Pegasus: Macron yahinduye terefone yumvise ko iyo yahorana yatewe n'umugera

Emmanuel Macon

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida Emmanuel Macon w'Ubufaransa yategetse ko integuro y'ivyo umutekano isubirwamwo inyuma y'aho ameyeye ko terefone yiwe yatewe

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macon yihutiye guhindura terefone ngendanwa yiwe n'inomero akoresha inyuma y'aho aronkeye amakuru amubwira ko iyo yari afise yatewe na ya logiciel maneko yakorewe muri Israel, izwi kw'izina rya Pegasus.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu vyatangaje ko Macron yaciye ategeka ko integuro zijanye n'umutekano zose zisubirwamwo.

Muri ino ndwi, ikinyamakuru Le Monde catangaje ko we n'abashikiranganji 14 b'Ubufaransa babonetse ko bashobora kuba banekwa na Maroc/Morocco.

Abategetsi ba Maroc barahakana ko batigeze bakoresha Pegasus, bakavuga kandi ko ivyo iki gihugu cagirizwa ari "ibinyoma kandi bidafise ishingiro".

Iyi logiciel maneko itera amaterefone ngendanwa ya iPhones na Android, igatuma bene kuyikoresha, aribo ba maneko, bashobora kwiba ubutumwa, amafoto, n'ubutumwa muravyo (emails). Ugize ngo urahamagaye umuntu bashobora gufata amajwi yawe, mu gihe ama micro na za camera vya terefone yawe bashobora kuvyugurura wewe utabizi.

Ntibiramenyekana neza nimba iyi logiciel yoba yarashizwe muri terefone y'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa. Ariko inomero yiwe yari ku rutonde rw'izishika 50.000 zanetswe n'abakiriya ba NSO, ikompanyi yahinguye Pegasus kuva mu 2016.

Mu bandi bavugwa ko binjiwe n'iyi logiciel maneko harimwo abaperezida Baram Salih wa Irak, Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo, hamwe n'abashikiranganji ba mbere b'ibihugu vya Pakistan, Mirisi na Maroc.

Abaharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru, abategetsi, abanyaporitike hamwe n'abarwizatunga bakomeye bo mu bihugu bitari bike nabo nyene bari kuri urwo rutonde rwagiye kubacoroka rugakorokera mu minwe n'ibimenyeshamakuru vyarushize ahabona bifatanije n'ishirahamwe Amnesty International.

Ntibiramenyekana neza igitigiri c'amaterefone yatewe n'uwu mugera.

Abategetsi ba Hongrie, Israel na Algeria bamaze gutangura amatohoza ku bijanye n'ingene Pegasus yakoreshejwe, kugira ngo barabe nimba harabaye ivyaha vyakozwe.

Ikompanyi NSO irahakana ko ata caha yakoze. Ivuga ko iyi logiciel yari ifise intumbero yo gukoreshwa mu kurwanya inkozi z'ibibi n'abakora iterabwora, kandi yo ihabwa inzego za gisirikare, abajejwe umutekano no kwubahiriza amategeko, hamwe n'izijejwe igendereza mu bihugu ataco vyagirizwa mu n'iyubahirizwa ry'agateka ka zina muntu.

Muri ino myaka ya vuba, iyi kompanyi yaragirijwe ko yahaye uburenganzira amareta y'agahotoro kwinjira mu materefone y'inzirakarengane.

NSO irahakana ivyo yagirizwa, ikavuga ko idakunze gukurikirana abantu bariko bakorerwako, ariko ko isanzwe ifise uburyo bwo kwihweza abakiriya ikorana nayo.