaticano yatakaje miriyoni z'ama euro, arimwo amashikanwa, inyuma yo kugura inyubakwa yahora ari ububiko bwa Harrods kuri Sloane Square Avenue muri Chelsea, mu 2014.

Uwo mukardinari yahora araba amashikanwa mu biro bijejwe amafaranga ya Vaticano.

Ivyaha akurikiranwako birimwo kurungika amafaranga mu rudandazwa rwari rurongowe n'abavukanyi biwe mu ntara y'amavukiro yabo muri Sardaigne.

Urwo rubanza rwitezwe kumara amezi menshi. Intahe zibiri zizosasa muri iyi ndwi - ku bibazo vy'ubuhinga - zishobora kwungururizwa mu kwezi kw'icumi. Abandi icenda bagirizwa barimwo:

  • Umushingwamanza wo muri Swisse René Brülhart, yigeze kuba ariwe atwara urwego rwa Vaticano rujejwe gucungera amafaranga, n'uwari icegera ciwe Tomasso di Ruzza
  • Monseigneur Mauro Carlino, yari umunyamabanga wa kardinari Becciu
  • Enrico Crasso, yahoze ajejwe imitahe muri Vaticano
  • Cecilia Marogna, yagirizwa kugura ibintu vy'agaciro kanini ku mafaranga ya Vaticano ahawe uruhusha n'uwo mu Kardinari vy'ibikorwa vy'iperereza rya Vaticano harimwo kugerageza kurekuza abihebeye imana baba bagizwe imbohe mu bihugu bitandukanye.

Abagirizwa bose barahakana kuba barakoze icaha.

Hamwe bokwagirwa n'ivyaha, bashobora guhanishwa umunyororo canke ihadabu, canke vyompi.

Abashikirizamanza bavuga ko umuranzi akorera Londres, Gianluigi Torzi, yanyonyeje Vaticano mu gukoresha amafaranga yayo mu kugura imitahe yo muri iyo nyubakwa yo muri Chelsea yari guca isubirwawo ngo ivemwo amazu y'agaciro yo kubamwo. Torzi avuga ko ibivugwa bishingiye ku kwumva ibintu ukutariko. Ubutariyano buriko buragerageza ngo burabe ko Ubwongereza bumubarungikira.

Mu kwezi kwa kane Papa yafashe ingingo ko aba kardinari n'abepiskopi bagirijwe ivyaha bashobora gukurikiranwa n'abacamanza basanzwe - aho gucirirwa imanza n'aba kardinari nk'uko vyahora.

Umukuru mushasha ajejwe amafaranga muri Vaticano, Juan Antonio Guerrero, avuga ko Vaticano iriko irashiramwo inguvu zitari bwigere ziboneka kugira ikorere ku mugaragaro mu bijanye n'amafaranga.

Ku wa 24 ukwezi kw'indwi, ku ncuro ya mbere Vaticano yashize ahabona ido n'ido ry'imitahe yayo: amazu 4.051 mu Butariyano n'izishika 1.120 i Londres, Paris, Geneve na Lausane.

Furera Guerreo yagize ati: ''Twamenyereye gukorera mw'ibanga, ariko twamenye ko mu vyerekeye ubutunzi, gukorera ku mugaragaro bidukingira kurusha gukorera nw'ibanga."