Pegasus: U Rwanda mu maleta yahawe ubuhinga burungika umugera muri letefone z'abantu mu kubaneka

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibinyamakuru bitangaza ko amaterefone y'abaharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru n'abanyamategeko kw'isi yose yatewe batabizi n'umugera wagurishijwe ku mareta y'ibihugu n'ikompanyi ya Israel ijejwe umutekano wo kunyabwonko (mudasobwa mu kinyarwanda).
Amakuru yashikiriye ibinyamakuru bikuru bikuru avuga ko abo bantu bari ku rutonde rw'amanomero ya terefone agera ku 50.000 y'abantu iyi kompanyi yibaza ko bakwiye gukurikiranirwa hagufi.
Ntibiramenyekana neza ahavuye uru rutonde - canke ayo manomero amaze guterwa n'uwo mugera gushika ubu.
U Rwanda ruri mu bihugu bivugwa gukoresha iyo logiciel, ariko mu 2019 Perezida Paul Kagame yabwiye abamenyeshamakuru ko u Rwanda rutayikoresha kuko izimvye cane.
Kompanyi ya Israel NSO irahakana ivyo yagirizwa vyose vyo gukoresha iyo software/logiciel yitwa Peagasus mu kugendereza abantu batabizi.
Ivuga ko iyi logiciel/software ikoreshwa mu kurwanya inkozi z'ikibi n'abakora iterabwoba kandi ko yahawe inzego za gisirikare, z'abajejwe umutekano no kwubahiriza amategeko, hamwe n'iz'abajejwe igendereza, mu bihugu bidafise ibibazo vy'agateka ka zina muntu.
Mw'itangazo yasohoye, iyi kompanyi ivuga ko icegeranyo c'amatohoza yakozwe n'ishirahamwe Forbidden Stories y'i Paris mu Bufaransa, hamwe n'ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu Amnesty International, "cuzuye amakuru adafise ishingiro kandi adafise ivyemezo".
Ibirego bijanye n'ikoreshwa ry'iyi software/logiciel izwi kw'izina rya Pegasus, vyasohowe ejo ku wa Mungu n'ibinyamakuru Washington Post, Guardian, Le Monde hamwe n'ibindi 14 bikomakomeye kw'isi.
Pegasus itera amaterefone ngendanwa yo mu bwoko bwa iPhones na Android maze abayikoresha bagashobora kwiba ubutumwa (messages), amafoto n'ama emails, bagashobora gufata amajwi y'ibiyago umuntu agira mbere bagashobora no kwugurura za micro.
Amatohoza yakozwe ku materefone makeya gusa ari kuri urwo rutonde yerekana ko ayarenga igice yose yatewe n'uwo mugera.
Abamenyeshamakuru bashika 180 bavugwa ko bari kuri uru rutonde, aba bakaba ari abakorera mu binyamakuru nka Agence France-Presse, CNN, New York Times, Al Jazeera hamwe n'ibindi binyamakuru vyinshi.
Harimwo kandi n'abagore babiri begereye uwagandaguye umunyamakuru wo muri Arabia Sawudite Jamal Khashoggi hamwe n'umunyamakuru wo muri Mexique azwi kw'izina rya Cecilio Pineda Birto yiciwe ku kibanza bogerezamwo imodoka.
Uru rutonde kandi ruriko abakuru b'ibihugu n'amareta, abari mu miryango y'abami b'abarabu hamwe n'abajejwe amakompanyi y'ubucuruzi.
Amakuru arambuye y'abatewe azoshirwa ahabona mu misi iri imbere.
Hagati aho, ku makuru yashoboye gusohorwa, ishirahamwe Forbidden Stories n'ibinyamakuru bikorana naryo, yerekana ko NSO ifise abakiriya bo mu bihugu 11:
Azerbaijan, Bahrain, Hungary, India, Kazakhstan, Mexico, Morocco, Rwanda, Saudi Arabia, Togo, hamwe na Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE).
Mu 2019, WahstApp yaritwariye iyi kompanyi NSO, iyagiriza ko ari yo yateye amaterefone ashika 1400 hakoreshejwe Pegasus.
Ico gihe, NSO yarahakanye ivyo yagirijwe, ariko iyi kompanyi yarahagaritswe gukoresha WhatsApp.












