WhatsApp: Menya ingingo zizofatwa mu gihe utokwemera amategeko mashasha ya WhatsApp

WhatsApp

Ahavuye isanamu, Getty Images

WhatsApp yavuze ko ku musi wa gatandatu uza ari wo musi wa nyuma ku ma miliyoni n'amamiliyoni y'abayikoresha kuba bemeye amategeko mashasha yo gukoresha urwo rubuga yanebaguwe cane ku zindi mbuga ngurukanabumenyi mu ntango z'uyu mwaka.

Muri izo ngingo, urwo rubuga rusaba abarukoresha, uretse ababa i Buraya, kwemera gusangira amabanga na facebook, kompanyi nkuru y'urwo rubuga rukoreshwa mu gutumatumanako amakuru.

Kuva kuri uyu wa gatanu, abazoba bataremera ayo mategeko mashasha, bazokoroherezwa muri bike.

Ku rubuga rwa WhatsApp bavuze bati: "Nta munywanyi n'umwe tuzofuta canke urwo rubuga barwakwe gushika kw'itariki 15 z'ukwezi kwa gatanu."

Ariko n'ibihe bizoshika mu gihe uzokwanka kwemera ayo mategeko mashasha?

Kudashobora kubona ubutumwa

Gushika itariki 15 z'ukwezi kwa gatanu, abatazokwemera amategeko mashasha ntibazoshobora kubona urutonde rw'abantu bandikiranira buguruye WhatsApp.

Ariko uzoshobora kwitabira kuri WhatsApp eka mbere no kuri video.

Iyo Kompanyi ivuga iti: "Mu gihe ikibanza co guhanahaniramwo ubutumwa kigikora, ushobora gufyonda kugira ubusome canke ukishura uretse guhamagara abakubuze haba kuri odiyo (audio) canke kuri video."

Abo banywanyi bazoguma bavugana n'abo bahora bavugana biciye ku butumwa buzoza buribonekeza kuri skrini (screen) wakije telefone.

Uteremera gukurikiza amategeko mashasha ya WhatsApp ntuzosubira kubora urutonde rw'ubutumwa bw'abo muganira

Ahavuye isanamu, WhatsApp

Insiguro y'isanamu, Uteremera gukurikiza amategeko mashasha ya WhatsApp ntuzosubira kubora urutonde rw'ubutumwa bw'abo muganira

Mu gihe inyuma y'indwi zike abakoresha whatsApp batazoba bataremera ayo mategeko ntibazoshobora kwitaba canke guhanahana ubutumwa ku matelefone yabo.

Ubutumwa bwo kwibutsa

WhatsApp ivuga ko mu ndwi zike ziheze yagiye irungikira ubutumwa abanywanyi bayo bwo kwemera amategeko mashasha ku batari bwayemere.

Yavuze ishimitse ko mu misi mike iri imbere, ubwo butumwa bwo kwibutsa abanywanyi buzogaragara kenshi cane gushika aho abakoresha whatsApp bateba bagafata ingingo.

N'aho urwo rubuga rutazokurikirana abatazoba bemeye ayo mategeko mashasha, WhatsApp izokurikiza amategeko yayo ngenderwako ku makonte atagikora.

"Ayo mategeko avuga ko igihe umunywanyi azomara imisi 120 adakoresha urwo rubuga, ikonte yiwe izoca ihagarikwa mu ntumbero yo kugabanya ibiri mu bubiko no gukingira amabanga y'abantu.

Abanywanyi barashobora kwimurira ahandi urukurikirane rw'ubutumwa rwabo nk'uburyo bwo gutuma badatakaza ubwo butumwa bwabo.

Amategeko mashasha atabonwa kumwe

Mu ntango z'uyu mwaka, WhatsApp yaramenyesheje ko hagiye guhindurwa amategeko y'ingene ikoreshwa.

Yavuze ko bumwe mu butumwa bw'abanywanyi bayo nk'ubutumwa bugufi buzorungikwa muri facebook kandi ko ishobora no kubikora uko ku mbuga za Instagram na Messenger.

Abakoresha WhatsApp ku mugabane wa Buraya n'Ubwongereza, n'aho ari itegeko kwemera izo ngingo nshasha, ntakizohinduka kuri konte zabo.

Ayo mategeko mashasha yatumye haba ibibazo vyinshi ku mabanga y'abantu.

Bamwe mu banywanyi baratanguye kuva kuri WhatsApp bimukira nko kuri Telegram na Signal.

Ivyapa vya WhatsApp na Facebook

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ivyapa vya WhatsApp na Facebook

Uko kunebagurwa ni ko kwatumye WhatsApp ifata ingingo yo guhindura umusi wa nyuma wo kwemera ayo mategeko gushika kw'itariki 15 z'ukwezi kwa gatanu, kugira isigure neza inkuru z'ibinyoma zijanye n'izo ngingo.

WhatsApp igira iti: "Dushaka gusigura ko ayo mategeko mashasha ata ngaruka iyo ari yo yose azogira ku mabanga y'ubutumwa abanywanyi bazoba bahanahana n'abagenzi babo canke imiryango."

WhatsApp na facebook nta bushobozi bafise bwo gusoma ubutumwa bwawe canke kwumviriza ivyo muvuganira kw'itelefone n'abagenzi bawe, abo mu muryango wawe canke abo mukorana bari kuri WhatsApp.

Ikintu cose uzorungika ni we gusa uzoba ukizi, ni ko urwo rubuga rwavuze mw'itangazo rwasohoye ku musi wa mbere.